Accueil > Poritike > Imigambwe > Moise Bucumi :’’Gerevazi Rufyikiri ari mu babangamiwe kubera ikiringo ca (...)
Moise Bucumi :’’Gerevazi Rufyikiri ari mu babangamiwe kubera ikiringo ca gatatu’’
dimanche 21 Ruheshi 2015
Bucumi Moise, umushingamateka w’umugambwe CNDD FDD, aremeza ko hatanzwe ibirwanisho ku banywanyi bamwe bamwe b’uwo mugambwe, ndetse akavuga ko vyatanzwe hisunzwe ibice birwanya rwose ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Bucumi Moise iyo ari mu buhungiro, avuga ko abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu mugambwe CNDD FDD atari bake, ariko bakaba bamwe bamwemezwa ku gitsure. Uwo mushingamateka avuga ko abategetsi batari bake b’uwo mugambwe batanguye kugirwako iterabwoba risa n’ukubarya umutima kugira bakunde bemeze ico kiringo ca gatatu, ivyo akavuaga ko vyakorwa kugira n’abasanzwe b’abagumyabanga ntihagire uwohirahira ngo avyure umutwe mu kurwanya ico kiringo.

Yavuze ko abategetsi bakomakomeye muri uyo mugambwe uhereye kuri we yigeze kuba umushikiranganji, aratwara n’ibindi bisata bihambaye vy’umugambwe CNDD FDD, avuga kandi ko n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, uwahoze ari umuvugizi w’umugambwe Onesime Nduwimana bose batorohewe kubera ico kiringo, hamwe n’abandi benshi bahunze eka n’abakiri mu gihugu. Uwo mushingamateka ariko akaba yameza ko, abariko bararwanya ico kiringo atari abatutsi gusa nk’uko bivugwa na bamwe mu bari muri uwo mugambwe uri ku butegetsi. Aremeza ko ico kiringo kiriko kirarwanywa n’abahutu n’abatutsi bashaka ko igihugu kigendera ku mategeko.
Ariko akavuga ko ibirwanisho vyahawe bamwe mu kurwanira ico kiringo, bizotuma haduka intambara hagati y’abonse rimwe mu Burundi.
IGIHE
Messages
21 Ruheshi 2015, 11:45, par jamarie
ni akamaramaza pe!ubu president agume ahendwa na adolfe kandi abona abagumyabanga bamuhezeko?nareke rwasa nawe arye.umugani wikibwa caciye kukiro gifise inyama.kandi ngo umwana wisema arirana ubutsima mu ntoke.akarindira kurwiza amakoso azoyahanirwa yose mais avuyeko kuneza azobabarirwa.bazosigarana na adolf gusa
21 Ruheshi 2015, 12:11, par Bucumi
Iherezo ryavyose n’urupfu none mwibaza ko batazopfa? Canke bakiveko? Mushire amaso kurubuga mwirabire ibiri imbere.
21 Ruheshi 2015, 12:37, par Pascal
umushinkamateka Moise Bucumi havuze yuko tarivyubwoko biri mu Burundi,ndamubaze,bwira aho abahutu bahungiye? ?kotuziyuko mu Rwanda hara batsi.Nureke kutubesha,twaraciyu ubwenge.
21 Ruheshi 2015, 12:48, par Dukuze
Biratey ubwoba ivyo bintu.none uburundi n abarundi bigiye kuba ivya nde?arik ibuye riserutse ntirib ricishe isuka! amakungu n ishirahamwe onu nibibihutire nyabuna gutabara abarundi hataraduka ibara nayahandi onu izokwagirizwa kwinkumbi zaguye irorera.
21 Ruheshi 2015, 13:19, par Nzendab P
IGipfa Caburiw Nimpongo Mbega Ko Aguma Anana Azoshikana Ryari?Mana Dufashe.
21 Ruheshi 2015, 13:51, par Johnson
Vraim Ivyo Bintu Sivyiza Nagat.Kuberki,atobisa Abandi?Ico Nsavye Nuko Bokumvikan Bigahera.Arko Nibaza Kw’Imana Ibibona Kandi Izi Iherezo Ryavyo.Gikuru Dusenge Imana Izodushoboz.
