IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umukuru w’igihugu yabogoje Abagumyabanga batamushigikiye

Umukuru w’igihugu yabogoje Abagumyabanga batamushigikiye

dimanche 29 Ntwarante 2015

Inyuma y’aho bamwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD bamenyeshereje ko batipfuza ko Petero Nkurunziza yotoza ubwa gatatu, bamwe muri abo, batanguye gukurwa mu mabanga yabo, bagaca basubirizwa ubwo nyene.

Thadee Siryuyumunsi yahora arongoye iradiyo n'imboneshakure vy'igihugu

Itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/75 ryo ku wa 28 Ntwarante, rikaba ryagenye Jerome Nzokirantevye, mu burongozi bukuru bw’iradiyo n’imboneshakure ya Reta. Uwo akaba aje asubirira Thadee Siryuyumunsi yaheruka gutera umukono ku rwandiko rw’abagumabanga batari bake, bari mu nzego zitandukanye nkuru nkuru z’igihugu barimwo abashingamateka, abarongoye intara n’amakomine, abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu, ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu biro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka n’abandi.

Eka mbere mu bakombowe harimwo n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana, yari kw’isonga ry’abanka ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, yasubiriwe na Gervais Abayeho yahora ari icegera mu buvugizi bw’umukuru w’igihugu, nayo Louis Kamwenubusa yigeze kurongora iradiyo Rema FM mu nyuma akaja gukora mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba yagenywe kuba icegera c’umuvugizi w’umukuru w;igihugu.

Tukabamenyesha ko mu mugambwe CNDD FDD ibintu bitoroshe kuva aho hari umurwi w’abategetsi bakuru bakuru basabiye ko umukuru w’igihugu atohirahira ngo asubire kwitoza ubwa gatatu, bamwe muri abo baratswe ababacungera umutekano, bandi bicura kwicwa. Ibikorwa mu nama nshingamateka bisa n’ivyahagaze, mbere hakaba hari n’amakuru avuga ko, hoba hari umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD bakiyoboka Petero Nkurunziza, boba bariko barita ku rutare kugira ibiro vy’inama nshingamateka birongowe na Piyo Ntavyohanyuma bikomborwe, mbere n’icegera ca kabiri c’mukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri, agashobora gukurwa. Abo bagabo babiri bikavugwa ko batorohereza umukuru w’igihugu mu gukombora abamaze kwiyamiriza ikiringo ca gatatu.

Louis Kamwenubusa yigeze kurongora iradiyo Rema FM
Leonidas Hatungimana yohora ari umuvugizi w'umukuru w'igihugu

Aristide Nizigire

Messages

  • huuu mbega yokura gute rufyikiri ariwe agendaako?rindira gato, no mu bashikiranganji twumvise ko bagira bavug ko batamushigikiye. Aha ndakubwire ga munyamakuru nka jeaan claude, tabu, rosa, hanyuma rufyikiri, ntavyo bose baramwanse...oya peta nagende neza

  • hahahah agatu gatekeey amahwa karimena, nkuru ntiyorohewe mu misi nawe bagiye kumuvira hasi abadd biwe yibaza ko asiigaranye...dd nyakuri iragi rya radjabu yavutse

  • uwo munyamakuru alstide tumukorerekoninyankaburundi, ivo yandika arahengama gose ari muri aranac ya nditije kuva kera, ko atavuze abasinyuye..genda twarabahinyuye abakorera amerika, tubavirehasi mewese mwaka amahoro..azotsinda mutama mwankamuwukunda

  • - Turavye ibiriko biraba muri CNDD FDD , dukoresheje ubwenge IMANA yaduhaye turabona ko igihugu c’uburundi kigeze aho umwansi ashaka kandi kuva aho peter bimunaniriye guhindura CONSTITUTION afise IMIKOSHI izomuherekeza gushika IMANA imweretse ico yamuteguriye, ariko MANDAT YA GATATU YO NINKINDOTO NASHAKE AHEBE VYARANSE kuko afise imivumo n’imikoshi myinshi

