Accueil > Poritike > Imigambwe > Manasse Nzobonimpa yasavye ibintu indwi umukuru w’igihugu Petero (...)
Manasse Nzobonimpa yasavye ibintu indwi umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
mardi 10 Ntwarante 2015
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yarungikiwe ingingo indwi ategerezwa gushira mu ngiro, nk’uko abisabwa na Manasse Nzobonimpa, yahoze ari umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD.
Mw’itangazo uwo yahoze ari somambike w’umukuru w’igihugu, Manasse Nzobonimpa yashize ahagaragara kuri uwu muhingamo w’igenekerezo rya 10 Ntwarante, avuga ko Inama nkuru y’inararibonye, Nkurunziza ategerezwa kuyisambura, umugambwe ugasubira kugendera ku mategeko y’umugambwe CNDD-FDD igihe wahinduka umugambwe igenekerezo rya 07-08/08/2004.

Asaba abagumyabanga bitwa ko bari muri iyo nama nkuru y’inararibonye bacemera za ngingo zafundikirwa i Gitega kuri nya magenekerezo ya 07-08/08/2004, kuvavanura n’iyo nama nkuru y’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD, mu kiringo kitarenze imisi indwi, kuva iri tangazo rigiye ahabona nk’uko abandanya abivuga. Muri iyo minsi indwi rero, Manasse Nzobonimpa agasaba ibi bikurikira umukuru w’igihugu :
1- Gukurikiza ata guhigimanga ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi n’amasezerano ya Arusha ku bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu.
2- Gushengeza General Adolphe Nshimirimana kugira ngo ubutungane bumubaze ibijanye n’amabi yagirizwa, cane cane ababikira batatu bagandaguriwe mu Kamenge.
3- Gusambura umurwi CENI ukajamwo bose, ugatanga imihoho mu kiringo cavuzwe haruguru, tutibagiye guhagarika iyandikwa ry’abazotora gushika irindi yandikwa riciye mu muco.
4- Guhagarika uturwi tw’abicanyi twiyitirira Imbonerakure twaronkeye inyigisho mu gihugu kibanyi ca RDC ahitwa KILIBA ONDES n’abandi banyamahanga, bategurira hamwe ubwicanyi mu bihe vy’amatora, no kwirukana mu gihugu cacu abo banyamahanga tuvuze.
5- Gusigurira abarundi ibijanye no gucukura ubutare bwa NICKEL mu ntara ya Cankuzo.
6- Gufungura abafungiwe ivya politike bose no guhagarika imanza z’irementanya babageretseko.
7- kureka abanyapolitike bose bari hanze bakagaruka mu gihugu no kubacungerera umutekano tutibagiye kubarekera umwidegemvyo.
Tukabamenyesha ko muri iryo tangazo, Manasse Nzobonimpa agaragara ari kumwe na Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD, aherutse gutoroka ibohero rikuru rya mpimba, kugeza ubu akaba ata n’umwe azi aho ari.
Aristide Nizigire
Messages
11 Ntwarante 2015, 02:51, par Nuwera
Uyumugabo nibikivyamufashe!? Nzobigarukako ubuntamwanya.
11 Ntwarante 2015, 09:00, par jonasBra
Manase uri umushingantahe tworonka10 nkawe igihugu coyogorora.
11 Ntwarante 2015, 10:14, par richard
Uburundi burahanzwe Gabo abicabagakiza za2004/2007 bogeyekuboneka ewe peter urahazwe nuveko nabadibatware
11 Ntwarante 2015, 10:20, par uwashishwe
ewe yemwe aho aba dd babwigwa ntibumve, bakerekwa ntibabone, ubu ho bagira bakabone. Ivyo batekeye vyose bigira bibatekurukane. Abagira bagwe ruswi ni za malaya z’abatutsikazi zari zimenyereye zironka amahera avuye mu bahabara bazo, hatibagiwe na sida! ubu ho ngo isigaye ifise imigwi ine. Abitwa ko ari abagabo bazo nabo bubakanye, itera bwoba ryahora ribazingamitse rije hejuru, emwe! ndabarahiye hatazosambuka ingo zitari zike! abahagorewe ni abana babo gusa!!Igihe ca "sokwe niruze" kirarangiye. WE NEED CHANGE BURUNDIANS BROTHERS !! GO AHEAD MANASSE AND EL HADJ HUSSEIN RADJABU !!!
11 Ntwarante 2015, 10:41, par Igihe
None ko atavuze ikizoba iyo misi 7 ni yahera ivyo yasavye bitubahirijwe? Azoca atanguza intambara? Ni adusobanurire neza kugira ngo Abarundi twitegure.
12 Ntwarante 2015, 08:09, par mayagata
mbe manasse ko wanutse n amaki
12 Ntwarante 2015, 08:13, par mayagata
mbe manasse ko wanutse n amaki
14 Ntwarante 2015, 06:48, par Nuwera
Manasse, wavutse uvugako intwaro zarizihari bikunze muzohigura wagiye gushika kucowakifuje urengeje imyaka 40 yamavuko, nururugamba winjiyemwo harura iyindimyaka irenga mirongo 40 izoheza ugishikire, urazotera icondakwemereye abuzokwica ntibazobura basha ushobora kwica nigitigirikirenga icowahitanye murugamba wahozemwo ekayemwe nabasirikare bigihugu uzobireza hanyuma mumyaka mirongo 90 yamavuko ushikire igihugu uzotwara atamuntu numwe yitwako yarumukunzi wa Nkurunziza akikiriho! Ntuntumeyo hariya iwabo wa Manasse abanabararira Manasse ntiyumve oyantuntumeyo.
3 Mukakaro 2015, 20:42, par Caa
Reka Amator Ab Urubug Ruzobasor