Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tube turajajura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Utujajuro > Tube turajajura

Tube turajajura

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Abarundi bo hambere barakunda gukora cane. Mu gitondo umwe wese yavyuka kare akaja gukora imirimo yiwe ya minsi yose. Kumugoroba barataha bakegeranya utuntu twose . Senaka agahaza, umukenyezi akoza ivyansi n’ivyakirizo .

Bahejeje baba barateramira ku ziko barindiriye ko bahisha. Uwuzi utujajuro akabagira ku mu riri bakaba baratwenga kugirango abana ntibasinzire badafunguye.

Ariko abarundi b’uno munsi basa n’abibagiye iragi rya ba sokuru kuko benshi bateramira ku mbonesha kure no kwunviriza insamirizi. Muti ivyateramika abo hambere n’ibikiki?

Umukecuru yasinziriye yasamye imbeba imuta amasyegege mu kanwa ati: « Igihe co kurya umwaka cageze! »

Babajije ifundi bati: « Ko ufise utunwa tugufi ? »

Nayo iti: « Utw’umworo twomwegera! »

Uwundi munsi ifundi yugama munsi y’ibibabi vya’amateke , imvura ngo pa pa pa! Iti :
« Naribwabe umwami ntaravugirizwa ingoma!»

Ikirogorya naco kinyereye ku gishishwa c’igitoki giti : « Haborewe jewe hari akantu abaruganye?»

Inyamaza bayibajije bati: « Mbe nyamanza ko ufise utuguru duto duto?»
Nayo isubizayo iti: « N’utu ndadukesha ubuvyimbe , umwami yadutumyeko ngo atubazemwo ubwato bwo kwuhira inyambo ziwe! »

Samandari nawe yagiye i bwami bamuzimana imvuzo, bukeye kabiri nawe arazibagemurira babibonye bati: « Ariko ga Samandari ukagemurira umwami invuzo?»
Samandari arabihweza ati: « Nabonye arizo banzimana nkagira nizo bakunda! »
Uwundi munsi Samandari aca mu murima w’ibiharage nyene umurima amubonye ayihereza akaganza ati:« Urabona ga Samandari ukancira mu migondoro y’ibiharage? »

Uwuri uwundi ati: « Uraba wumva birenge niwewe ubarigwa!»
Bukeye kabiri Samandari afata amabuye aruzuza inkono ashira ku ziko aracanira ,abantu babibonye bati:« Mbe Samandari utetse amabuye? »
Arahindukira ati: « Nabonye yabaye mu mazi kera nkagira yaravunze! »
Urunyegeri narwo rwamenekanye n’intango ruti: «Abenga ni benge nayo jeho ndenguye! »

Tuzobandanya…


Marie Cliare Ingabire

Messages

  • Ikirundi Cari Ciza Cane Kumurundi Ese Ngo Uriko Uraganira N’abandi Mu Migani Mu Tujajuro N’iyindi Mfobeko Y’ikirundi Yemwe! Usanga Ar’akwumviriza Uhore! Vyoba Vyiza Cane Twebwe Burundi Bw’ejo Twihaye Ihangiro Ryo Gusoma Ibitabo Vy’ikirundi N’ukwumviriza Impinyanyuro Kubahumure.Mbega Igitabo UMURUNDI N’URURIMI RWIWE KIRACABAHO?

  • birababaje cane ukuntu urwaruka rwa none rutitaho na gato gukurikirana ikirundi ca ba sokuru kandi n’abavyeyi ntaruhara bacerekana kugira abana bamenye ururimi!
    Nasaba ko hogwizwa amahiganwa y’imicokama nko kujajura gutita n’utundi tugenegene twotuma akaranga kacu kadatakara burundu.murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.