    - DIEU A COMPTE, A PESE ET A DIVISE, hasigaye umunsi tuzokumva peter yahunze kuko ntaco agishoboye SA LEGITIMITE ET SA FORCE SE DETERIORENT TRES CONSIDERABLEMENT DU JOUR AU LENDEMAIN.
    TWATWAWE NIBISIGIGA NTITWABIMENYA ,NAYO IBISIGA NTIVYUBA BIRASAMBURA UMUGANI WA WAMURIRIMVYI ATI TEMBA HARAGEZE!!!!!!!C EST DE LA DESOLATION

  • Icaha ntawe cereye! Peta,n’abo bandi, mwasheshe amaraso menshi! Mupfunga inzirakarengane,agahotoro katagira izina! Ngaho inkoni y’Imana Ihoraho irihejuru yanyu! Pewa ahenda abantu ngo ni umusenzi! Hoooo! Kirakwagira uyumwaka Icaha ntawe cereye! Peta,n’abo bandi, mwasheshe amaraso menshi! Mupfunga inzirakarengane,agahotoro katagira izina! Ngaho inkoni y’Imana Ihoraho irihejuru yanyu! Pewa ahenda abantu ngo ni umusenzi! Hoooo! Kirakwagira uyumwaka pe!

  • nibindi vyinshi tuzobimenya

  • Peter ndamwubaha kuko ari umukuru w´igihugu kandi canje. Ariko ambabarire kuko politique finalement niyaba atabigira abibona kugira asambure umugambwe wiwe azoba soit yikunda cane kugeza aho avuga ati" après moi le deluge" canke tout simplement ntayo azi na gatoya. Gukura abo bantu ni ukuvuga ko abongerereje agashavu, nabo ubu bazoca bakora ibishoboka vyose bamurwanye kandi bazomutsinda kuko nibo bashigikiwe n´abanyagihugu benshi. Abo nabo bemeye ayo mabanga abandi bavuyemwo ni ukuvuga ko bazoyamaramwo umwanya urume rumara kuko inyuma y´amatora bazoca bayavanwamwo!

  • Muragaba Andreas Nkuru Pierre ntasuke mu manga ama miliyoni y abarundi. Dusabe ko inguvu atari zo zorongora igihugu, ubwitonzi be n uguhanugwa ni vyo vyamye biranga abarundi.
    Kananira abagabo ntiyimye.

  • nivyo umugambwe nubakure niba aruwo wabashizeho,kuko barashatse kugumura abanyagihugu,no gutembagaza reta yemewe n’amategeko. ibyikiringo ca 3 iyo bavyigira mumuganbwe wabo, ntivyari ngombwa ko twese tubimenya munzandiko.

  • ok, nisawa,ukiringo kigira gatatu singishyigikiye ariko nkindongozi nkuru sikuriya zarikubikora,barigusaba umubonano numukuruwigihugu bakabiyaga nawe. byateye abanyagihugu uruhagarara rukomeye cyane.

  • Peter ico uhawe nukwiba ucakwa nugutakara warivye amatora ukoresheje ingumvu none ubu uriko uta amaguru n’amaboko ntawubeshera Imana irakugaragaje kuri iryarya Abarundi barakwihanganiye aho wabariririye nkinda mu mpuzu Abasirikare n’abarundi b’umutima bakora ibikora inka uvyitirirwa na RTNB muga genda na Shetanini ntazogutora wagumye w’iyitirira Yesu atari vyo uzopfa wangara nkagahini kuko ivyo wakoreye abo muvukana nivyo bikugarutse Rwaruyoya wica
    ruguma rutakamba