21 Ruheshi 2015, 14:06, par Nzobonariba
Kwiba Ingoma Ntibigoye Ikigoye Ni Aho Uyivugiriza!
21 Ruheshi 2015, 14:08, par Nzobonariba
Kwiba Ingoma Ntibigoye Ikigoye Ni Aho Uyivugiriza!
21 Ruheshi 2015, 14:08, par Kanyosha
Oya urintakugenda, ubonye igihecawe cokubindongozi carikigiye kurangira none uciye usimbira kwakira kwakira amahera yabishizehamwe bagakora igishirahamwe cokwegeranya amafranga yokuzoza baraha abantu bamezenkawe bemeye kuranduza amajambo yukurementaniriza benewabo nabashikibabo! Yemwe ba Gahini ntahobabuze. Hanyuma uvuzeko ivyokwuyamiriza Nkurunziza bidakorwa nubwokobumwe, ariko rekandakubaze? Kuri Buyoya konzihakozwe amabimeshi nabashingamateka bangahe bamuhanuye hanyuma babona ntabumviye bagahunga? Kuberiko kuvakera harihabahutu bahondaguwe ariko ntihagire abarinunzego bagenda hanzeyigihugu kuvugirayo amabi arikwarakorerwa ubwoko runaka? Nagombakukubwirako nakere mugihe comumyakayaza 72 hariho uduhutu wamengotwararozwe wasanga amaso yaradukanutse twirirwa turagambanira benewabo nkukomubibona uyumusi. Arikuburero mwashaka mwoteshwamugata nivyobihugu vyiyemejekubashigikira bizobonako bitakimezenkakera, utwotugabo twiyitangonicabwege ubudusigaye dusumbwa nabanyagihugu batobato, mbegurazi icatumye abarimumyiyerekano babireka? Ndakubwirako babonyekure, kuko ntakuntu umuntu yokubwira ngukore ikinturunaka ngokugira igihugucawe gifatirwe ibihano ruhasha kandi ariko unabamwo arikowareba uwuguhimiriza ugasanga yarakuyemwo abiwe noneho ngonuko utize ngowemere Ko akomeza kugutegeka ngukomeze guteribuye ahowateretse igisabo ngukomeze kumwumvira!.
21 Ruheshi 2015, 14:12, par niyonkuru
Bakomeze babivuge ukurikumenyekane kwibiri muri cdd kugira namahanga abimenye
21 Ruheshi 2015, 14:17, par rutumo jean
PFA MWAMBAY IYO MUZA KUBA MURI BENSHI MWARI GUHUNGA IKI? KUBERA IKI IMYIYEREKANO YABEREY MUMA QUARTIER Y’ABATUTSI? UBU YAHEZ MURIKO MURAMARA. GENDA MUKIBIRA ARIKO NTIMUZOKWOROHEGWA!
21 Ruheshi 2015, 14:31, par Leonard Gabriel Nduwimana
Biciwe ninda inkurikizi azoyibona ntiyibazi ko ari umuntu uhambaye
Iyo umuntu akurikije amategeko yiberaho neza ariko kuwutayakurikije nawe asigara aricuza
IYO BUMENYA UMWE BWARI IKI
21 Ruheshi 2015, 15:01
eduard
21 Ruheshi 2015, 15:06, par gent
Abo uvugira n,abagabo urabareka bivugi barakuze kiretse bagutumye
21 Ruheshi 2015, 15:13, par cyriaque
muraraba neza nankurunziza naho bitavugwa yoba yahungiye iwe muri komine mwumba kandi amaze imisi ine adasohoka gushika amatora yambere aheze nawenyene arimuyabira!!!tohoza murampinyuza
21 Ruheshi 2015, 15:13, par birahinduka
Erega nyene ivyo birwanisho nivyo benshi bahunga,bavugako hari comission ijjwe kwaka ibirwanisho abatabifitiy impusha ariko nukurabaa,niband bavyaka?bavyaka band?emwee abahunga icokiringo ca 3 n’ubu barikobaragnda,mpaka arekuy"Akataretse kaba gasema".
