IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD-FDD usaba amatohoza yihuta ku rupfu rwa Zedi (...)

Umugambwe CNDD-FDD usaba amatohoza yihuta ku rupfu rwa Zedi Feruzi

lundi 25 Rusama 2015

Umugambwe CNDD-FDD uratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye umukuru w’umugambwe UPD Zigama ibanga Zedi Feruzi mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 rusama,2015.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umushingamateka Pascal Nyabenda ,umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu kuw’Imana igenekerezo rya 24 rusama,rigasomwa n’umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD Gelase Ndabirabe,uwo mugambwe usaba ushimitse ko amatohoza yokorwa mu maguru masha, abakoze ubwo bwicanyi bagashirwa imbere y’ubutungane bagakubitwa intahe mu gahanga, umwe wese akiishura ivyo yakoze ku ruhara rwiwe, kuko iryo bara rikorerwa Abarundi, abicwa ari Abarundi, abanyepolitike nabo bakaba kandi Abarundi.

Umugambwe CNDD-FDD usaba kandi ko ubutungane bw’igihugu kunyarutsa gukora, ubutungane mpuzamakungu bukaza bwunganira ubw’Uburundi aho buzoba bwasavye gufashwa.

Muri iryo tangazo nyene umugambwe CNDD-FDD usaba abahuza bariko bafasha Abarundi mu biganiro vyo gusubiza hamwe biriko bibera muri MENUB gutorera umuti ico kibazo.Uwo mugambwe ukaboneraho akaryo ko gusaba abo bafasha mpuzamakungu kudacibwa inkokora n’ivyo vyabaye,
bakabandanya guhuza Abarundi muri urwo rugamba rw’amahoro na demokarisi kugira ngo amatora abe ata nkomanzi.

Umugambwe CNDD-FDD urangiza ukengurukira amakungu kuvyo amaze gufasha Uburundi, kandi wiyemeza gukora ivyo ushobora kugira ngo ibikorwa vyabo mu nzira yo kubungabunga amahoro n’umutekano no gushikana Abarundi ku matora y’2015 meza ya bose kandi yo ku mugaragaro bigende neza.

Messages

  • CNDD-FDD irica abantu hama ngo amatohoza???
    Ni mufate Peter na Adolphe hama murabeko ibintu bitaja muburyo...

    Sha murabesha muzomuriha bitebe bitebuke...

  • REKAKUDUTAMBAKUMUVYIMBASHA..AHO.NTIMUZIABAMWISHE????

  • Uti amatohoza? Iyo bashaka kubafata ntibari kubafata? Impande yaho bamurasiye hari police ikorera kuri PAFE. Hepfo gatoyi, ni palais des congres, aho hose hariho abahacunze. Hepfo yaho gatoyi hari position nini y’abapolices aho bita kuri laiterie. Hepfo yaho ariko winjira muri quartier, hari position des policiers icunze commune. Kandi bavuze ko abamurashe bari bambaye tenue de la police presidentielle, or la police presidentielle iri aho mu Ngagara a 1km y’ahabereye iryo bara nyene. None aho hose harabuze abotangatanga iyo modoka ko wumva babanje no kwururuka bakarasa amasase atari make? Nimureke guhenda abantu ngo ni amatohoza, baratumwe kuko iyo bashaka bari kubafata.

  • Ariko byo mwama muvuga ngo gutorera ikibazo cuburundi kugirango amahoro agaruke, none ntabwo mwebwe mwumva akamo kabarundi ibyo bipfuza? ico bashaka nuko Presidant yakwatura ko atazaja guhiganwa mumatora hanyuma ibibazo bigahera none abobantu bose bamaze gupfa ntabazi ariko wewe arirengagiza gusa akigira nkaho bitabaho ahubwo akabandanya avuga ko amahoro ariyose abantu nabo baguma bahona mbese umutekano avuga nuwabanyagihugu canke avuga umutekano wuko arinzwe?

  • @Patrick
    Abo usaba ntidushobora kubafata,il n’en est pas question,kandi ntawe tuzoriha uwapfuye aba yapfuye naho baguha ama milliard ntagaruka,abamwishe ni abo bagumutsi bo mu ngagarara,mbega abo ba polisi ko batakiri les bienvenus mu ma quartiers yanyu mwashaka bishore?Ubu niho bari bakenewe iyindi minsi mwirigwa murabica mwa bagesera mwe b’abatutsi?Abo bapfa babaze pacifique,vitali,caravera,sinduhije na pancrace n’ibindi bidebile vyagumuye abo ba sans echecs kuja mw’i barabara!!!

  • Mbe itohoza ryobagute arimwe mwamugandaguye mwa ba DD muribijujukweri erega mwishe zedi sukuvugako tuzocaduhagarika urugamba turiko ndAzi ko mwategu kwica abantu benshi ariko imana izobakingira kuko barimukuri nayo uwo mucongo yiganzi igihugu cacu mukumara abarundi ,narindire tuzomwereka

  • ico niyumwira nko nuko reta y’uburundi yotanga ibihangange nka adolph ndakugarika kazungu ayubu n’abandi nipfuzako amatohoza yohera kurabo turasavye n’umukuru w’igihugu kugingo abatange bagireko amatohoza.

  • Ivy’uwo mugambwe w’aba DD turabizi aho rero twoja nagwo ngo barasavye amatohoza kurupfu gwa nyakwubahwa Zedi Feruzi?amatohoza kubabikira bagandaguriwe mu Kamenge,abanyagihugu batowe ibiziga mu Ruvubu,mu Rusizi no muzindi nzuzi,botubarira aho ageze ko batubwiye ko yatanguye?ahubwo vuba bagiye kuduha indege zibiri zigihugu bariye,imwe nshasha niyindi yakoze.bitegure.

  • abarundiduteratujah?

  • abarundiduteratujah?

  • AMATORA AZOBAMEZAAAA PE!UGAYA AHUBA RIKARENGA ARIHO URI INTSINZI YAMOSE

  • Ikibazo abarundi dufise nuko dukunda ikintu kubera ubwoko ikimenyane tutaravye icocamaze imyaka10irarangiye nyarucari arimumahoro abize nabo bategura kumusubiza mumakambi yimpunzi mukwishikiriza ubutegetsi abazize birya nabo bizobazwa CNDD FDD?KONUMVA BAGEZE IGWANDA BAHUNGA?

  • Ndatangara cane musaba president ngatange mbe kombona bisaba abarundi nabanyarwa kashikiriza nkurunziza ni gouvernel wiburundi agaha rapport kagame?niba tubona twese kumwe narungike ingabo zurwanda zimukure natwe abenegihugu karyagahugu kurwanda tugafate namaboko

  • Nukur Birababje Kubna Haba Ubwicany Nkubwo Nkubw Feluz Turabitey Ivyatsi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.