IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe FNL wahojeje umuryango wa Gen Adolphe Nshimirimana

Umugambwe FNL wahojeje umuryango wa Gen Adolphe Nshimirimana

lundi 3 Myandagaro 2015

Umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana umenyesha ko waguye mu gahundwe wumvise urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana.

Mw’itangazo ry’uwo mugambwe ryo kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro,umenyesha ko uhojeje umukuru w’igihugu,igisirikare c’Uburundi n’umuryango wabuze.

Umugambwe FNL usaba Reta gukora amatohoza kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane,hanyuma bashirwe imbere y’ubutungane.

Umugambwe FNL urangiza usaba umugambwe CNDD FDD ari nawo Gen Adolphe yakomokamwo kwigumya kugira amaraso yiwe ntakurikirwe n’ayandi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Aho woshimye Imana ko akuvuye kugakanu yarikuzokwirenza nka Feruzi ubwo utanze msg yumunezero sinon niwe warushikiriwe none urakize urya agiye aho yasize abandi yabona ko abasize heza reka abahamvye.

  • uyo jacques yita imbere niwe aza gukwirikira adolphe ,nkurunziza Na Rwasa.Imana Iratanguye Kwerekana Ivyo Yahishuriye Abasenzi.

  • Aforof Niwe Muntu Abonetse Wamberere Apfuye Kuko Vyababaje Benshi Kugezaho Napresident Ashavura Urupfuruwonyakwigendera Rwanejeje Benshi Mubategetsi Abanyagihugubenshi Akanyamuneza Nikose Tutibagiye Abo Yahekuye Nkurunziza Ntavuge Ubuyavuze ,Abingoma Muzivuze Turakeje Uwomugiraneza Yishe Goriati Imana Imurinde Abansi Nka President Nawe Niwe Nyirabayazana

  • ADOLPH wewe aratomboye aronse abamwica,hariho abatazoronka ababica?

  • Urupfu Rwa,goriyati Rwanejeje Menshi Rushavuza Abiwe Urupfurwuwo Adorofo Rwanejeje Abarundi Barenga 67% Munda Harara Inzara Hakazinduka Inzigo

  • Mbega basha uko Uyo mugabo avyibushe niko nubujuju bwiwe buvyibushe? Utangura guhoza Peter, igisirikare inyuma hakaza umuryango wabuze? Wewe mukwiyuhagira uhera kumaguru uduga? Nibaza ko wabicuritse kuko ndumva ahoho yari yubatse na Peter kurusha umugore we. ntibitangaje uvuga uko usa. Hanyuma hakure icirwa kiijuju! ahubwo ihane muhindukire muve muvyaha. Ubundi guhoza uwabuze musimbira kubinyamakuru nkubusimbirahamwe mwitimbere ntanyungu😢😢😢

  • Yishe benshi kandi yari yimirije kwica benshi muga imana irutinga whuuuu ndiruhukije natembe agenda

  • Jacque niwivugire kuruhande rwawe ntutuvugire twebwe
    Mbegaba FNL yishe uzukobangana?

  • Abarundi b’ibipfapfa bishimuye urupfu rwa Adolphe. Mugabo arapfuye gusa mwitegire ba Adolphe 10.

  • Ivyo vyerekana ko na satani yaruhijwe nivyo aba dd bariko bakora yemeye kubutanga.Peter namenye neza ko umuti yahorana waheze kandi agiye gupfa natihana

  • Ndagushimiye mwizawanje jewe nubunkomeje kurindira yamashirahamwe aharanira agateka kazinamuntuwes’apinga reta numve icabivugako.

  • Abarundi murafise ingorane. Nimba hamwe Adolphe yoba yagiye kwa satani , abarundi benshi bandika nabo niyo bazoja kuko ivyo muvuga vyerekana uwo mukorera. Nimba Adolphe yagiye kwa satani , Ntamwana , Pacifique , Vital, Mbonimpa, nabo bose bari inyuma yabo niyo muzoja kireka mwihanye .

  • @Blue Bird, ntiworeka kuvuga uko onye kuko imvugo yewe murikimwe, uribuke ko uvuzeko nyirurugo yapfuye siwe uba umwishe. Birikunugwanugwa ko yoba ari nyakubwahwa President wagandaguye kubera amabanga mabi bazinanyeko.

  • FNL ntayo! FNL tuzi niyaRwasa Agathon.

  • Erega abantu bamwebamwe barasaze mumitwe yabo ese nkuyu ARC-EN-B yibaza Gwasa ko FNL ari inzu canke icibare case? muri politike utwaye nabi canke ugakora ibinyuranye n’ivyumugambwe nabanyamugambwe bagushinze ntakibuza kugukura, ivyo bimenye wanka wemera nuko bimeze.

  • EMWE GA YE EWE JACQUES HEBA UJE USONZA WIGUMYE NTUZEWE AHO UBAHOZA WIYOBAGIJE AYO YAKORERE AC FNL? MUGA NDAGUYE NDAGARUTSE BANYINA NGO UWUFISE IBIJUMBU ARONKA INTOZO NYINSHI NAWE URI IMWE MURI IZO NTOZE! NTAKUNDI WARIKUVUGA! NGO URABE KO BAZOGUHA NAKAMANYU KUBUGARI! MUGA AHO MUZOBIRIRA NIHO NTABONA! UN HOE AVERTI EN VAUT DEUX!

  • Turahojej Umuryango Wa Nyakwigendera Lt General Adolphe Nshimirimana Twongera Dutera Ivyatsi Abo Babisha Kandi Nivyo Bateguye Vyamenyekanye

  • Murabanza mutohoze abishe ndadaye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.