Accueil > Igisata c’ingenzi > Abarundi bahamagarirwa kwakira neza abazokwitaba inama ya COMESA
Abarundi bahamagarirwa kwakira neza abazokwitaba inama ya COMESA
vendredi 2 mars 2018
Mu nama ihuza abakorera mu gisata c’amahoteri hamwe n’abakorera mu gisata c’ingenzi, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018, Léonidas HABONIMANA yamenyesheje ko inama ya COMESA ari akaryo ku gisata c’ingenzi mu Burundi, kuko Uburundi buzokwakira abantu barenga igihumbi bazoba bitavye iyo nama.
Léonidas HABONIMANA yavuze ko ata makenga bafise ku bibanza bazokwakiriramwo abazoba baje muri yio nama, kuko igisagara ca Bujumbura conyene gifise amahoteri 146, ayo nayo akaba afise yose hamwe ivyumba birenga 2400.
Umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi mu gihugu,Léonidas HABONIMANA, yavuze kandi ko, inama ya COMESA ari n’akaryo keza ku gisata c’amahoteri, ko kwisununura.
Léonidas HABONIMANA ahamagarira abafise amahoteri, abafise amazu y’ubudandarizo bw’imiti, amabanki, n’ibindi bisata vyogirira akamaro ingenzi, kwiyandikisha baciye ku buhinga ngurukanabumenyi bwuguruwe, kugira bazobe mu bakira abazokwitaba inama ya COMESA.
Asaba abazokwakira abazokwitaba iyo nama kwitegura neza, no kuzobakira neza, kuko mu nyuma aribo bazofasha, kwerekana, kumenyekanisha no gusigura ishusho nziza y’Uburundi.
Inama ya COMESA yari itegekanijwe mu kwezi kwa kane 2018, ariko ihava yimurirwa ku rindi sango, kuko basanze muri ico gihe hari iyindi nama ihuza ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza, ivyo navyo bikaba bishika 9 biri muri COMESA, izoba iriko ibera mu gihugu c’Ubwongereza
MUGISHA Van Naris