IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rwasa : Intwaro ihuriwemwo na bose yofasha gutora inyishu z’ikibazo (...)

Rwasa : Intwaro ihuriwemwo na bose yofasha gutora inyishu z’ikibazo c’Uburundi

jeudi 23 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Uwuza imbere mu batavuga rumwe na Reta y’Uburundi ahamagarira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kubandanya ibiganiro n’abatavuga rumwe nawe,kandi ashireho Reta ihuriwemwo na bose inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Kubwa Rwasa Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko,ibiganiro n’ishingwa ry’intwaro ihuriwemwo na bose,vyokingira igihugu gusubira mu ntambara,ishobora kuva ku bategetsi mu gisirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi hagati mu kwezi kwa 5,bamenyesheje ko bashobora gukoresha ibirwanisho mu gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu.

Rwasa Agathon avuga ko ayandi matora yotunganywa inyuma y’umwaka mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Mwomenya Rwasa Agathon aza mu kibanza ca kabiri mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro.


IGIHE

Messages

  • komera mutama Rwasa agathon

  • naho mutama nakare abantu ntibatoye dushaka wewe natwe ayo matora ntituyemera nayubusuma twangajwe nuko tutumvise ihumure ryawe nayahandi turabona nigorane bidatorewe inyishu.

  • Rwasa, nashaka kukwibutsako iyo ntambara uvuga yogukura kunguvu prezida Nkurunziza koyatanguye amatora yomuri 2010 agihera wibuke konawewe atakutagize ariko ihitamwo kubireka, ukomezewibukeko kuva mumwaka wa 2010 ntagahengwe bigeze baha presida Nkurunziza nicogituma ubona abarundi twamazekugabiriza twiteze izontambara wavuze tumaze nokumenyera nubwo atawumenyera akaziri ababisinabamaze guhekurwa nazo, sinziko Cibitoke yobayari imikinokuriwewe? Sinzikomu Kayanza yarimikino kuriwewe sinziko ivyihebebimazimisi bitera amagrenade ubibona nkimikino.

  • dufashe wemere kubera turakwemera muze turinze tugutora utani ya mamaje ubuna tuta kwe mera komera kwibanga mutama we songa mbere ni mubazibere Arega ni mwa twara hariho vyishi batazokora!

  • Abagutoye Ubabwira Iki? Ko nyawenda Yadushimiye ,

  • ivyonivyiza Ariko wwegwasa Ntiwishinge guhendwanabo barinyumayaw kukowosanga Uriko uratakaza ikibanzac amber mumwa 2020myandagaro.

  • kubwanj ico nico.peter niyumvir izo mpanuro bamubwira,arek gukor ibint bidahuriwko nabandi.siwe ncabwenge wenyene.ark IMANA ikiz uburundi.

  • Ego turavyumvise....none weho mbega uhagaze hehe ko utavuga aho uhagaze...uemera amatora canke ntuyemera.vuga rimwe kugire ngo mutagiye muri irya bibanza duce tuvyifatira twebwe aba polona.
    Kuwa mbere uzitaba mu nama nshingamateka mbega..?

  • Rwasa weweturakwemera kuko usigaye urimubanyamigambwe bakoresha imvugo yoroshe kandi bashirimbere inamaninryingo canke ibiganiro kuko arivyo muti wibibazo.kanatsinda ntamuntu ashirimbere inguvu yigera anesha

  • Rwasa yarashwe ntakikigenda iwe. Yarageseye ngirango bamwemereye ko atazosubira gukurikiranwa ku bwicanyi yagize none ubu asigaye yemera n’ivyo atumva pourvu que aguma ayebayeba i Bujumbura. Ubu tugowe n’abari hanze y’igihugu nayo ako twakanyaye.

  • SHAGWASA,URUMUGABO,NAWEWE,URASHAKAMAHORO,RINDIRA,NKURUNZIZA,AMARE,MANDAYIWE,YIMYAKA,ITANU,NAWUZOSHIKIRWA.