  • NDABABWIRAKO NUBWOYOBA NKURUNZIZA ATAZOKWITOZA NKUKO ABONABO BAVYANDITSE BABIMISABA BAHAGAZE KUGASOZI, MUVYUKURI NIVYIZA KUBAHAGARIKA IZIRA BABICISHIJEMWO KANDI ARABANTU BARIBAZWI MUMUGAMBWE BABISHIKIRA IRANABAJE! KUBAHAGANIRIKA NIVYO ABOBANTU IVYOBAKOZE BITEYE AGASONI MBEREKUVA UBURUNDIBWABAHO ABOBAGABO BABAYE ABAMBERE BAGANGAHUTSE KANDISUKUVUGAKO KUVUGAKO NKURUNZIZA ADAKWIYE KUZOKWITOZA ARIRYOKOSA AHUBWO NUKUNTUBABIKOZE KANDI TWARITUZIKO BARABAHAFI MUBANYAMUGAMBWE NOGUSHIKIRA PRESIDENT WIGIHUGU VYARIKUBIROHERA.AHUBWO UWUMUGAMBWE NIWISHIME ABOBANTU BARI DANGER MUMUGAMBWE ARIKO IYOBASABA IMBABAZI MUNYANDIKO VYARIKUBA AKARUSHO KURIBOSE.

  • Shiriraaa, hongora injavyi!!! ntibakorako!! ntibishoboka!!!

  • wamuntu wiyise nzovu nkiri kwarwsa ibantu nkabo twabita ibihemu mbere mutama rwasa yarara asohoye itegeko ryokubaca umutwe ego nsimvuze ngobabice kuko icogihe twakirenganye ariko utema urwiwe bamutizumuhoro reka twisamburireko base ushikikirwe nayo kuvuga NGO barivye wokwiba umuntu idafise subiza Ameru mwisaho cndd FDD iracagutwara nagira ndakwibutse kwimyaka yose twabatwaranye ubwitonzi ntagere ariko ubu tugiye kubahindurira ntuze wigere wiyumvira narimwe kohari umu dd nyawe atinya gupfa

  • none ko Nkurunziza we aguma mugacere ntiyovuga ukuri aho ahagaray abarundi bakareka kujuragirika

  • mbega vyumugabo nkurunziza abona yuko arakamana kuburundi mbega abo agombaguciricobo wewe arazi ibimurindiriy ivyarivyo yogomba yotekereza benshinkaw barangiza nabi.

  • muri CNDD-FDD democratie barayirukanye,uvuze ico Nkurunziza adashaka urwawe rubaruheze,Abarikumwe na nkuru nta mumugambwe bakunda,bakunda ico wabagize.ubu CNDD-FDD usigaye kw’izina gusa.

  • Tugire CNDD FDD!!Tekana sebarundi aracari kuri Volant!!

  • Ntakwontabakunda, ariko inzibabicishijemwo sinzizanukuri! yaba kucobita umugambwe wabo, canke kumukuru wigihugu bitako yavuye mumugambwewabo, ariko ivyobakoze nivyoza kuruwowese asanzwe adahanirwere umugambwe bitawabo CNDDFDD niyaba nabo ahobari batavyiyumvirako inzirababicishijemwo kwatarinziza vyobabibabaje! Nezaneza barikugenda bakiherera nkabagumyabanga maze bakisanzura bakamutombokana bakabimusiguriraneza ...........................impamvu babona adakwiye kwitoza nkukonabandi barikobarabikora mwibanga kandibiriko biragendaneza.

  • none ga karaciye ingani abarundi bame baryohegwa no gutabagurana no guhendana.ico kiringo bapfa kizanwa n’amategeko yanditse nabi,kandi yanditswe n’abarundi.kuberiki ivyo tuvyirengagiza?ico kiringo mugihe congrès yomwemeza agifitiye uburenganzira ahabwa n’ingingo ya 96 y’ibwirizwa shingiro. uwobona yamurambiye ico yokora yomwima ijwi ryiwe ntakindi.

  • Imana Idukize Ibihuhusi Vyabashaka Inyungu Zabo.

