Accueil > Poritike > Imigambwe > Rutana : Bamwe mu bashizwe ku ntonde za FNL ya Yakobo Bigirimana basaba (...)
Rutana : Bamwe mu bashizwe ku ntonde za FNL ya Yakobo Bigirimana basaba gukurwako
vendredi 17 Ndamukiza 2015
FNL ishami rya Yakobo Bigirimana yagirizwa kuba yahenze bamwe mubo yashize ku ntonde, babwiwe ko uwo mugambwe wiyunze na FNL yigenga ya Rwasa Agathon.
Mu ntara ya Rutana akaba ariho vyagaragaye cane, kuko bamwe mu bashizwe kuri izo ntonde, baciye baja kwugariza ahakorera umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri iyo natara, basaba ko bokurwako, kuko bemeza y’uko bahenzwe. Abo biriwe bugarije ahakorera CEPI Rutana rero, bakaba basabwe ko bokwandika ikete, gutyo ivyo bavuga bikirwa ko bokurwa kuri izo ntonde. Bagenzi bacu bakorera mu ntara zimwe zimwe z’igihugu, bakaba batubwiye ko, bamwe mu banywanyi b’umugambwe FNL wigenga urongowe na Agathon Rwasa bagiye barashirwa kuri izo ntonde za FNL yo kwa Yakobo Bigirimana babanje kubwirwa ko biyunze, mu gihe iyo FNL yigenga irongowe na Agaton Rwasa iri mu runani Amizero y’Abarundi, bari kumwe na UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije, abo nabo ku ntonde zabo, bakaba barakwije mu gihugu cose.
Tukabamenyesha ko hamwe abo bashizwe kuri izo ntonde z’abajenama ba komine bobandanya banana bagakurwako, izo komine zoba ziyongereye ku zindi 34 zose yari yabuze abo ashirako mu gihugu cose.
Aristide Nizigire
Messages
17 Ndamukiza 2015, 14:38, par Nuwera
Kurako ushiremwo abandi, hakabarinko muri CNDDFDD ikiserura ngobagusizemwo baguhenze, kubera umurongo wabantu bababarindiriye icokibabza aribeshi muminota mike uyundi abayahageze numunezero ntangere ndababwirako muri CNDDFDD nubwoyobumushikiranganji habahariho umurongo wabarindiriyeko hogira akamugora maze bakacabasimbirako, muri CNDDFDD ntakwigira nkimpene yamuci canke kagarara ngirango nivyomwaraye mwibonwye.
17 Ndamukiza 2015, 16:05, par KURI`
NINDE YIBUKA IMYAKA IHEZE MBABWIRA KO UYO MUGABO YAMYE AKINA ICO TWITA MAKANAKI? UYO YIBA IBIGORI MURI TANZANIA IRUKORE NUBU MUGABE MUMENYESHE ABANTU ABURE IMBWA NIMBWEBWE
17 Ndamukiza 2015, 18:25, par Lukole
@ Kuri, ububeshi bwababanye umurengera nukuri ! Uyumugabo kubayaratwigishiriza abana kumashure makuru yomuriyonkambi wavuze ya Lukole nivyowita koyiba ibigori!?
18 Ndamukiza 2015, 11:13, par congera
Nababashizw kuntond sabanwanyi koko.non mumugambw barimwo nta information bahabwa cank ntibavugana nuwo bemera? Iryo nirementanya cank babirundwamwo sabanwanyi buzuy koko
19 Ndamukiza 2015, 13:10, par KURI
ERUKORE!!!! UMVE SHA NIMBA JEWE KURI MVUGA UBUBESHI ,REKA TUBIRINDIRE TURABE WIBAZA KO ABAKORA MAKANAKI BARABAKENE?
MBEGA ABAKENE BARI KUYAKURAHEHE AYO GUTANGA UKUGURA AYO MAKADI? NTIBAMUHE NIJWIII NA RIMWE YANIZE ABORO NABAKENE NAJE IRYA YATUGURISHIRIJE UMUGAMBWE
19 Ndamukiza 2015, 18:11, par Lukole
@Kuri, uratayumwanyawawe wubusa iconticotuma ndamukurako icizere ahubwo ndabonye wamugabo karuwambere atagira ibintubibi yakoze murikahise niwe aho amatohoza mukora kurijahisekiwe musanga ikibiyakoze kokwabaye kubaho atunzwe nutugori atega munkambi yimpunzi yarigorewemwo! Kandi wewe Kuri, uwogushira ubumumibereho imeze nkiyomunkambi imeze nkiryawavuze ya Lukole weho ntiwoturwa nazirya mpungurure wavuze zarizitunze uwo Bigirimana wewe hubwo wocuza murieuyamisozi gutegera abavuye kwisumura kuba Tanzania ubaka utwobavuye kwisumira canke ukarara kumugono abisiziriye kugira ubatware utwobifitiye nkuko bamwe babikora!.
20 Ndamukiza 2015, 14:19, par Rénovat
Ko bavyisabiy nibabakureko nakare urumva ko bataza ko bahenzwe
20 Ndamukiza 2015, 15:55, par Kuri
UBUZE UWO UKINISHA WIYITA RUMORE ARIKO NDAKUZI NEZA