IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA urahoza umuryango wa Patrice Gahungu

Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA urahoza umuryango wa Patrice Gahungu

vendredi 11 Nyakanga 2015

Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA urahoza umuryango w’umuvugizi wawo Patrice Gahungu yagandaguwe kuwa mbere igenekerezo rya 7 Nyakanga 2015.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Chauvineau Mugwengezo umukuru w’iteka w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA,uwo mugambwe umenyesha ko wakiranye umubabaro mwinshi urupfu rwa Patrice Gahungu.

Muri iryo tangazo,umugambwe UPD ZIGAMIBANGA umenyesha ko Patrice Gahungu yamye akora mu gukingira agateka ka zina muntu,kandi yamye yiyamiriza ukudahana,akaba kandi yaritanze mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu catumye haba ukutumvikana mu gihugu.

Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA urangiza umenyesha ko abanywanyi b’umugambwe bose ku nzego zose,kuva mu bakuze,abakenyezi n’urwaruka bahojeje umuryango n’incuti za Patrice Gahungu.

Mwomenya ko Patrice Gahungu yabaye kandi umukuru w’urwaruka ruhurikiye mu Runani ADC Ikibiri.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.