21 Ruheshi 2015, 15:17, par edmund
ntamvura idahita kandi intabarirwa ibwibwa nuko amaso atukuye
21 Ruheshi 2015, 15:26, par Roger nsabimana
Bucumi ararushe n’aruhuke kuko umugambwe awuziko bike.Yononye kera mukwiyitirira ibikorwa vya reta ko ari rwiwe mukumoso iyo avuka.
21 Ruheshi 2015, 15:33, par masabo
We jamarie vuga make president canke adolphe nta numwe mungana muri abo nivyo bakora ntanivyo woshobora wewe. Iyo ntambara muzoyirindira muyibure ahubwo nimwe muriko muyitera muciye muma grenade. Mannifesttio yabananiy ubu mwimukiye ku ma grenades naho nyene ntimuzoroherwa harigihe yohera kuri mwwbwe muyatera
21 Ruheshi 2015, 15:42, par Uwimana
Ahubwo Tuguma Turwira Abagumyabanga Twebwe Turipanze Urubanza Nikuwambere Abasi Bacu Muzorara Muhunze Muragowe.Turabashiririza.
21 Ruheshi 2015, 15:50, par Ben
JEWE BEN....SINUMVA UKUNTU TWEBWE ABARUNDI TWIHENDA NGO NKURUNZIZA NGO BA ADOLPHE BARAMUHENDA?EBANA IVYO AKORA,IVYO AVUGA,ABO YISHE,ABO ARIKO ARICA UBU,S’UMWANA IVYO AKORA ARABIZI NAHO ABO BAHUNGA ABE BUCUMI MOISE ,ABE RUPFYIKIRI?CANKE JEWE BEN ...GUHUNGA CANKE KUVA MURI CNDD FDD CANKE MU MUGAMBWE UWARIWE WESE SIKO GUHANAGIRWAKO ICAHA WOBA WARAKOZE!!!!!! ABARUNDI NIBAHEZA KWIKURAKO UBUTEGETSI BUBI,UBUTUNGANE BWUKURI BWUZURIZA BOSE BUKAZA TWESE TUZO BAZWA IVYO TWOBA TWARAKOZE
21 Ruheshi 2015, 15:50, par potient karibwami
bwana depute ntaco utumariye kuko utabivuze imbere yigihe,hama uburundi bwubakiye kumacakubiri ngo 60% hutu na 40%tutsi ibwirizwa nshingiro murarikosora nuko rimeze,hama ngo ntavyamoko?uritonda ube gaciyubwenge
21 Ruheshi 2015, 15:51, par vyunguza Marie rose
Ahubwo mbona nabobatutsi muvuga ntabo!ko bavuga quariers zitarenga4!
21 Ruheshi 2015, 17:50, par @NIYONG4
Bagabo jewe ivyo mbona igihugu camaze kurwa mukaga,abafise iyo baja nibigire!
21 Ruheshi 2015, 17:51, par @NIYONG4
Bagabo jewe ivyo mbona igihugu camaze kurwa mukaga,abafise iyo baja nibigire!
21 Ruheshi 2015, 17:52, par PETIT
MUTAMA MOISE UBURUNDI IMANA NTIYABUHEVYE BANDANYA MUVUGA UKURI KANDI MUGUSHIGIKIRA
21 Ruheshi 2015, 18:15, par King
Bandanya Uduha Inkuru Kuko Peter Yadusesemye We wirambire Agirimana Imizimoyiwe Imutore Nayahandiho Sindababesha Tuzomubagira Ibwa Zimurye Kuko Nihoyoyumva
21 Ruheshi 2015, 18:44, par jando
nahebe arekere abandi
21 Ruheshi 2015, 18:50, par KUGIHE
Ewe bucumi, nikuberiki watevye kuvuga ukovyagenze mugutanga inkoho? babwire nabo bazihawe kuko urabazi, uti petero ntibikunda kwatwara ikiringo cagatatu. kugwana vyovyo murazi komwananiwe mugataha kubera ibiganiro, uti mwebwe muriko mwiyimbira icobo.
