IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rwasa Agathon yatowe n’umurwi uhuza aba FNL kugira arongore umugambwe

Rwasa Agathon yatowe n’umurwi uhuza aba FNL kugira arongore umugambwe

mardi 24 Ruhuhuma 2015

N’aho umurwi wari washinzwe n’impande zibiri zisanzwe zidacana uwaka mu mugambwe FNL zari zashitse ku kwiyunga kw’uwo mugambwe, ntivyabaye bigikunda ko FNL yiyunga.

Mu kiganiro Emmanuel Miburo yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, akaba yari yashikirije ko inyuma y’ibiganiro vyari bimaze iminsi, umugambwe FNL wiyunze, ko Agathon Rwasa ari umukuru w’umugambwe, Yakobo Bigirimana akaba icegera c’umukuru w’umugambwe nayo Emmanuel Miburo akaba umunyamabanga mukuru w’umugambwe. Avuga ko ivyo vyemejwe n’uwo murwi, ko Yakobo Bigirimana ategerezwa kuvyemera, yanse naho, agatanga imihoho.

Ukwo kwiyunga kukaba kwari kwakiriwe neza na Agathon Rwasa yari yatowe n’abo bari muri izo mpande zahuza abo banamarimwe, ariko Yakobo Bigirimana avyamirira kure, mu gihe avuga ko Emmanuel Miburo yari asanzwe ari icegera ciwe, yahagaritswe muri ayo mabanga. Akamwagiriza ko yari amaze iminsi yigenza nabi muri uyo mugambwe.

Ariko hakaba hari amwe mu makuru avuga ko uko kutiyunga kw’abo banywanyi ba FNL kwoba kwanse bivanye n’icuka kitari ciza mu runani RANAC dushayure Uburundi bwogorore n’umushingamateka Yohani Minani arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri asanzwe ari muri urwo runani. Umushingamateka Yohani Minani bivugwa ko acuditse cane na Yakobo Bigirimana arongoye FNL yemewe n’ubutegetsi hamwe na Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi, abo nabo bikavugwa ko bacuditse n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Abo muri RANAC rero bakabona ko badakanuye maremare, bashobora kwisanga bari mu co bita SYSTEME ya CNDD FDD.

Amwe mu makuru ikinyamakuru IGIHE caronse, akaba ari uko, umugambwe FRODEBU Nyakuri ushobora n’ugukurwa muri urwo runani RANAC dushayure Uburundi bwogorore, urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, kugeza ubu rukaba rurongowe na Agathon Rwasa, icegera ciwe nawe akaba umushingamateka Karori Nditije wo mu mugambwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

  • nama mvuga ko abahutu ari ibijuju. CNDD-FDD ihanurwa n’abatutsi nka kagame, museveni , Rwasa nawe ahaye gukorana nabo. Rindira babasubiremwo ntimuhaha

  • Biregarega bigumye,aho ntangorane zirimwo,kabuga!ahubwo ivyo vyerekana evolution(negative ou positive)!

  • wamuntu we sinkuzi ariko nshaka ndakubwire amacakubiri ataho azogushikana!!!uracar inyuma yigihe!!!hraho ibihe turikobturarengana mugihugu cacu ...kanura ubone in gene Imana iriko irakora muguhindur uburundi bwacu.

  • Ivyo bisigura kimwe leonce yirukana domitien akanka kwiyunga na minani benshi bavuze ngo ntashoboka arik biragaragara ko minani na domitien ari ivyitso vya dd kuk biraboneka ko atakizima bariko barakora.kubwivyo nosaba rwasa na nditije gukuramwo minani hakiri kare.murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.