IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD FDD usaba Reta kwikora kuri Interpol abakora ubwicanyi (...)

Umugambwe CNDD FDD usaba Reta kwikora kuri Interpol abakora ubwicanyi bahagarikwe

mardi 15 Nyakanga 2015

Umugambwe CNDD FDD usaba Reta gukora anatohoza kugira abamaze iminsi bakora ubwicanyi mu gisagara ca Bujumbura bafatwe,kandi bashirwe imbere y’ubutungane.

Mw’itangazo ryasomwe n’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD Daniel Gelase Ndabirabe,uwo mugambwe uratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Zedi Feruzi yari arongoye umugambwe UPD ZIGAMIBANGA,hamwe na Gen Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza.

Muri iryo tangazo,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko wiyamirije ubwicanyi bwagomvye guhitana umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto Gen Prime Niyongabo ukamenyesha ko umushigikiye mu migambwi yiwe.

Umugambwe CNDD FDD usaba Reta kwikora ku gipolisi mpuzamakungu Interpol ,kugira gifashe mw’ihagarikwa ry’abategura kandi bagakora ubwicanyi bumaze guhitana ubuzima bw’abantu batari bake.

Umugambwe CNDD FDD urangiza usaba abarundi kuguma barikanuye kandi bafatanye mu nda,ugasaba kandi kubandanya bashigikira Reta mu migambi yayo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • mb mwabaye gt? inama yakwica prime baygiriy h?? hama bagra munzu bakabivuga abana bumva bagaca babishira kurz facebook bitaraba hanyuma ngo prime arahatswe!! interpol irabarindiriye nyene ntimurinda kuykebura?#

  • Ivyomuvuze nivyo kandibikwiye gukorwa ningoga kuko biroroshe gukurikirana abobicanyi ubonako nkabose baciye bibumbira muciswe CINERED. Jembendabona ababazungu Afrika itazobaterana imbe! Umva: Umuntu arashaka gutera kudeta vyanka akacayigira mubazungu akiberayo ariko akomeza gusogotesha amajambo yiterabwo icese abarimugihugu! Reka Dusabe reta yacu isabeko bahagarikwa turebe ukobavyifatamwo hanyuma tuzocetuboneraho kumenya kwayomasezerano yigi polisi mpuzamakungu yobatareba u Uburundi.

  • Ubu hishwe G.Nshimirimana Adolphe niho CNDD-FDD ibonye ko hakenewe interpol?D Gelase Ndabirabe ndakwibarize,igihe ca ya plan ya safisha,canke baba FNL bimuyinga Col Bagiricenge Vital yataye muruzi Ruvubu,prezida Nkurunziza P akavuga ngo afashwe inzego z’igihugu zoca zihungabana,mukamuhungisha,ubu niho mwifuza interpol?Banza mufate Col.Vital Bangiricenge n’aba Kazungu,ba Ndakugarika,..Mr Ndabirabe none G.Nshimirimana ko yapfuye kandi ariwe yarakomeye gusumba Vital wewe data yari gufungwa,ko inzego z’igihugu ko zitarahungabana?Umwicanyi yamaze kumenyera n’umuryago wiwe ntawurebera izuba!!Imana ihora ihoze ndababwire nimba mutari mubizi!

  • IRANBIRE.NIBAFATWEBABAZANETUBACIRE.URUBAKWIYE.

  • Aba cndd fdd ba Peter nsanze mumitwe yanyu nkikirimwo nka shobuja wanyu nkurumbi

  • MBEGA UBU NIHO MUBONYEK HAKENEW AMATOHOZA KUK MUBONA NAMW HABABABANYE?TEKANA AKATARAZ KARINYUMA!

  • Mwbw Ubwanyu Muzobanza Mumarane Hama Igihugu Gitorw Na Beneco! Kura Ububeshi Ngaho! Mwicabantu Hanyuma Ngo Interpol!

  • Mbe ko muvuga Adolphe gusa, we data mwarafashe nabitwa ko aribo bamwishe. Abishe Bikomagu ko mutarabafata, amatohoza azobandanya gushika Yezu agarutse, nkuko nama radio mwaturiye mutaramenya ababikoze.

    Aho mwabukaranga twari musi y’urujo

  • Ahubwomuratwenza,muraciyumvirakumurundiwunomus,akimezenkuwo 72.Mbeko Interpol,itoherakurinkurunziza.Ababosebarikobapfakuberawe.Mbekomutorabintangoyavyo?

  • Ahubwomuratwenza,muraciyumvirakumurundiwunomus,akimezenkuwo 72.Mbeko Interpol,itoherakurinkurunziza.Ababosebarikobapfakuberawe.Mbekomutorabintangoyavyo?

  • MBE NDABIRABE YOBAZI KO NA BIKOMAGU YISHWE BIRATEYISONI.

  • ABIYITA MONDIAL NA TIERRY NA YAYA NTIMUJUGUMIRE NIMBA MURI MUBATURIYABANTU NIMURINDIRE IGIPORISI MPUZ AMAKUNGU KIZE TUBACAKIRE

  • Co dusaba nuko umwe wese yoyicara akibaza kuva kera abakoze nabi imana ntiyigeze ibihanganira kandi ingero ugeramwo niyo uzogeregwamwo imana sumuntu uwicisha inkota azicishwa iyindi

  • Haa! Vyari Vyo Ariko Murabanze N Ayo Guhera Muri 2010 Kuri Execution Extra judiciaire!

  • None Abapfuye Bose Ko Muzi Ubwenge Babazwa Bande?Kwari Inda Zanyu Zabiteye.

  • None Abapfuye Bose Ko Muzi Ubwenge Babazwa Bande?Kwari Inda Zanyu Zabiteye.

  • ivyo nivyo cane gose.none nibasanga ubwo bwicanyi uwuburi inyuma ari umukuru w’igihugu bizogenda gute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.