IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPRONA : Kuki Bonaventure Niyoyankana yishikanye kwa Concilie (...)

UPRONA : Kuki Bonaventure Niyoyankana yishikanye kwa Concilie Nibigira?

vendredi 10 Ndamukiza 2015

Ingorane zivuye kw’ikurikizwa ry’urubanza rwaciwe na sentare nkuru y’igihugu, nirwo rwabaye intandaro y’ingorane zatumye umugambwe UPRONA udashobora gusubiza hamwe, nk’uko bivugwa na bamwe mu bigeze kurongora uwo mugambwe.

Mu kiganiro catanzwe ku banditsi n’abamenyeshamakuru, Aloys Rubuka na Bonaventure Niyoyankana bose bigeze kurongora UPRONA, bavuga ko muri iki gihe hegereje amatora, bigaragara ko hari imirwi ibiri muri UPRONA, iyo nayo, ikaba yaramaze gutandukana rwose, mu gihe umwe wamaze kwiyunga na FNL mu kwitegurira amatora, bakavuga ko ivyo ari ubwa mbere biba, uwundi nawo naho abari muri wo batigera babivugira ahabona, bikavugwa ko bari kumwe na CNDD FDD, uravye amwe mu majambo bashikiriza, ku kibazo c’ikiringo ca gatatu.

Muri abo bahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, Umushingamateka Niyoyankana Bonaventure yari amaze iminsi asa n’uwurwanya ishami rya Concilie Nibigira ryemewe na Reta, akavuga ko yishikanye mu ntumbero yo gutora umugambwe UPRONA, n’ukuwamamaza, kugira uze utsinde. Uwo mushingamateka rero kimwe n’akandi karwi gato, bakaba bari bashinze umurwi wo hagati, uwo murwi nawo, ukaba washaka guhanura uruhande rw’umushingantahe Nditije n’urwa Conciliya Nibigira kugira biyunge, ariko bikaba vyabataye kure.

Umushingamateka Karori Nditije, arongoye UPRONA itemewe n'ubutegetsi

Ariko yaba uruhande rwa Nditije Karori canke urwa Conciliya Nibigira, izo mpande zose, zaremeza ko umurwi wo hagati, warimwo Abadasigana, bari barindiriye aho bisha kugira biyarurire, kuko ata hagati habaho, kimwe ushigikira aba, canke ugashigikira bariya. Kugeza ubu rero, uwo murwi wo hagati, ukaba usa n’uwasambutse, mu gihe abari bawugize bose batakiri kumwe. Umwe ni umushingamateka Niyoyankana Bonaventure yishikanye muri UPRONA irongowe na Concilie Nibigira, ariko rero kugira arinde yemera kwishikana, akaba yemerewe tumwe mu turusho, nk’ukuba umukenguzamateka hamwe vyogenda neza i Gitega aho avuka, eka n’ugushira ku mutwe w’urutonde, umwe mu bo wenyene yishakiye, mu ntara ya Gitega, nk’uko twabibwiwe na bamwe mu Badasigana ba UPRONA.

Ponsiyano Niyongabo, icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nkenguzamateka

Uwundi yari hagati, ni umukenguzamateka Pontien Niyongabo, bivugwa ko yabuze aho aja, yaba mu bashigikiwe n’ubutegetsi canke abigenga bariko bitegurira amatora hamwe na FNL yigenga, aca ahitamwo kwitoza wenyene, ku gatwe kiwe iyo avuka muri komine ya Mugamba. Nayo uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza, Victoire Ndikumana yari umushikiranganji w’ubudandaji canke uwari umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gatarina Mabobori nabo nyene vyavugwa ko bari hagati, kugeza ubu, bikavugwa ko hatazwi uruhande na rumwe bashigikiye, kuko basa n’ababirabira kure.

Terensiyo Sinunguruza, yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu

Tukabamenyesha ko mu bigeze kurongora uwo mugambwe UPRONA, harimwo abatari bitavye ivyo bikorwa, aha tugatanga akarorero k’umushingamateka Manwangari Jean Baptiste na Karori Nditije, arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi.

Umushingamateka Manwangari Jean Baptiste yahoze arongoye UPRONA
Concilie Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n'ubutegetsi

Aristide Nizigire

Messages

  • Nyenintambi ni uwuyifash ikirindi,nibemer Bayobok Concilia kko nayahandi bagiy kujuragirika.Burya Bonaventure n’umugabo naho Kamuciyemwo agatanga umugambw non arigaruy

  • abontamurundi w’umutima atazi ico bashaka atari inyungu zabo gusa ntibazi umutahe urimukurondera inyungu z’igihugu kandi bafise nikindi kintu kibahanze naco ni UBWOBA naho rero biyunga nabaraye biyemeje ko arabicanyi bagiye kubiryozwa na Sentare Mpuzamakungu

  • Yooooh, ehe ivyo bitama nibitamakazi bitigera bihaga! Mw mwiyunze na fnl muribagiy ya contrat social yiwe? Aho babahenz ngo yarahevy ya macakubiri? Namw mwiyunga na dd, uwo mukapitene banyuruje yahora acungera niyombare mwe mwamusumba? Iyo muja hose barabafyeta nakazi kanyu

  • @ ki Rupande, aho ufashije iki murivyo uvuze!?.

