Accueil > Poritike > Imigambwe > Yohani Minani arabeshuza ivyo yagirijwe ko afise uruhara mu kutiyunga kwa (...)
Yohani Minani arabeshuza ivyo yagirijwe ko afise uruhara mu kutiyunga kwa FNL
mercredi 25 Ruhuhuma 2015
Muganga yohani Minani asanzwe arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye avuga ko ataruhara na rumwe afise mu kutiyunga kw’umugambwe FNL.

Umushingamateka Yohani Minani, akaba yabariye RPA Ijwi ry’abanyagihugu ko ahubwo yababaye cane uyo mugambwe udashoboye kwiyunga. Minani akavuga kandi ko yipfuza ko imigambwe yose yatatanye yiyunga harimwo na FNL, maze ikaja hamwe mu gushira inguvu hamwe kugira ishobore gutsinda umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD. Umushingamateka Minani akavuga ko ahubwo yari amaze kuyaga na Agathon Rwasa hamwe na Yakobo Bigirimana, ukuntu uwo asanzwe arongoye umugamwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yokwemererwa n’urrunani RANAC rutavuga rumwe na CNDD FDD, kugira inguvu zibe nyinshi bashobore guhangana na CNDD FDD mu matora.
Umugambwe FNL rero ukaba wariko uragerageza kwiyunga, mbere umurwi wari washinzwe na Agathon Rwasa hamwe na Yakobo Bigirimana, urongowe na Emmanuel Miburo umunyamamabanga mukuru wa FNL ishami rya Yakobo Bigirimana, ukaba wari wamenyesheje ko uwo ugambwe ugiye kurongorwa na Agathon Rwasa, Yakobo Bigirimana nawe, akaba icegera. Yakobo Bigirimana akaba yaciye yanka ivyo vyashitsweko, mbere aca aranabogoza Emmanuel Miburo mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL asanzwe arongoye.

Tukabamenyesha ko amakuru ava mu runani RANAC Dushayure Uburundi bwogorore, avuga ko umushingamateka Minani Yohani yoba yariko arazana Yakobo Bigirimana muri urwo runani, kugira bazunguruka Agathon Rwasa hamwe n’umushingamateka Karori Nditije basanzwe aribo barongoye urwo runani, mu minsi, urwo runani ahubwo rugasanga ruri muco bita SYSTEME ya CNDD FDD.
Aristide Nizigire
Messages
25 Ruhuhuma 2015, 17:09, par SIHONDI Levis
MINANI ABIFISEMWO URUHARA KUKO ATINYA BIYUNZE FNL ICA IVA MURUNANI RANAC UKIGENGA. MINANI NAWENYENE NUMUKUNGU YUZUYE.
25 Ruhuhuma 2015, 19:09, par mukobwajana
BIRAGOYE KWEMERA KUKO NABO SI ABANA..AHO MINANI YOBASAMBURA BO NI IBITAZI!!!!!!ngo ni umukumgu nta soni gutuka umushingamateka!!!!!!
25 Ruhuhuma 2015, 19:09, par mukobwajana
BIRAGOYE KWEMERA KUKO NABO SI ABANA..AHO MINANI YOBASAMBURA BO NI IBITAZI!!!!!!ngo ni umukumgu nta soni gutuka umushingamateka!!!!!!
26 Ruhuhuma 2015, 09:33, par Christopher
Umubisha Ni Jacques Bigirimana, kuko nta muntu w’umugabo yoguma atambatamba nki girmtangurigwa. Mbe none Jacques yibaza ikindi kibanza akwiriye nikihe?
26 Ruhuhuma 2015, 22:05, par Benjamin
Reka kuba mugira urusaku muri abagabo!2010 ntitwatoy FNL?None kurya niko dutsinda?Ahubwo mushaka baba dd badutwenge!Reka basha tugum twiyunz,umwasi si Minani si Rwasa si Nditije umwasi ni dd!None nitwara Rwasa azoca atwarira abanamarimwe gusa?niba uruko na FDD Irabikora!
27 Ruhuhuma 2015, 09:52, par gahinzi
MINANI NTAWO MUHARIRIRA YONABIKORA KUKO AFISE INDA NDENDE N’AMACAKUBIRI MENSHI MURI WE N’UBWICANYI YAKOZE AKIRI DR NKO GUTERA ABANTU SIDA. KANDI UBWO BUKUNZI BWINDA NIBWO BWAMUTUMYE AHANYURA UMUGAMBWE FRODEBU KUGIRA ATWARE SHIMI VYOSHOKA AKABIKORA KUKO ABABIVUZE BAFISE AHO BABIKUYE KUKO SIBIJUJU NTIMWIHENDE.