IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Impuzu y’igiti > Yambaye impuzu y’igiti yumva akamoto ka basogokuru

Yambaye impuzu y’igiti yumva akamoto ka basogokuru

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Bamwe mu rwaruka rw’ubu bariko baragarukira akaranga k’Uburundi biciye mu mirwi y’abaririmvyi ndangakaranga. Hari n’urundi rwaruka rwihaye kugarukira akaranga biciye mu murisho w’ingoma. Uwu nawe yahisemwo kugarukira akaranga mu gukora impuzu y’igiti yasa n’iyazimanganye mu Burundi, ivyo akora arabicisha no mu ndiririmbo ziwe, kuko asanzwe ari n’umuririmvyi.

Annick Kabatesi yahisemwo akazina k’Ubuhizi «Murundikazi» kugira ntihagire uwuhava yibaza ko atari umurundikazi. Akiri mu mashuri mato mato, yasomye mu gitabo c’umunyeshure bakoresha bita DUSOME ku rupapuro rwa 35, aho handitse uko kera bakora impuzu y’igiti n’uko yambarwa. Annick avuga ko vyamugumye mu mutima gushika aho yiyumvira nawe gusubira ku karanga kaba Sogokuru ko gukora impuzu y’igiti.

Mu gukora impuzu y’igiti, Annick akoresha ibiti vyamye bikorwamwo impuzu z’ibiti kuva kera, navyo ni: imimanda, umuvumuvumu n’umuhororo. Agirako asaba ko ivyo biti vyokingirwa kuko bishikana kure Uburundi ku bijanye n’akaranga. Kubera ubumenyi ashiramwo haravamwo impuzu nziza cane. Annick ati:"Nzoteza imbere akaranga k’igihugu canje imyaka yose nzobaho, impuzu y’igiti ndayikunda cane." Avuga ko iruhande y’ubwiza impuzu y’igiti ifise, ayumvamwo akamoto ka basokuru.

Annick twamusanze aho yari yagiye guterera agacumu k’ubumwe mu giteramo co kugarukira ku bahuye n’impanuka y’imvura, igiteramo cariko kibera kuri Musée Vivant. Kuri uwo munsi yagiye ku ruhimbi rw’abaririmvyi "Podium" ajanye ururirimbo «twarashaza», ruvuga ibijanye n’inyambaro ya kera. Avuga ko urwo ruririmbo rwaje gushigikira akaranga k’impuzu y’igiti, kuko yasanze ivyo akora abicishije mu ndirimbo vyofasha benshi.

Uwo mwigeme amenyesha ko amaze kwitaba amahiganwa atari make yo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, ajana n’abandi bigeme n’abahungu bambaye impuzu z’ibiti guhiganwa. Muri ayo mahiganwa, Annick amenyesha ko kenshi atwara ikibanza ca mbere mu bijanye n’akaranga.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.