  • warigutsinda muze nuko waburabuje abanwanyi bawe ubabwira ntibagende gutora none niwihangane

  • Mutama gwasa nikuki wama ugomba kumanuzimana emera ivyo wahawe nabanyagihugu bakwiyumvamwo. Kuko ubutegetsi bwose buva kumana. Ivyo navyo vyukwamatora yokwigizwinyuma nivyawe kumenya. Twaramwemeje ntagisivya aragutwara peee

  • Uvuze Neza Mugabo Ntamatora Yandi Shimako Wabaye Uwakabiri Utavyemera Hanvya Abandi Bagiye

  • Rwasa Amatora Vyagenze Neza Uvyase Genda Uhanvyabandi

  • Rwasa Amatora Vyagenze Neza Uvyase Genda Uhanvyabandi

  • ahaaa!nihatari TUBE ABAND GWARUKA VEHASI TWIRUKANE INSIHA

  • URI NTWARI MANURA IZO NTUMVA. IGIPFA CABURIWE ....?

  • SHIMA IVYAVUYEMWO GUSA.INYUMA Y UMWAKA USHATS KUVUGAKO ABARUNDI TWATOYE INTWARO MFATAKIBANZA!!? N’UBU SINDUMVA ICO AGATHON ASHATS KUVUGA?UWOMFASHA YONSIGURIRA.

  • Ntabwo ari Nkurunziza agomba gushiraho Reta ihuriwemwo na bose kandi yarashizweho n’amatora aciye ukubiri n’Ibwirizwashingiro. Un president illegitime ne doit pas diriger un Pays souverain. Et puis, ce n’est pas non plus Rwasa qui doit sortir sur la place publique comment doit se conclure la crise politique en cours au Burundi, bivuga ko ibiganiro ku mpande zose vyobandanya hanyuma ico bizovamwo nico kizokurikizwa ku mpande zose. Rwasa rero nasabe ahubwo ko ibiganiro vyobandanya vuba kugira ikibazo ca mandant ya gatatu ya Nkurunziza iciye ukubiri n’Ibwirizwashingiro gitoregwe vuba inyishu itunganiye impande zose et non iy’Amizero y’abarundi yonyene.

  • What a hell is Rwasa talking about. Shame on him

  • EWE RWASA WARABUZE IHERO RYIMITI!!!GENDA UHIGE,ABAKOZI BIMANA BAGUSENGERE,URIKO UMUVUMO.UMWANA WUBWENGE AGAYA,AMIRA!!! WEWE WATAKARIJ MURI 2010.

  • UBUHO WARUGERAGEJE KUVUGA UKURI KANDI. IYOWIYAMAMAZA IGIHUGU CARIRWAWE NUKO WAKORESEJE INDIMI ZIBIRI KOMERA

  • Ewe Rwasa nukuri washaje muri politique ,ubwambere waherutse utujuragiza ngo ntituje gutora ,turareka none ubu uriko wisabira ibibanza nkurumbi iyo niyomitwe mwapanze mwenawe ,ico womenya nturinde umutega amashi iyutatujuragiza tukitaba amatora ntakabuza niwewe wodutwaye kuko ufashe amajwi waronse ugashirirako ayabaye impfagusa ugashirako ayabatagiye gutora,none nkurumbi emera ko akurusha imikenyuro ya politique,nako ngirango n’imitwe mwakinanye nawe ubona ko muri bamwe

  • Ariko Nugaye Ivyo Waronse Bikoreshe Kugira Uzokongegwe Hanyuma

  • Rwasa uriko uramwunviriza ntutahura umwanya umwe ubu oppoza bwiwe aho buhagaze! kuko atamba atambikoje! ego data ntawanse ivyo biganiro ariko ngo natware hama ategure ayandi mayora inyuma yumwaka? ryabworizwa shingiro,naya masezeranir biribagiwe! ntagutwara kuko samatora yabaye novyita inkinamico nkaza ninde za kireko! ntari legal ahubwo nihabe transition kandi peter atarimwo batange uwundi mu dd!

