IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ngagara : Indirimbo Vira hasi rimwe dutore Nkurunziza niyo ivuzwa ku ngoro (...)

Ngagara : Indirimbo Vira hasi rimwe dutore Nkurunziza niyo ivuzwa ku ngoro ya CNDD FDD

samedi 25 Ndamukiza 2015

Ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, haraheze akanya gato ritanguye, aho n’umukuru w’igihugu yitavye ivyo bikorwa.

Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa bihariwe gutora uwuzohiganwa n’abandi mu matora y’umukuru w’igihugu, umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye CNDD FDD avuga ko umugambwe wabo wifashe neza kuva ku mutumba gushika ku rwego rwo hejuru, ndetse akaba anashimira abagumyabanga bitwaye neza, nayo abo avuga ko bahemutse bakaba barahanywe nk’uko abandanya abivuga. Nayo ku bariko barahunga, avuga ko hari izindi mvo zinyegeje inyuma, amenyesha ko umutekano wifashe neza, kandi agasaba ko hoba n’amatohoza kuri ivyo vyose bivugwa ko bituma hari abahunga.

Nk’uko tubibwirwa n’uwarungitswe n’ikinyamakuru IGIHE.bi, abamenyeshamakuru baciye basohorwa, ivyo bikorwa bica bibandanya mw’ibanga. Mu bitavye iryo koraniro ridasanzwe, ni umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahashitse igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ibiri, , abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, abashikiranganji bava muri CNDD FDD, bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka batirukanywe muri uyo mugambwe, hamwe n’abandi batandukanye.

Ariko rero nk’uko amakuru ava Ngagara ahasanzwe hari iyo ngoro ya CNDD FDD abivuga, ni uko, haguma huvuzwa uturirimbo tuvuga duti:’’VIRA HASI RIMWE DUTORE PETERO NKURUNZIZA’’, bahayagiza n’ivyo yakoze. Mu masaha make rero, uwuza kumenyekana ko azoserukira uwo mugambwe akaza kumenyekana.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.