IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Air Tanzania: Itangura ry’urugendo Bujumbura-Dar-el Salaam

Air Tanzania: Itangura ry’urugendo Bujumbura-Dar-el Salaam

dimanche 15 Kigarama 2013

Huguruwe icese (inauguration), kuri uno w’Imana ,urugendo rushasha ruhuza igisagara ca Bujumbura na Dar-el-Salaam. Ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu mu ndege Air Tanzania akaba ariryo ryuguruye urwo rugendo igihe c’isaha zitatu zo mu gatondo.

Abategetsi batatu bo muri Tanzaniya akaba aribo bari mu ndege yaagize urugendo rwayo rwa mbere ruhuza Bujumbura na Dar-es Salaam. Abo bategetsi akaba ari umushingamateka, Samuel SITTA, umushikiranganji wa Tanzaniya w’akarere k’Afrika y’ubuseruko, umushingamateka Francis Mindolwa yahoze aserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi hamwe na capitaine Milton Lazaro umuyobozi wo kwunguruza abantu n’ibintu mu ndege.

Iyo ndege izohora igira ingendo i Bujumbura incuro zitatu mu ndwi, ni ukuvuga ku minsi y’Imana, ku munsi ya gatatu hamwe no ku minsi ya gatanu .Iyo ndege ikazoca ikigenda mu turere dukurikira: Dar-es salaam-kigoma-Bujumbura . Mu kugaruka bimwe twita ’’retour’’ Bujumbura –Dar-es salaam, iyo ndege ikazohaca i Kigoma bimwe bita "transit" nk’iminota 30.


KARIRE Floxella

Messages

  • nice ndanezerewe cane weee

  • Ndumva bishimishije.ariko vyari vyiza iyo mutubwira ibiciro.

  • I billet yoba ari angahe? Ko mutatubwiye? Ubundi mwari mwaratevye, urazi kubanza kwirirwa muri transit Nairobi ugiye DAR; n’ivyanyuma.

  • Mwamiwanje! Tanzania igizeneza cane, Mazerero Tanzania dufise inzira zicahasi ziva iwawe kumamodoka nonuduhaye inzirayikirere rekarero ndakwisabire ikindi muduhaye inzira yi gariyamoshi ninzira yomumazi ubonako Tanganyika ubonako Tanganyika iduhuza mubitugiriye mugihe kitarenze imwaka 3
    muzobamudushize hejuru bizobabisanuko natwe nku Burundi mudushikanye kumabahari makuru. Please Tanzania keep help Burundian.

  • Tanzania igizeneza gose, ariko turakomeza kubasaba mutubwire nishiling ngapi zakutoka Dar slam kufika kule Bujumbura?

  • Biranezereje cane kuko Transit ya Nairobi yari igoye gose kandi irimwo ingorane nyinshi. Hari i ncuti yari agiye Dar-es-salam ashitse Nairobi bariko baramusaka baca bashira muri sac àmain yiwe i pistolet. Vyatumye afungirwa ubusa amezi atandatu yose ntavuze amafaranga yatanze kugira arekurwe. Tanzaniya baradufashije gose.

  • Nazakalata karangamuntu zizodufasha mugukora ingendo?

  • Vyiza botubwira n’ibiciro ni ryaba atari ibanga kugira ngo abatari bwaronke akaryo ko kuja mundege batangure kwipanga erega birakunda bidusabire mubishire kuri iyi nkuru tubimenye PEPE nkajew ndategekanya kuyigenderamwo kuko sindigera nja mundege kandi ndabishaka. Dufashe nadazi n’abandi nuko bovuipfuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.