IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Ubuzima bwa Rwagasore Louis

Ubuzima bwa Rwagasore Louis

lundi 10 Kigarama 2012

Nk’uko amakuru dukura muri Encyclopedie Libre abitubwira, umuganwa Rwagasore Louis yatangye ubuzima bwa politike ari muto. Yarafise iyerekwa ry’u Burundi bwiza burangwa n’intwaro rusangi. niwe yashikanye iguhugu ku ntahe yo kwikukira. Ntiyikunda, yakunda igihugu, ntiyashira imbere inyungu ziwe.

N’umuhungu w’umwami Mwambutsa n’umwamikazi Thérèse Kanyonga. Rwagasore Louis yavukiye mu ntara ya Gitega italike 10 ukwezi kwa Nzero mu mwaka w’1932. Yatanguye amashure matomato afise imyaka indwi ahitwa mu Bukeye hanyuma abandaniriza i Kanyinya mu ntara ya Gitega. Mu mwaka w’1945 niho yatangura amashure yisumbuye muri Groupe Scolaire y’i Astrida i Butare mu Rwanda, aho yahamaze imyaka 6.

JPEG - 17.9 ko

Mu mwaka w’1956,yagiye kwiga muri kaminuza Anvers mu gihugu c’u Bubiligi ariko ntiyahamaze umwanya munini yaciye agaruka mu Burundi gutangura urugamba rwa politike mu gutanguza amashirahamwe yo gukorera hamwe COOPERATIVE. Ico gikorwa caraburabujwe n’u Bubiligi bwariko bukoronisa u Burundi mu mwaka w’1958.
Yashinze urwiwe n’umukenyezi Mariya Rose Ntamikevyo italike 12 Nyakanga umwaka w’1959.

JPEG - 5.5 ko

Muri uko kwezi yubakiyemwo urwiwe mu mwaka w’1958, Rwagasore yashinze umugambwe UPRONA arikumwe n’abagenzi biwe biganye harimwo Paul Mirerekano na Thade Siryuyumunsi. Uwo mugambwe wemewe n’amategeko italike 7 Nzero 1960.
Akiva mu gihugu c’u Bubiligi, sewiwe umwami yashaka kumuha gutwara igice c’igihugu c’ahitwa Butanyerera ahatumbereye muntara ya Ngozi, ivyo yaravyanse nyabuna yihebera igihugu n’umugambwe wiwe.

Yahavuye atumvikana na se wiwe, kuko umwami Mwambutsa yihaye ububasha bwo gutwara imigambwe yose italike 8 Ruhuhuma 1960, inyuma y’ukwikukira kwa Congo. Umwami yarafise amakenga ko nawe nyene azohava atembagazwa ku butegetsi aravye ivyari bihejeje gushikira mugenzi we wa Congo. Rwagasore na mugenzi we Mirerekano bari bafitaniye ubucuti bukomeye na Ptrice Lumumba yarahejeje gushikana Congo ku ntahe yo kwikukira.

Rwagasore yarakoranije inama rukokoma y’ umugambwe wiwe UPRONA kuva italike 14 gushika 20 Ntwarante 1960. Yasavye ko hategerezwa kuba ukwikukira mu Burundi gutyo urugamba ruba ruratanguye. UPRONA isaba abanyagihugu kureka gutanga amakori n’amatagisi, kureka kugura ibidandazwa vy’abazungu maze abanyagihugu bahamagarirwa kwinuba abazungu. Se wiwe ntiyasiba gusubiramwo ko ubutegetsi bwose bufiswe n’umwami.

Kuva italike 27 Gitugutu gushika 9 Kigaraama 1960, Rudoviko Rwagasore yafunzwe icamaso, imbere y’amatora y’amakomine yari yateguwe hagati mu kwezi kwa Munyonyo. Umugambwe PDC wari ushigikiwe n’u Bubiligi niwo watsinze ayo matora.

Italike 18 Nyakanga 1961 habaye amatora y’abashingamateka yaracungerewe na ONU. Rwagasore n’umugambwe wiwe UPRONA aratsinda birengeje ku majwi 80 kw’ijana, uwo bahiganwa Font Commun harimwo PDC uratsindwa kuko waronse ibice 20 kw’ijana. PDC ni umugambwe utashaka ukwikura kw’u Burundi kuko wari wegereye ababiligi.

Italike 28 Nyakanga1961, Thade Siryuyumunsi atorwa kuba umukuru w’inama nshingamateka ya mbere mu Burundi, Rwagasore nawe agenwa kugira ashinge Reta nshasha yategerezwa gutegura ukwikukira kw’igihugu.

Yahawe amabanga yo kuba umushikirangoma wa mbere italike 29 Nyakanga 1961. Pierre Ngendandumwe nawe acaba icegera c’umushikiranganji w’ubutunzi, muri Reta yarimwo abashikiranganji 15. Igisirikare cagumye mu minwe y’ababiligi.

Haheze ukwezi kumwe ashinze Reta kandi hasigaye amezi 8 ngo habe ukwikukira kw’u Burundi, italike 13 Gitugutu 1961, umuganwa Rudoviko Rwagasore yaciye yicwa iruhande y’ikiyaga Tanganyika ari mw’i Hotel. Umugiriki Kageorgis niwe yamwishe abitumwe n’indongozi z’umugambwe PDC batavugarumwe na Rwagasore. Mu bantu batunzwe agatoke harimwo umutware Baranyanka yava munda y’ingoma ku mwami Ntare.

JPEG - 212.7 ko
abishe Rwagasore harimwo Kageorgis

Italike 2 Ndamukiza, abishe Rwagasore baciriwe urwo gupfa. Kageorgis yishwe arashwe ku mugaragaro italike 30 Ruheshi,imbere y’uko haba ukwikukira, italike 1 Mukakaro 1962. Italike 15 Nzero 1963,abandi bafashije mu kwica Rwagasore baranyonzwe I Gitega. Muri bo harimwo umutware Baranyanka, Ntidendereza na Birori.

JPEG - 52.8 ko
Ahiciwe Rwagasore kuri Hotel Tanganyika

Haheze iminsi mikeya Rwagasore asezeye isi, umugambwe UPRONA wacitsemwo amashami abiri mu mwaka w’1962. Umugera w’amacakubiri hagati y’abatustsi n’abahutu uca uratangura kwaka indaro ariko abatutsi bagumana ubutware. Guhera mu mwaka w’1966 ubutegetsi buba ubw’umugambwe umwe UPRONA.

Indoto za Rwagasore zo kugira u Burundi bwigenga,bwunze ubumwe kandi burangwa n’intwaro rusangi ziba zinigiwe mu menshi. Intwaro za gisirikare zifata ubutegetsi ku nguvu zirakurakuranwa kuva mu mwaka w’1966 gushika mu mwaka w’1993. Kugira zigumane ubutegetsi nticabuza ko zisesa amaraso.

Intwaro yitorewe n’abanyagihugu yagiye kujaho mu mwaka w’1993 aho hatorwa umukuru w’igihugu w’umuhutu Melchior Ndadaye, nawe nyene yishwe amaze amezi atatu ku butegetsi. Intambara ifatiye ku bwoko iba iratanguye imara imyaka irenga 17.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzakungu ONU casohotse mu mwaka w’1996, kivuga ko abatutsi barenga ibihumbi amajana 300 bishwe mw’ihonyabwoko ryageguwe n’abahutu. Kivuga kandi ko hariho n’abahutu batemera uwo mugambi nabo nyene bishwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.