  • Nkurubziza naheb iyomanda nimba akunda abarund nkuko yama abivuga kuko akaramuka atayihevy abarundi nuburund turikumanga

  • Ewe peter nkurunziza,uriyambitse ibara asha tugiye twamenya uwo uriwe! Kumbe urigisizimwe ciyambitse urushato ry’intama pe! Aho waririye nturarahimba ?Giramamahoro no mumugambwe gwawe bakwiyamirije abo baguhenda bose buca mujanwa imbere y’ubutungane nka ba laurent Gbagbo, na ba blaisé compaoré aho wihenda yuko ufise ingufu zingana iki zogutsinda amakungu na ONU?Rorera gatoyi ubigeze hama we nizombonerakure zawe urabe yuko mutazopfa mwangara nkinterahamwe zo kwa havyarimana mu rwanda ndakengurukiye abo Bashingantahe bose bariyumutima amenya bakikinjurira ibara ritaragwa nkuko peter yama yivugira yuko ngo uzotanguza ingwano ngwizohera iwe igaherera iwe ubu buca iheriwe izomuherereko ajanwa mubutungane muri Cpi kuzishura kumabi yagirizwa yama ahenda bene Burundi ngo arasenga kumbe ahibambewe ubu uye arahinyutse namanyanga yiwe wose ubu buca ashiririzwa nawe ajugumizwe!

  • Mukuru wigihugu reka abarundi batwagwe n’amategeko

  • nta majambo menshi gusa nuko igihugu kigiye gusambagurika hose mu mice yose; wewe hari umuntu ubwenge bwoba butonze ku murongo agaheza agakora ibintu nkibi? urashobora gukura SIRYUYUMUNSI ugasubiriza JEROME ? oyaaaaa, nawenu. ndabigereranije nu wakuye muri CONSEIL ECONOMIQUE, Ministre NIYIBIGIRA agashirayo imbunuza y’imbonerakure ngo NSENGUMUKIZA. nico gituma igihugu gikeneye UWO GISHAYURA carashaye pupupu!

  • GABE GABE...!ABARUNDI TWARAMANYE INDERO ARIKO TUGIYE KUNANIRWA.ARIKO NKIZOMBURAKIMAZI ZIVUGA KWIZINA RYABABARUNDI ZIFATIRA MU GAHANGA UMUKURU WIGIHUGU CACU BANDIKA IVYO BISHAKIYE NTITURI KUMWE KUKO TWEBWE TWAKURANYE INDERO
    UMUKURU WIGIHUGU SUWO KUVUGA UKO USHAKA.
    TURABASAVYE BARUNDI BENEWACU MUMWUBAHE GUSHIKA AKIRI MURAYO MABANGA NAHO YOBA YARAVUYEYO NI KUMWUBAHA KUKO YADUTWAYE NEZA MU RUNDI MU KWEGEZA INYUMA IKIBAZO CAMACAKUBIRI.

  • Ya Demokarasi ivurwa iri hehe? Kari akarimi! Kubogoza umuntu mu kazi umuhora ko mudahuje ivyiyumviro vya politike usigaje amezi atarenga 2 ngo utwarure ni ubujuju butagira izina! Iryo futwa mu kazi ryabiyamiriza ikiringo kigira 3, ntaho bitaniye ni iki robeli, kuko ari uguhungabanya umutekano w’igihugu.Nkuko Umukenguzamateka Ntibantunganya yabivuze kuri radio Isanganiro, c’est un acte irresponsable. Uburundi si ubwami ni repubulika. Mu Burundi hagasubira guseseka amaraso bivuye ku nyungu z’abantu batatu, bamenyeko bazobibazwa imbere y’Abarundi n’a makungu. Ghadafi ntako batagize,uhereye kuri Union africaine na ba Perezida benshi bincuti bamwinginga guhunga,ariko impanuro zose yazirwijije n’ubusa. Sinipfuza ivyamushikiye ko vyoshikira umukuru w’igihugu c’Uburundi kuko arasigaje umwanya mutoyi cane wo kwikubita agashi. Amenye neza ko abo bose bashigikiye ikiringo ciwe ca 3 ari abansi biwe, eka mbere n’abansi b’Uburundi.