21 Ruheshi 2015, 19:27, par Ndagie Pierre
None Vyoshoboka Gabanyakwubahwa Ko Muduha Urutonde Rwabacngamiwe? None Habuziki Kugira Ibwirizwa Nshingiro Ryubahirizwe?Jewe Mbona Atamutekano Ukwi Nond Bandanya Mudutohoreza Kuko Ubu Twumva Amakuru Ajanye Nimyiyamamazo Ya Cndd Fdd Mukurangiza Ndabibutsa Ko Bible Iduhanura Ati<uhanugwa Kenshi Akagamika Izosi Azovunagurwa Atagira Gitabara>
21 Ruheshi 2015, 19:30, par Siyigaya
!mbega ivyuburundi ninde,azobitatura? ni oni canke Inima Emwe Jewe Nzoba Mbona
21 Ruheshi 2015, 20:13, par Deogratias Sinzinkayo
Ugasangwa ivyo Moïse Bucumi avuga ari ukuri, numva Uburundi ataho buva ataho buja!
21 Ruheshi 2015, 20:40, par nshimirimana eduard
ivyo muburundi ningoranegusa ntanumwe akunda uburundi bose badupfindanirako umuti.nuko boganira bakareka kwisamburirako nkimpene
21 Ruheshi 2015, 20:50, par Mumpe
Ewe moise nuko nyene bakubeshera bakwandikira ivyo utavuze vyoba arivyo nokwibariza umukino wakiniye mubunyuro mubiro vy’intambwe hejuru yo mucaga ukantahuza barya banyeshure ico wabaziza uwo binaniye avugango ikirago kiranyerera pu genda ntutumenere ikoti
21 Ruheshi 2015, 21:22, par Nizeyimana Diallo
Ivyo mu burundi bizotaturwa n’imana yonyene naho abantu wapi kabisa,mubandanye mudutohoreza amakuru murazi ko ama radio twakunda atagisamira.
21 Ruheshi 2015, 21:31, par DONATIEN
EZEBERI,AGISEA AMARASO YANABOTI:<AHUUUU.BIRAHE URUZABIBI NDARUTSINDIYE> IMANA ITI:<EWE EZEBERI HO IBWAZARIGATIYE AMARASO YANABOTI NIHONAYAWE ZIZOYARIGATI UZORWA KUMUSOZI UBURE GIHAMBA>
21 Ruheshi 2015, 21:49, par LISSON BURUNDI
NIHATALI KUBONA ABATEGETSI BASUBIRANAMWO KANDAMASENDIKA YOSE ARI RWABO.SIMBONA INYUNGU BAHARANIRA.AHUBWO NIBAJEHAMWE BATORERUMUTI ICOKIBAZ KUKONATWEBWE ABANYAGIHUGU TURAHAGIRIRINGORANE.HA-!<ABAGABO BARARYA IMBWA NIHATALI KUBONA ABATEGETSI BASUBIRANAMWO KANDAMASENDIKA YOSE ARI RWABO.SIMBONA INYUNGU BAHARANIRA.AHUBWO NIBAJEHAMWE BATORERUMUTI ICOKIBAZ KUKONATWEBWE ABANYAGIHUGU TURAHAGIRIRINGORANE.HA-!<ABAGABO BARARYA IMBWA ZIKISHURA.>
21 Ruheshi 2015, 22:14, par buzimana
nkaho ndavyita guta wakuba.wew vyose mwabitanga ubizi unabishigikiye nn ubonye ikibanza wemerewe utazokironka utanguye kuduma usarambwa ngo hatanzwe ibirwanisho,mwese ntaciza tubitezeko nimba abazungu bakwemereyw uduharage ubu niho ubonye ubivuga,nawe urubanza rurakurindiriye urekur ubwirabure
21 Ruheshi 2015, 22:18, par Bimana
Mwese ninda zibatma.ba kavyna buhiy hanyma iyibntu bihnduts mugca muhmuka.dukney abagabo bijmbo badater8gtsure nabzungu.
21 Ruheshi 2015, 22:59, par Muhututsi
Ivyo Moise yavuze benshi bahora babinuganuga ariko ubu ko bivuzwe n’uwubizi neza ntakindi cemezo tugikeneye. Gusa Moise aragaba kuko abo ameneye ibanga umusi bazomufata bazomumesa !
