Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPD Zigamibanga : Inyuma y’indyane bari bamazemwo igihe bitoreye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPD Zigamibanga : Inyuma y’indyane bari bamazemwo igihe bitoreye (...)

UPD Zigamibanga : Inyuma y’indyane bari bamazemwo igihe bitoreye indongozi

lundi 23 Ruhuhuma 2015

Mw’ikoraniro kaminuza ryahuje abanywanyi b’umugambwe UPD Zigamibanga bahurikiye mu mashami abiri yari amaze igihe adacana uwaka, batoye Zedi Feruzi kugire abe umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga.

Muri iryo koraniro ridasanzwe ryari ryitabwe n’abanywanyi b’uyo mugambwe bari bamaze igihe bari mu mashami abiri adacana uwaka, rimwe rya Zedi Feruzi ryari ryemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’irindi rya Chauvineau Mugwengezo ritari ryemwe n’ubwo bushikiranganji, yose akaba yari yagiye hamwe kuri uyu wa 22 Ruhuhuma, maze atunganya iryo koraniro, ryaciye ribaha indongozi bose bitoreye kandi bahurizako.

Zedi Feruzi yatowe n’Abazigamabanga kugira abe umukuru w’umugambwe, Chauvineau mugwengezo aba umukuru w’umugambwe w’iteka nayo Marina Barampama yahoze mu mugambwe CNDD FDD ndetse akaba yaranabaye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, aba umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe.

Muri iryo koraniro, amajambo yose yagiye arashikirizwa, akaba kwari ugushima intambwe ishimishije uwo mugambwe wari uhejeje gushikako mu kwiyunga, abanywanyi bawo bagaheba ivyabacanishijemwo, bagashira imbere inyungu y’umugambwe wabo. Muri ivyo birori nyene, abanywanyi b’uwo mugambwe basavye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ko atohirahira ngo yitoze ubugira gatatu, ko yokwubahiriza amategeko, nk’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha avuga ko ata mukuru w’igihugu c’Uburundi arekuriwe kurenza ibiringo bibiri.


Aristide Nizigire

Messages

  • NTAMUNTU YOMPA AMAKURU YA KAMPAYANO?????? CANKE YASUBIYE I KINSHASA KUDANDAZA IBIKOMBOKOMBO. HASIGAYE KO BATUMENYESHA UWOBAZOTANGA MUKIBANZA CUMUKURU WIGIHUGU.

  • Marina Barampama siwegusa yazuye muri CNDDFDD gusa kuko UPD Zigamibanga numugambwe ugizwe nabiyongoye kuri CNDDFDD sinzigituma muvuzerero ngo Marina yavuye muri CNDDFDD!!!???. Ariko nubwobirukwo ndabakeje abobantubose bemeye kwiyunga maze tureke abivyananiye bakishingakuvugango nikirango kinyerera naco ikiragocabo Numushikiranganji wintwaro yohagatimugihugu yabagoreweko.

  • Nuwera we iryozina ntirikubereye nagato ahubwo ukwiye nuwirabura,ndumva ko wanezerewe kubona hapfuye umuntu,none wunguka iki?kuko ngo zirisha mukike zirariye mpanda kandi abariko bica abantu nibabura abo bica bazoza mubariko babatuma kumwe bavuga ngo iyigisanze gisigaye niyumurira waka uzana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.