  • Rwasa politike yamutaye ku wamazi. Aba Fnl babamaze babanigagura abandi bariko barapfa rubi mu documentation no mu busho butandukanye, Rwasa bawe ngo Nkurunziza ahireho leta y’ubunwe? Mbega Rwasa yamaze imyaka n’imyaka mw’ishamba arwanira ubushikiranganji canke ubushingamateka? Nagirango yarwanira ko ibintu bihinduka abarundi twese tukabana mu mahoro ata wutoteza uwundi.
    Leta yubumwe ntikenewe kuko nka Rwasa ni bamugira umushikiranganji wamashamba abantu bariko baricwa abandi bangazwa simbona ico azokwunguka kuko nawe bazomuhindukirira bamumese.
    Igikenewe ni ugutunganya vuba amatora ya bose yemewe ku rwego mpuzamakungu kandi Nkurunziza atarimwo. Uwuzotsinda adutware naho yoba Dolufu canke Ndakugarika canke Gihahe canke Nyamitwe canke imbonerakure iyariyo yose ariko bibe biciye mu muco.
    Izindi nzira zose nta handi zizotujana atari mu kuzimu

  • Rwasa wapi vrma, ivyuburundi vyamuyobeye, ntari décisif mumajambo make. @azohava amera nka jack bigirimana@...

  • Mwaramaze kubona ko bitagikunze ngomusubire gutwarigihugu nicogituma mwagerageje ubwenge bundi bwogukoresha abahutu mugusebya H.E Peter N !!! But its too late my dear Tutsis!!

  • rwasa nta politique azi, ico azi arakizi nkico yakoze mu gatumba. Arashaje Ivyiyumviro vyiwe biri inyuma yivya Peter.

  • Ntavyish emer utwagw utwar nik bimez rwasa nta politique uz yakunaniye pe pe ntavyaw rek nkurunziz akwerek ko mudashobor gukinan politique mb igih warumwan warasangr nas waw? ntihager uzadutwar rek kwivugish mand yaw ntirages shaaaa

  • lMANA ibaharire abantu mukiboshwe idayimoni yamoko!
    umuhutu,umututsi,umutwa,...twese turi bamwe twaremwe n"IMANA imwe....

  • lMANA ibaharire abantu mukiboshwe idayimoni yamoko!
    umuhutu,umututsi,umutwa,...twese turi bamwe twaremwe n"IMANA imwe....

  • UGIY KUTURUMBIRA NIBA WAREMEY AMATORA!

  • UGIY KUTURUMBIRA NIBA WAREMEY AMATORA!

  • UGIY KUTURUMBIRA NIBA WAREMEY AMATORA!

  • NONE YIPFUZIKI?YAREMEYE UKOYAGENZE KWARISAWA?

  • MANA Y’UBURUNDI N’ABARUNDI,DUTSINDIRE INYOSHAMBI YUGARIJE UBURUNDI BWACU,UDUHE KWICISHABUGUFI NUGUHANURWA NKUKO ABASOKURU BACU BABIGIRA MAZE UDUHE AGAKIZA K’UBURUNDI BWACU ATAMARASO ASUBIYE GUSESEKA.

  • ntacizere twiteze rwasa azomarira abamutoye, none ubwo ijambo azovuga rikumvirwa nirihe,ko yanse 3mandat, none agiye kwicarana nabo. atahakuye agatwe, azohakura impimba. mbe ya docier yaba nyamurenge yibaza ko yibagiwe? je mbona vyiza yarikuryumutima menyo akaguma kwijambo rya mandat.

  • nzoba mbona ,iconzi nuko uzohakura urupfu canke impimba. gute uja muri 3 eme mandat kandi uri mubambere batayemera? ubwo watahuye?

  • Nkurunziza Komera Kumuheto,nywanishabarundi,tezimberigihugu,abarundi Tukurinyuma.

  • rwasa inyoshambi isa numurozi umugezi mubi avuga temba ndaharonkere mutama kora icabantu bakusavye naho urunani gwabantu bakuyovya bashaka bakuheze kwabawe urorera kugira uzusigare wifumbereje nkumuvyeyi yiciwe uruvyaro uwuviga ko ivyiyumviro vyawe bisaje nawe asa nkumusazi kuko umusazi atambira icabonye cose muta things will be ok. god bless you

  • amatora ategerezwa ko zubiramwo vyanj vyakunda

  • Nne Ntimwosaba Akarekura Abafugwa Bazira Ivya Politike.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.