21 Ruheshi 2015, 23:46, par Bayisabe Pacifique
turaziko ari ikinyamakuru cizewe nabose reka imana ikore nibindi biracaza
21 Ruheshi 2015, 23:56, par nyishu
Nukuri nta muntu numwe ari muri pokitik y’uburundi azi icokiza abarundi inzara intwaro yigikeny cank ubutungan bubi kuko bose baza bashaka gucinyiza gusa rero umuti urama nuyu nimurek mwese kumva ko muri kahis hari ivyo mwakoz bibi abarundi mubasab imbabazi hama mwabaa nyepolitik mwe nta numw atagirizwa icaha cank ubusuma ubwicanyi hama mwubak igihugu ata warya wangura ivyo twakoz bitwigish twubak kazoza turi hamw hama uwo wes ashaka kuducanishamwo tumwivun turi hamw twes uprona frodebu cndd msd fnl nizindi nivyo barundi
22 Ruheshi 2015, 04:02, par NAHUMUREMYI PIERRE BRICE
IGIKWIYE NUKO ABANTU BOKWIHANA IVYAHA ABIHANYE NABO BAKIRINDA KWIYANDUZA KUGIRA NTIBAHOMBE UBUGINGO BATEGURIWE IKI NIGIHE BIBIRIYA YAVUZE C’INTAMBARA N’IMPUHA ZAZO ABERA NIMUREME IYO URUGAMBA LUKOMEYE RUBA RUGIYE KURANGIRA LUC 12.49
22 Ruheshi 2015, 04:17, par NAHUMUREMYI PIERRE BRICE
IGIKWIYE NUKO ABANTU BOKWIHANA IVYAHA ABIHANYE NABO BAKIRINDA KWIYANDUZA KUGIRA NTIBAHOMBE UBUGINGO BATEGURIWE IKI NIGIHE BIBIRIYA YAVUZE C’INTAMBARA N’IMPUHA ZAZO ABERA NIMUREME IYO URUGAMBA LUKOMEYE RUBA RUGIYE KURANGIRA LUC 12.49
22 Ruheshi 2015, 09:21, par muremesha amahoro
Mana urakoz ku_ mabanga menshi anyegejw kdi mabi yari yateguw na herodi n’ingabo ziw ku gihugu aguma amenyekanya kdi uzitirir nabayavuga, Bantu mu gikunda igihugu twarazw na Rwagasore na Ndadaye ni tuje ku mavi ,dushikame,se kibi n’ingabo ziw n’ibibi vyabo vyos bategura bib sans effet au nom de Jésus Christ de Nazareth,,imiryango muhekura,ababikira mwish naba Seigneur muri ko muhama Imana Rugira vyose irabibona kdi niyo izoduhorera
22 Ruheshi 2015, 09:55, par NIYINGABO
NONEBAHUNGA.IKI
22 Ruheshi 2015, 10:40, par Kanyange
None ivyo vyoseko mubibona umunyagihugu mumufashije iki muri iki gihe imiryango yanyu myayihungishije. Ubu mwese muvugira kuri twebwe tutagira iyo tuja twiteze kugwa mu bana mwe n’amakungu murorera. Ariko Imana ni Nkuru
22 Ruheshi 2015, 11:26, par Helve
Moise ngaho ntimubona ko mumurenganya? mugomba avuge nabi ubutegetsi ari mugihugu? uwuvuga gutyo nukwirengagiza ukuri kuko nawe nyene ntaco wovuga kinyuranije nubutegetsi ubamo ngira woba udafise ubwenge.
22 Ruheshi 2015, 11:59, par maitre
Ahubwo uwo mugabo politik yamunaniy twebw aho turi umutekano umez neza kandi mvuka muntar bucumi avukamwo bamenyerey kugir mumodok nzizanza mutam Pero nkurunziza nakomer tuzomutora ramba
22 Ruheshi 2015, 13:20, par hermes
Uwo Mushingamateka ntaswaganya mukuvuza aninga ayica umurya.Ahubwo ashiramwo n’ubujuju hejuru.None ko atibuka ivyo yavuze ngo ba Kabisa n’abandi hanyuma agahita ata quartier ya Gasenyi agahunga none ngo bwe bwe...
