IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > yoba ari indwano y’inyandiko itanguye?

yoba ari indwano y’inyandiko itanguye?

jeudi 28 Rusama 2015

Umugambwe CNDD FDD uhejeje gusohora itangazo, aho uwo mugambwe utangazwa n’ingene hari abari mu myiyerekano, bakongera bakaba mu myiyamamazo y’amatora. Imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD nayo iti :’’ Mu mwanya natwe dusohora iryacu.

Umushingamateka Pasikari Nyabenda umukuru w'umugambwe CNDD FDD

Iryo tangazo ryateweko umukono n’umushingamateka Pascal Nyabenda asanzwe awurongoye, yagiriza imigambwe nka FRODEBU Nyakuri urongowe n’umushingamateka Yohani Minani, MSD urongowe na Sinduhije Alexis hamwe n’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI rurongowe na Rwasa Agathon n’umushingamateka Karori Nditije, ko imyiyamamazo bayirembeje y’amatora, bakongera bakaba mu myiyerekano.

Pasikari Nyabenda umukuru w’umugambwe CNDD FDD yanditse ati :’’ None ko bavuga ko bemera ibwirizwa nshingiro bakaba bemera n’amasezerano y’i Arusha, bakaba bemera ibwirizwa rigenga amatora, bakaba bemera sentare y’ubuhariza ibwirizwa nshingiro kandi bikaba vyaragaragaye ko iyo sentare yafashe ingingo yisunze amategeko yayo n’ayo igihugu n’icegera c’umukuru wayo yahunze yayihunze ayivuyemwo bikaba vyaturutse kuri bo , none kubera iki babandanya akajagari, bagumuka kandi bari mu myiyamamazo y’amatora? Aho twovuga nk’urunani amizero y’abarundi rurongowe na Rwasa Agathon na Nditije Karori, umugambwe wa Minani Yohani Sahwanya Frodebu nyakuri, aba MSD bo kwa Alexis Sinduhije n’abandi n’abandi. Abo bose bari mu myiyamamazo kandi n’ivyemezo birahari’’.

Umushingamateka Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi akaba ari mu runani AMIZERO Y'ABARUNDI

Inyuma y’iryo tangazo, twarondeye abo mu runani AMIZERO Y’ABARUNDI basanzwe bavuzwe muri urwo rwandiko, umushingamateka Karori Nditije akaba yatwishuye ko bariko barategura urwandiko nabo, bahava bashikiriza abamenyeshamakuru mu mwanya uza.

Kugeza ubu rero, bikaboneka ko abanyeporitike baticaye ku mpande zose zihanganye, aho bigaragara ko indwano y’inyandiko nayo yatanguye. Uretseko mu gisagara ca Bujumbura no mu yindi mihingo imwe imwe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ibandanya, imigambwe nka UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, urunani COPA, FNL ishami rya Yakobo Bigirimana n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD baboneka cane ku rubuga mu myiyamamazo cane mu ntara zo hagati mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Mureke Aba Nyepolitike ? Ubwose Musamute? Mwambayemute? Kotubona Ntawigaragabya Yambaye Costime ? Ko Murigupfa Se? Barabashima .Ubuse Murahinga ? Komudakora Muzatungwa Niki?Nimyiyereko? Muzatahira Imyiyereko. Ni Iyihe Nyungu Muzakura Mumyiyerekano? Iyo Myigaragaabyo ANtacyo Izabagezaho Nagato! Nagato! Nagato! Ahubwo Muzashira Nkudushishi Twirunze Kusashe Ya Amavuta. Ntimurapfa Umunsi Mwapfuye Niho Muzabireka Abavandimwe Banyu Bashize .Ndagura Ntari Umupfumu .

  • Namaze kubonako murayamatora hariho imigambwe igiye kuzoronka amahirwe muri reta nyumayamatora kanditoyarose mwibuke Yohani Minani nanyakuriyiwe mumwaka wabibiri nacuni (2010) ibihangange vyarikumiye noneho Minani acaba igibangange muri reta kandi umugambwewiwe warintakigenda. Rindira muzobanumbarira arikubuhoho ndabonamwo ibihangange nka FNL (Yakobo) UPRONA (Concillie) na COPA ntiboroheje CNDDFDD ndibaza ntizosubira kwihariza ibibanza muri reta bazobigabangana.Ariko ndipfuzako Rwasa Agathon mwanomatora akinumukino kugezanaho aboyamaramaje mumatora yomuri 2010 bamugarurako agatima, nacanecani ururuvyino gwabirirwa baririmba Nkurunziza ngontaburenganzira afise bwokwitoza ahohantu Agathon ashobora kuhifatamwo neza mazenawe agasubirizamunkoko abamuhenze muri 2010 nabobagasigara bimyiza ibafu mberemukubakomesha akanatangazako ahamagariye amakungu kwifatikanya na barundi nu Burundi , ahorero ndaziko abantubeshi botangara ubuhangange bwa Agathon bukibonekeza.

  • Uwo muntu Pascal Nyabenda ni umunyabinyoma arengeje. Imigambwe iri mu myiyamamazo ni FNL ya Jacque Bigirimana, UPRONA ya Concilia Nibigira hamwe na CNDD FDD. Kandi igitangaje iyo ntiyayivuze, yivugiye iyiri mu myiyerekano gusa. Ati turafise ivyemezo, none hariho uwo bariko baraburana?

  • Attendez-vous plutot au retrait de tous les candidats de l,opposition (la vraie!) aux legislatives et communales, et de tous les mandataires politiques. Disons-le sans faux-fuyant: Nkurunziza sera chassé du pouvoir par la force des canons, apres (ou avant) le 26 aout. Je ne connais aucun regime africain qui a survecu grace au soutien de la Chine et de l,URSS.

  • Ntabandi bariko biyamamaza atari aba dd.ariko ico nzi neza cane nuko amatora atazoba

  • amizero y’abarundi na frodebu nyakuri bakora kunzu kunzu, muratubaza abanyagihugu ba ruguru nitwe tubizi. basokora bareka tuzobatora kk baratwigishije imigambi yabo nikimenyetso c’ikarata ibaranga.

  • Muza Kumarana Ipuuu ! Ndabavumye Umuvyeyi Asa N’uwundi

  • petero nkurunziza yakomantaje umutima kumwe herodi yankira abanyisrael gutaha mu gihugu cabo.Ibihano igihugu caciyemwo muravyibuka ,imanayahavuye imfura yiwe.Abo bagabo baba dd ni intumva bazokumvirayo.Sawa

  • Nkurunziza yiyumvira ikiku barundi?

  • tureke gusiga inkore kumaso,imyiyamamazo iriko igigwa numugambwe cndd-fdd!

  • TUMENYE KANDI TUZIRIKANE IYO TWAVUYE. NKURUNZIZA NIYITOZE ABAMUSHIMYE BAMUTORE ABAMUSHIMYE BAREKE ARIKO ABAVUGA RUMWE NAWE BAREKE AKAJAGARI

  • TUMENYE KANDI TUZIRIKANE IYO TWAVUYE. NKURUNZIZA NIYITOZE ABAMUSHIMYE BAMUTORE ABAMUSHIMYE BAREKE ARIKO ABAVUGA RUMWE NAWE BAREKE AKAJAGARI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.