  • Icibonekeza coco nuko Peter ibint’ ibintu byamaze kumucanga, kubera kukuguma yibaz’ uko bizomugendekera nyuma ya 2015, kuberako byibonekeza ko abarundi hafi yabose uhereye kubo yahora yibaza bari hafi yiwe batakimushaka. Ariko arkor’ibintu nkiby’abana mukurondera kunumish’ abarundi kunguvu.

    chance yiwe yo guhitamo neza iri kwegera zero. Reka turindire turabe, nahora nibaza ko ar’ umunt’asenga kand’ aciy’ubwenge none aho bize ntanguye gukemang’ Imana yahora asenga, canke ubwenge bwe burihehehe??? Abarundi bo muri 2015 sibamwe bo muri 20th century. Nakor’ibyo umv’ ashak’ ariko Bob marley yaravuze ngo every little action there is reaction.Narabe neza ntakoz’abarundi agati mujisho kuber’inda ndende kuko ntibakiri bamwe bambere.

    @ Nuwera rab’ukungene wo kwiga kwandik’ ikirundi kubera biratey’isoni kubon’utazi kwandik’ ikirundi muri 2015. twese turakor’ amakosa mugabo wew’ urarengej’ urugero nkek’ ariko karanga kaba dd canke. Mbe namb’ utazi kwandik’ikirundi fuma wandika murundi rurimi ushobora kwandika neza none( french, english etc). Urutwa natwe tukivanga nindimi zamahanga kandi wigir’ nkuk’umengo CNDD FDD yahinduy’ uburundi paradizo. Wategerezwa kub’ urik’ uratwereka igituma wibaza ko Peter ategerezwa kwongera kwitoza, but waand’ ikirund’ukuraho bica biboneka ko Peter ashigikiwe nab’ iginorants gusa.

  • "Ijambo rivugwa n’umwe rikaba risema". Iyo babiri canke batatu bahurije kw’ijambo rimwe, uwutungwa agatoki akwiye kwinegura akaraba ko ariko akora ibicanye n’akarangamutima k’abo aserukira. Aho rero mbarira uwahora ari nyakubahwa mu gihugu cacu abenshi bahindukiriye biyamiriza ko yosezera neza mumahoro i Burundi.

  • REKA KUBA MWIGIRA ABAHINGA MUKWANDIKA IBITAGIRA UMUTWE NA MAGURU.....NKURUNZIZA ARAGUMA KWIVOLANAT KANDI HAZOBA HAKURIKIJWE AMATEGEKO.

    MBEGA NDAKUBAZE KO ABARUNDI MUVUGA NGO MWAMUKUYEKO AMABOKO....NTIMWOREKA AKAZITOZA HANYUMA TUKAREKA KUMUTORA KO WUMVA TUTAKIMUSHAKA.....

    UWIYEMERA YISHURE ICO KIBAZO.....!!!!!!!?

  • mb nduwimana w wizeh!erega hitoza uwo amategeko yemerera kwitoza,tumureke amategeko atamureka!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!?nyishura naw kurico kibazo

  • Abo nibaniryo bareke batware kuko nigere ryanyuma

  • Birabreye ko abo bose batipfuza amahoro mu gihugu bakomborwa izuba ryaka kuko ntakindi twabatumye uretse guharanira inyungu z’igihugu atari inyungu zabo.uwuzorukarisha ruzomumwa nayo amaso y’ibikere ntabuza abavoma kuvoma.abavuga ayamuhe ni akarwi gato k’inyanka Burundi atakindi barota atari ugusuboiza mw’ihumbi igihugu cacu. Amahoro twayaronse bitugoye dutegerezwa kuyabumbatira. Abo bategetsi nabo basinye izo nyndiko bahoimvye rutwa kuko umwana arezwe neza asohora ukuboko.