22 Ruheshi 2015, 15:22, par vianney
Ndashimiye abamtu babona ko igihgu cacu kiriko kija mumanga kitagira muwuzokirokora kiretse Imana yo mw-Ijuru, abarundi twirinde kugwanira abanye politique bikenereye gutwara babanje kudutwanga amahiri imbugita ninkoho, barundi muze tuve ibuzimu tuje ibuntu twibuke ko kubiba amacakubiri bifise ingaruka mbi kuri wewe uriko uyabiba no kumuryango mbere nigihugu cawe cose dtwige gukundana.
22 Ruheshi 2015, 16:09, par elyse
none mweho ko mutnya guhangana nawe?
22 Ruheshi 2015, 16:37, par nduwimana
wapi nareke kubesha twebwe namahoro aho tubaye
22 Ruheshi 2015, 21:04, par fufu
Ese ivyo bivugwa vyogir ico vyoza birigisha abarundi
23 Ruheshi 2015, 04:57
Ivyo yavuze ntanakimwe gishasha kirimwo biboneka ko yabitamitswe naburya yabazwa n umunyagwanda nyene! Ibinyoma biraho Biramenyerewe, vyabaye intambo, baribakwiye guteshwa bagaheba ubgo bubeshi umunyagihugu akabaho atekanye!
23 Ruheshi 2015, 05:06, par Gino
Ntagishasha kirimwo nakure ububeshi ngaho!
23 Ruheshi 2015, 05:20, par Manirakiza
Uburundi Imana Yabuteguriye Ibihano.Kubera Abategetsi Babwo Kuva Kungoma Yamicombero Gushika Kuya Cndd Fdd Bagiy Biringira Satani Aho Kwubaha Imana.Rero Imana Vyayi Sesemwe.Igomba Ibugezeho Inkota.Reka Rero Ishaka Ryimana Riranguke Mureke Kwimena Umutwe Ngo Hari Umuntu Buntu Yokiza Uburundi.Personne! Mana Shitsa Kuburundi Ico Wabuteguriye Amen.Cfr Prophete Gakwaya Damascène
23 Ruheshi 2015, 06:14, par mugisha
Mbe Moïse wa mufaransnsakazi wica Agnès waramurishe?sha aribirwanisho nawe wasize utanze vyishi nô munzu iwawe polisi yarabisatse irabitora.
23 Ruheshi 2015, 06:14, par mugisha
Mbe Moïse wa mufaransnsakazi wica Agnès waramurishe?sha aribirwanisho nawe wasize utanze vyishi nô munzu iwawe polisi yarabisatse irabitora.
23 Ruheshi 2015, 08:09, par CELESTIN
politique nakayobera bahnga arko muburndi dukomeza kubona intwari mukomere mwigishe abandi kwanka amafuti
23 Ruheshi 2015, 19:40, par SABUSHIMIKE JAPHETI
TUTAHENDANYE UMUNTU BAMUGWANYA KUBERABAMWANKA NIBA ABANYAGIHUGU BAMWANKA NABASABA GUHUNGUKA BITABIRE AMATORA BITORERE UWO BASHAKA ATARIVYO IZOBA ARIMVO YAPORITIKE
23 Ruheshi 2015, 20:50, par EMMANUEL
NI TUREKE GUPFA IVYISI KUKO TUZOBISIGA AHA MANA GARUKIRA TWEBWE ABARUNDI
23 Ruheshi 2015, 22:38, par ndageo
Ukwo nukuri. Ivyo birwanisho ninkoho ziri mubwoko bwa karashinicof priant na karashinicov isanzwe na ma grenad zitwa dix tone kuko naje narabibonye bariko ba mpropoza kuja muburundi muri iyomvo ariko ndavyanka
23 Ruheshi 2015, 23:16, par NKESHIMANA
MANA TABARA ABARUNDI KANDI ISHAKA RYAW RIRANGUKE! KUKO BIRAKOMEYE!
