IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Vah Fashion Services yateguye Love Fashion kumusi wa Saint (...)

Vah Fashion Services yateguye Love Fashion kumusi wa Saint Valentin

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Muntumbero y’ukwerekana ubuhinga afise bwo gukora ibintu vyiza muvyo kwambara (fashion design, creation and decoration) , kwiteza imbere mukuronka akazi no kukaronsa abandi nivyo vyatumwe Vanessa Ishimwe atanguza VAH FASHION SERVICES mumwaka w ’2010.

JPEG - 42.8 ko

Vanessa Ishimwe ni umuyabaga yishinze kwiyungunganya akanafasha urundi rwaruka abicishije mugukora ivyugutegura imanza, gushariza amazu, imiduga hamwe nukwambika abantu.

JPEG - 19.9 ko

Vah Fashion services irongowe na Vanessa Ishimwe irongera ikandandaza ama modeli y’impuzu (design) udusharizo namasakoshi, utuntu twokwimonora, ikanambika abigeme canke abageni bifuza kwambara neza muma modeli bipfuza, ikanongera igashariza ibintu vyose.

JPEG - 83.5 ko

Ku musi mukuru wa Saint Valentin Vah fashion Services irabatenguriye igiteramo c’ agakura ( fashion show) kuri hoteli Belair Residence isaha imwe y’ijoro, hakazoba hateguwe defile de mode indirimbo za karaoke n’ibindi vyishi muntumbero y’ukwerekana ibikorwa vah fashion services ikora abantu benshi ngo izoba ari gushira kumugaragaro ibikorwa birangurwa na Vanessa Ishimwe abicishije muri Vah fashion Services.


Alice-Anny Akingabiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.