IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Niyoyankana Bonaventure : "Edouard Nduwimana ni umwansi wa UPRONA"

Niyoyankana Bonaventure : "Edouard Nduwimana ni umwansi wa UPRONA"

vendredi 23 Nzero 2015

Abadasigana ba UPRONA bari mu mirwi yose ivuga ko ariyo ifise uwo mugambwe bariko barakora ibishoboka mu kwitegurira amatora yo muri uwu mwaka.

Mu nama zigirishwa na Gaston Sindimwo umwe mu barongoye UPRONA isanzwe ishigikiwe n’ubutegetsi, asaba Abadasigana ko botora ikimenyetso basanzwe bazi kuva kera, kiranga uwo mugambwe wa Rwagasore. Gaston Sindimwo akavuga ivyo mu gihe hari uwundi murwi munini w’abadasigana urongowe n’umushingamateka Karori Nditije, hamwe n’abashingamateka batari bake b’uwo mugambwe bamaze kuja mu runani "RANAC - DUSHAYURE UBURUNDI BWOGORORE."

Karori Nditije arongoye umugambwe UPRONA utemewe n'ubutegetsi

Abo badasigana bakaba bagiye muri urwo runani kuva aho bageragereje kuja hamwe kugira inzego zatowe zemewe n’amategeko zo mu mwaka w’2009 kandi zihuririzwako n’amashami yose kugira zitorere indongozi bikanka, aho bashwiragijwe n’igiporisi akatari gake ku mategeko yava hejuru hatazwi kugeza ubu. Umugambwe UPRONA rero ukaba urimwo amashami atatu n’aho irivuga ko riri hagati ryo ritemera ko ari ishami. Umushingamateka Niyoyankana Bonaventure yari asanzwe arongoye UPRONA mu mwaka w’2009 kugeza mu mwaka w’2012, akavuga ko uruhande arimwo ata na hamwe rwegamiye yaba ku mushingamateka Nditije canke Kwa Concilia. Avuga uruhande arimwo ari urw’abariko barahanura.

Niyoyankana ariko akavuga ko ingorane zose umugambwe UPRONA ugira, zifatirwako n’umushikiranganji Edouard Nduwimana, akazogerako kugira UPRONA yamane ingorane. Niyoyankana kw’iradiyo RPA muri KABIZI ati : "Edouard Nduwimana ni umushikiranganji wa CNDD FDD yanka umugambwe UPRONA". Niyoyankana agasaba Abadasigana kuja hamwe kugira bitegurire neza amatora, ndetse akanavunira akagohe Concilie Nibigira ko atohirahira ngo aratwara amazina y’abazitoza muri CENI, mu nzego zitandukanye z’igihugu, kuko ishami rirongowe na Concilie Nibigira avuga ko ritemewe n’amategeko ya UPRONA.

Bonaventure Niyoyankana yahoze arongoye UPRONA

Muri ivyo vyo kwitegurira amatora mu mugambwe UPRONA, bikaboneka ko ingorane zihambaye zisigaranye abo biyita ko bari hagati co kimwe n’abashigikiwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, mu gihe bamwe batagira umurwi uzobaserukira mu matora, abandi bakaba bagirizwa n’impande zibiri, urushigikiwe n’umushingamateka Karori Nditije hamwe n’uruvuga ko ruri hagati ko UPRONA ya Concilia Nibigira itazwi n’amategeko agenga umugambwe, mbere ko bazitwarirwa no mu makungu hamwe bobandanya bica uwo mugambwe wa Rwagasore, nk’uko bavyagirizwa n’izo mpande zose.

Edouard Nduwimana umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu
Concilie Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n'amategeko

Aristide Nizigire

Messages

  • Ndahanura Umugambwe Uri Kubutegetsi Kugira Ureke Iyindi Migambwe Itavuga Rumwe Nawo Kuko Umuvyeyi Ateranije Abana Ngo Baryane Buraca Bakarya Umuvyeyi Yabateranije.Imana Idahabwa Igiturire Yitwa Ntirenganya Izorenganura Abarenganywa.

  • nibaza ko abarundi bazi ubwenge bakunda igihugu bazi aho bazotora nayo izo mpabe nizihore bariko bahamba umugambwe watuzaniye ukwikukira.

  • Ariko karaciye ingani UPRONA muyitabagure munzi neza "Ideologie" ya Prince Rwagasore? Ntasoni mugira nagato.Mbega muraryama mugasinziramwiyita aba Upronistes bisamburirako nk’Impene? Oya nimwihe agashi mwisubize umutama wa Rwagasore.Reka kumera nk’abantu biyindi Migambwe itwara kubera ari imigambwe y’udukoko nka CNDD-FDD.Reka rero kwimaramaza kugeza aho.

  • @ Joseph, kubesha mugenziwawe nicaha kw’Imana ivyimivambwe yahano Burundi biragoye abayiguze ntibashimishwa nukobasangije umugambwe ahubwo ikibarajinshinga nivyibda nibibanza, abanarero bahisemwo kuzabarakubitana ibiyiko igihecise umuvyeyi abagaburuye umuvyeyi biramubabaza ariko ababibonye baramubwirako yarezenabi arinahohavuye imvugoyitwango" uvyaranabi ugatikwa nabakwe, nonenawe Joseph uravuzeko reta ikwiye kureka iyindimogambwe ngokuko ariyo muvyeyi ahorero iyoyama iyomigambwe abanywanyibayo barakomeje kwubahana ubwabo wewe nuburinze kubeira reta nkukwo uyibwiye ucawumvako uvyaranabi ugatikwanabakwe koko!.

  • A toi Bony (Niyoyankana). Un conseil d’ami. Sors de cette aberration de camp du milieu. Rejoins formellement le camp legitime (Nditije) et laissons les cons-silly sombrer. L’Uprona n’a jamais ete aussi fort, au côté des forces du changement. Un grand merci a Edouard Nduwimana de nous avoir malmenés.

  • Uwanga undi canke akamwankira ubwoko abwiwe yari akwiye kwisobanukirwa akamenya ngo:Njyewe ndi umuntu wowe uri umuntu twese turi abantu.Dukwiyerero kwubahana kandi tugahana urukundo ruzira umwanda kuko arirwo rusukura imitima yanduye.R Chris agira ati:nitwimika urukundo cyimeza tuzaba dusobanuye impamvu twaremwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.