Accueil > Poritike > Imigambwe > Urwaruka rwo muri Bujumbura rusabwa kubana neza mu butandukane bw’imigambwe (...)
Urwaruka rwo muri Bujumbura rusabwa kubana neza mu butandukane bw’imigambwe rurimwo
lundi 3 Ntwarante 2014
Urwaruka rwo mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural ruri mu migambwe n’amashirahamwe atandukanye, rwahawe inyigisho z’ukubana neza, no kudahohoteranira mu bihe vy’amatora, mu kiganiro catunganijwe na Search for Common Ground ifashanije na CEDAC.
Muri izo nyigisho rero bikaboneka ko urwo rwaruka rwari rwifashe neza, ndetse ivyanatuma umuntu yibaza ko ivyama biriko biravugwa ko hariho uguhohoteranira bigirwa na rumwe mu rwaruka ari ugushikuza. Mu kiganiro rumwe mu rwaruka rwo muri iyo ntara bahaye ikinyamakuru IGIHE, bakaba batatinye kuvuga ko harimwo bamwe biyambitse agashato k’intama, ariko aho bashikira mu mihana iwabo, bazaguca batangura kubatera ubwoba n’ukubahohotera.
Ku bwa Emmanuel Masumbuko umunyamabanga nshingwabikorwa w’umugambwe UPD Zigamibanga ishami ryo kwa Chauvineau Mugwengezo ari mu bitavye ico kiganiro, avuga ko imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD zihohotera abo batavuga rumwe, kandi ivyo bigakorwa izuba riva, ndetse n’abategetsi babona. Uyo munywanyi w’umwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta ihurikiye mu runani ADC Ikibiri, akabandanya avuga ko ingendo y’imbonerakure, ari ingendo y’ubutegetsi yo gushaka kubaburagiza, kugira abatavuga rumwe nayo ntibabeho, canke abantu bose baje mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD. Asaba ko urwo rwaruka rwo muri CNDD FDD rwoza rurahanwa iyo rugiriye nabi abandi, kuko niyo hari uwufashwe, amara umwanya urume rumara mu butungane.

Ku bwa Eric Batungwanayo arongoyo wo muri UPD Zigamibanga yemewe n’ubutegetsi, arabeshuza iyo mvugo ya mugenziwe wo muri UPD ishami ryo kwa Mugwengezo. Avuga ko atamuntu n’umwe arumva avuga ko yahohotewe n’imbonerakure. Avuga ko aho aherereye umubano ari mwiza hagati y’imigambwe itandukanye.
Mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike ahurikiyemwo urwaruka yari muri ico kiganiro catunganijwe na Search for common ground ifashanije na CEDAC, basaba ko abahurikiye mu migambwe boza baraganira, kugira urwaruka rutere imbere, ndetse n’ubukene bwugarije urwaruka buheze buhere. Niyungeko Egide arongoye ishirahamwe ry’urwaruka rwishinze guhinduringendo AJAP, avuga ko iyo bishitse urwaruka rugacanamwo canke hakagira abarwana, uwariwe wese yokurikiramwa n’amategeko, kandi agakurikiranwa kw’izina ryiwe atari izina ry’ishirahamwe kugira uwahohoteye uwundi amenyekane, nayo ubutungane bugaheza bugakurikirana uwo yahohoteye uwundi.
Tukabamenyesha ko ico kiganiro cari catunganijwe na Search for Common Ground ifashanije na CEDAC, aho urwaruka rwari rwitavye izo nyigisho rwari urwo mu ntara ya Bujumbura, benshi bitirira Bujumbura Rural. Audace Gahiga yatanze ikiganiro, yasavye urwo rwaruka kubana neza mu butandukane bw’imigambwe yabo ya poritike barimwo. Ivyo biyago bikaba bitegekanijwe kuzitabwa n’urundi rwaruka rwo mu zindi ntara z’igihugu, na rirya hegereje amatora yo mu mwaka w’2015.
Aristide Nizigire
Messages
3 Ntwarante 2014, 17:11, par mabano
komera rwaruka nimwe burundi bwejo. ariko muze murikurako imbonerakure kuko zizzi kuvyonga gusa