  • Naho mwoshaka mukareka gupfa ubusa porona bayi bayi mwarayihambiye ndababwiza ukuri inyuma ya matora nta porona izoba ikivugwa concilie nabiwe bazoja muri cndd.fdd, iyindi groupe nayo fnl porona bayi bayi

  • Mugenzi wanje girivyizigiro amashirahamwe yasambuwe yose agiye gusubira kubakwa neza ! dufise iyoturiko tuva niyo tugiye gushika! kukwicumuryabanyakibi ritakwama ritsindaje ngw’agororotsi boye kuramvurira amaboko abagabitanyi ! (Bibiliya) nugirivyizigiro tugiye gukira iyi politique mbi ishitse kw’iherezo

  • Mbegayemwe abarundi booooooose barwaye mumutwe??ibisazi vyaba CNDD,Vyandukiye naba UPRON?Mana numva unyumva,ukabaukunda uburundi nabarundi,turagusavye uhonye abobanye politique bose baharanira kwuzuza amada yabo hama mana udutire imigambwe yooooooooooooooooose utwubakire uburundi busha ,butagira amacakubiri,bwasokuru nabasokuruza kuko turarushe turarushe twese abarundi,turakeneyegutekana mumitima

  • Ariko aho ga rupande nta soni,umututsi amaze kwicwa na dd ni nde?Uko nama mvuga,uko niko mwamye,nihagira uwugira ingorane ni mwebwe abatutsi muzoba mumwiyiciye turabazi ,muzoce mu bishira ku mbonerakure,ariko twarabahinyuye, sha,ivyo bitama vyo si bamwe bo mu kirundo mwahenze,ivyo bizi ubwenge niyo agahiye kari ntibivako,abo wotuma uca izosi ntibarekura!!!

  • Mwaba porona nimureke kwimaramaza barabatwenga !!ahonta soni mufise?aho incungu yabarundi yo izi ingene yahabuje uwo mugambwe,yogaruka mwomubwiriki ?nimba mufise imitima nubwenge,reka kwonona umugabwe wa RwaGASORE ,kuko niwe yarizi akamaro kawo mwe nugusambura ivyomutaronde muharanira imizeze yanyu muguhendwa nivyo bijuju vyejobundi bifise imitima yubukoko kuko ari abanyeshamba !!mungu atabawonesha raba ingene iriko irabereka akarorero mucankuzo vyaribwabeho kuvuka umwna wa maguru 4namaboko3 !!!!!

  • Uyo Niyoyankana ninjananabaja agiyekubonako yihenze cane kandi agiyegufudika kuri cene politique

  • Basha uwo mugabo Ponsiyano Niyongabo yamye yipanga neza ubuki niho mbona umengo vyamurengeye. Mugabo bisubiye nubu nuko nyene agakecuru gahishijije ari Consiliya arinaco gituma Niyoyankana vyamwanse munda akemera akagoka nuko yamye par ailleurs, uwo ponsiyano muzohava musanga ariwe yari yegereye ukuri, ko yaha abana hamwe ngo baje mumatora hatari desordre nkiyi tubona ubuki umengo abaporona babageze inkokora.Bashake rero bitekerereze bakaja mumatora n’intebe rimwe izobagora kuronka. Ivyo Bunyoni nawe yemereye Sindimwo na Consiliya ntaco bazoronka kuko Nawenyene nyinshi basigaye bimusiga ntazi iyo biza biva. Hahiriwe abanyepolitike bagumije imitima hamwe kuko igihe Kiza umwe wese azobanza kutubwira ingene DD yamugerageje akayankira kuyifasha iri rementenya barimwo. Nawe iriko urabafasha wibaza ngo iriko uripanga uherekeza ubwije. Ejo niheza ntimwihebure.

  • Mbe Manwangari vipi. umuntu ataja niwabo naje guhungura abo ariko aragumura mu kirundo. muzotorwa na bande ko mwabashuhuriye hanze. abanya kirundo bo baripanze namwe mwabahenze ngo nibahunge.

  • niyoyankana yuzuye ububono.ntakintu nakimwe akora nkuwufise umushaha.ejo avuze iki,hirya yejo aba yagihinduye

  • Uprona imeze nka RUNARI yo mu rwanda kera. Yuzuye intagondwa zamaze abahutu. Niyo kagame yobafasha ntibazangera gusubira kubutegetsi!!!

  • abo bashingantahe nabapfasoni bararushe,nibahereze abakiri bato umugambwe,bobo babe abahanuzi muvya politiki.

  • Niyoyankana inda yiwe iramugoye ni mpemuke ndamuke .erega nabo yavyaye baravye nabi azobadandaza kuba dede ahantu yubahutse umugambwe wa rwagasore birya vyose urya mukecuru yakora yari mukwa ntabeshe ngo yari hagati ni baftane ukuboko barindire utwo cndd izobasigariza kuvyo iziba .gutsindako ni umugani

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.