  • Nimusenge ntangorane IMANA IZOMUFASHA ABIHEBE NTIMUGIRE UBWOBA GUSA MUMUSABIRE NTAKOMANTAZWE UMUTIMA NKA FARAO

  • Nyenicubahiro abarundi bose ntawutoshima ibikorwa vyiza wakoze ariko,reko kwumviriza ako karwi gakora nabi atakindi kagamije atari guta igihugu mumanga,wumve impanuro zaba mwafatanije urugamba rwo guharanira demokarasi ndetse bamwe bakanahasiga ubuzima.wongere wumvirize n’amakungu kuko kubirukana mumugambwe siwo muti, baca umugani mukirundi:’’ ngo wica inkoko ntiwica ico yabitse.’’

  • Utubazo twanje kandi abarundi munyishure : Nkurunziza yoba ya vukanye Imbuto ?uburundi bwoba ari itongo ryase wenyene? Mwari bwabone umu Presida AFITA AMATONGO MUMA cOMUNE YOSE YIGIHUGU ? Mwari bwa bone umu president kumusi mukuru waba kozi , umusi woguha agashimwe umurundi wambere yitanze ,, atora umugore wiwe be numuhungu wiwe ko arib barundi bambere bakoze ibishimishije mu millioni 9 arongoye.... Icoco gihugu c’uburundi ni cimbonerakure zo nyene ? Icogihugu c<uburundi nico abashigikiye manda ya gatatu bonyene ? Abonyene , boba baziko NKurunziza ASIGAJE IMISI IARENGA 28, yitwa president w’uburundi. Ivyo bijuju bimwiruka inyuma vyoba bizi ko atazosubira gusinya decret nimwe inyuma yitariki 30 zukwa kane ..... Igihugu ntigishobora kuja muntoke yakagwi kibisuma nabambuzi , abicanyi barongowe nibijuju nka dolofu na nkurunziza ..... aba DD, bincabwenge kandi bakunda igihugu , twaraye twiteye iteka , kandi tuzorigwanira , gushika democratie Ndadaye yazize, ubutungane nyabwo Rwagasore ya zize , abarundi bose bu bwoko bwose baburonke.
    bagumyabanga ncutizabagumya banga ,barundi mwese , ntimutinye ngo igihugu kigende akagirire kubera akagwi kabicanyi , abahimbiri , ibisuma nabambuzi. Harambe uburundi nabarundi.
    CNDD FDD twarabohewe amaboko imugongo nako kagwi , trop c<est trop c,est le moment de dire NON a Nkurunziza.

  • nyakubahwa. ndaguhanuye kandi ndagukunda mandant yagatatu yihebe kuko niwaguma wumviriza karyakagwi kaguhenda. umenyeko ahowagejeje kuvugwa neza uzoharenga uvugwa nabi kuko twaramaze kubibona kowase guhanugwa ntakindi urindiriye atarugusubiza igihugu mukaga. umenye ikizoba cose kizokuja kugahanga kandi barya baguhenda munyuma nibo bazoguhinduka kandi bazokubagira ibisiga nkuko bagize mutama wacu NDADAYE. emera uhanurwe bigishoboka ntuzosigare uricuza uti iyomenya.

  • @ntaconcera
    wewe nturi umugumyabanga uri urupfu rw’umwungu wa rwa ruyuziubwoko bubi imana simbona ingene yabazanye mu gahugu kacu,ariko ni rusiferi shobuja wanyu yabazanye,nagire nkubwire ko iminsi 28 ikwiye kugire asinye decrets nyinshi zihindura ibitari bike,ahubwo uyo jeremie namwirukane yari nka ba onesime yaha akazi impenekazi z’abatutsikazi gusa,ntaco bobona ivyo bihemu vyose vyirukane mu mugambwe no mu mabanga yose y’igihugu hasigare abagumyabanga ba vrai

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.