Accueil > Poritike > Imigambwe > UPRONA : “Amaherezo y’ibarabara ni mu nzu’’
UPRONA : “Amaherezo y’ibarabara ni mu nzu’’
vendredi 24 Nzero 2014
Inyuma y’aho abagize umugambwe Uprona bacaniyemwo, bamwe bakaja mu nzego zirongora igihugu abandi nabo bagahitamwo kuja mu runani bavuga ko rwishinze gusubiza umutamana uyo mugambwe, basa n’abariko barashika ku ntambwe ikomeye yo gusubiza hamwe, ndetse imanza bari bafitaniye muri sentare, bakaba bazikuyeyo.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushingamateka Karori Nditije arongoye umugambwe Uprona ari kumwe na Evariste Ngayimpenda asanzwe nawe arongoye umurwi wishinze kwambika umutamana uyo mugambwe, bavuze ko bagiye kwiyunga, kandi bagaheba inzira z’amasentare kuko babonye ko amaherezo y’ibarabara ari mu nzu, na cane cane ko babonye ko izo manza atakindi zari zigamije atari uguhamba Uprona.
Umukuru w’umugambwe w’Abadasigana Uprona Karori Nditije akavuga ko bafashe iyo nzira kugira umugambwe wa rwagasore ntugende akagirire, ubu bakaba bagiye gukomeza ibiganiro.
Eka na Evariste Ngayimpenda ari kumwe n’abandi bamuherekeje basanzwe bari kumwe mu murwi wo gusubiza umutamana uyo mugambwe , bakavuga ko ubu fashe inzira nziza yo kuja hamwe, na rirya bavuga ko hari abantu boba bari muri Uprona bari mu nzego hamwe n’abatari mu nzego, bashaka ko abanyamugambwe baguma baryana.
Abo badasigana bakavuga ko bari bayaze iminsi, ubu bakaba bashitse ku kintu gikomeye. Ubu rero baremeza ko ibiganiro vyo gusubiza hamwe bigeze kure, abari bunguruje izo manza bakaba bazikuyeyo, ku neza y’umugambwe wa Rwagasore n’iy’abarundi bose.
Tukaba twobamenyesha ko ico gikorwa co gukura izo manza muri sentare cari citabwe n’abantu batandukanye, yaba bamwe mu bashingamateka n’abandi badasigana, harimwo abahoze bayoboye ibisata bikomakomeye vy’igihugu nka muganga Yves Sahinguvu, yigeze kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Aristide Nizigire
Messages
25 Nzero 2014, 00:00, par Paty
Umuntu ariyumvira ico mwari mwaratebeye gusubiza hamwe akakibura!mbe ubundi ho mupfa iki?ikibanza c’icegera cumuku wigihugu?sinzi ko murabibona;kirya kibanze mukijamwo kwizina arik kubikorwa n’ubusa!!kandi nico babategerako kugira uhekwe mukwaha!shira imbere inyungu z’umunyagihugu apana ikibanza muronka kwa gusa!
25 Nzero 2014, 02:33, par Mama
UPRONA mugizeneza cane.
25 Nzero 2014, 11:56, par karikurubu
UPRONA yariyo ku bw’umuganwa Rwagasore abandi bobo ni imbunuza
25 Nzero 2014, 18:12, par Mama
Murabarero kubera aba UPRONA baze ikintu kidahungabanije umutekano wigihugu bamwebatanguye kubita imbunuza, Nkuburero UPRONA ivuzeko igiye kurwanya umugambimwiza nkuryawa CNTB mpakakumwisho bocababemera kandibocababonako barikobarakora nka Rwagasore, Nibazako UPRONA yibuka ukuntuyabwirwa ngokubera baseguta igihugu cabo igihe abandi baribakimajije amaguru biruka ngoyagizenabi ngokurera bagumyemugihugu mbere bakemera gufatikanya nabaribatsize amatora, bamwerero baviseko UPRONA yakoze ikosha!!!