24 Ruheshi 2015, 03:54, par Munezero arex
Ibigwanisho mubabitanze yarimwo ariko yibuke wamuzungu nivyoyakoreye abatutsi karitie sanzu yibuke 2011 . Ahibigwanisho barompwe na baramazane kandi akaba ari mubantu 60 batemerewe kurenga imbibe yibukekandiko harimiryango yangaje ubu arimpunzi uganda kenya kongo ahubwo un nimufate yishure ibigoritwariye aje irahe kubazwaneza jewe ndiyemeje kuzomwagiriza vyishi ndabizi
24 Ruheshi 2015, 08:28, par ntirandekura.amossi
ndakwemera.mutama.bucumi.bosebobankawe.amahoroyoboneka.bakavuga.ukuri.mbe.abona.iki.uwomuprezidawacu?jenagiyekubibona.amaradio.avugukuri.nkamwe.yaraturiwe.ayandi.arugarwa.muga.siwe.uwuvyiteye.ntibimuterisoni.biragaragara.kwakoreshwa.atarikumwe.niyaturemye.mubandanya.ukuri.murakoze.
24 Ruheshi 2015, 18:56
NDUWAYEZU Audifax
25 Ruheshi 2015, 06:26, par kelly
Nihatari umuntu atunz aca ava mur reta ew rufyikiri izina niryo muntu hotel tropitel iraterana ubwishim ab yutiba reta ukayubakish uba wavuy mur reta mais manda yiw yariko irahera abony atagiti yoronka mur reta
25 Ruheshi 2015, 08:06, par ntunzwenimana john
Ohhhhh mon Dieu que ta volonte soit faite dans mon pays natal!!
25 Ruheshi 2015, 15:05, par Kadogo
Uwo Mugabo Nah Yokoresh Inguv Zigana Gut!Ntashobor Kuzotsind Abashingantah Bar Kwisi Yos Ngo Bamushigikir.Abemez Ko Yokwitoz Kand Nobasab Ko Borek Gukangw Nubus.Kok Na Daniel Baramutay Mugob Gw`intambw Ntaco Zamugiz.Abagumyabang Berekany Ubugab Mukutamushigikir Imana Ibahezagir.
28 Ruheshi 2015, 09:31, par Alias
Ndababazwa N,umuntu Akiri Mubuja Bwa CNDD EFDD,ese nkabashira amakuru ngaha kugra bagre ico bavùze kumakuru aba yavuzwe,nkumva bamwe barashigikiye ikirinngo ba 3 ca nkurumbi ,abo mamushikiye n,imipfu nyene nka nkurumbi
4 Mukakaro 2015, 10:47, par omar
Nimba nibuka neza, BUCUMI Moise ama radio nka RPA yaramuvuzeko ibintu bitandukanye atari vyiza vyaba muri province Ruyigi bijanye no guhungabanya agateka ka muntu, kenshi vyavugwa ko abishigikiye. iyo rero ariko arashikiriza ibintu biratugora kwemera ko abivuganye agatima ko gukunda abarundi. abo usanga hari ivyihishije bapfa n’abo bari basangiye gutwara igihugu bakaboneraho kurimena. biroroshe rero kumviriza n’umutima umwe ivyo nka RUFYIKIRI avuze kurusha BUCUMI kuko muri iyi myaka 10 iheze nkabo bagabo ntibigenjeje kumwe. abarundi RUFYIKIRI tumuha amanota meza cane kuvyo yakoreye igihugu
4 Mukakaro 2015, 12:03, par Petite
Mbeg Ayo Mbahor Mufise Mwenyen Muyakurah?Ah Uwoj Kubaz Umuntu Amaz Kubur Abiw Yokubwir Kwayafis?Rek Kub Mukor Munkov Abant Sha!Nimb Haric Mubizik Nimwihorer.Murek Guhandw Kururimi Ibireng Bitabuz.Twes Turafis Ubweng.
16 Munyonyo 2016, 14:15, par BUCUMI DEZIRE
ntacobahungabanya umutekano mu burundi nibumvikane bihere ahandiho bazoba bariko barimaramaza reka dusenge imana udufashe murakoze@