Accueil > Igisata c’ingenzi > Imigenderanire y’Uburundi na Turkia igiye gukomezwa
Imigenderanire y’Uburundi na Turkia igiye gukomezwa
dimanche 18 Ruheshi 2017, par
Mu rugendo yakoze mu gisagara ca Ankara, mu gihugu ca Turkia, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE yabonanye na mugenzi we Mevlut Cavuoglu ajejwe imigenderanire ya Turkia.
Muri uwo mubonano, abo bashikiranganji bompi barateye imikono ku masezerano y’ugufashanya mu bisata bitandukanye, cane cane uburimyi.
- Umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari kumwe na Mevlut Cavuoglu ajejwe imigendera ya Turkia
Umushikiranganji Cavuoglu yamenyesheje ko igihugu ca Turkia citeguriye gukomeza ubucuti bwaco n’Uburundi, hamwe n’ingendo zikorwa mu Burundi, biciye kw’ishirahamwe Turkish Airlines ryunguruza abantu n’indege.
Uwo mushikiranganji Cavuoglu yamenyesheje ko igihugu ca Turkia kigiye gukora ibishoboka vyose kugira Uburundi butere imbere, n’ingorane Uburundi burimwo zitorerwe inyishu.
Egide NDUWIMANA