Accueil > Igisata c’ingenzi > Bujumbura: Abazana ibitoke ku makinga bapfa kabiri
Bujumbura: Abazana ibitoke ku makinga bapfa kabiri
mercredi 26 Ruheshi 2013
Abanyagihugu bashora ibitoke mu gisagara ca Bujumbura , babikura mu ntara ya Muramvya hamwe na Bujumbura Rural babizana ku makinga, bahura n’ingorane zitandukanye, ndetse baragirizwa ko batera amasanganya atandukanye, ikindi ni ukwo iyo bashitse amarembe mu gisagara ca Bujumbura, mu gusubira inyuma naho bandura indwara zitandukanye ariko bobo batazi gushika uyu munsi.
Abo bapakira ibitoke babizana mu gisagara ca Bujumbura, bagirizwa n’abadereva b’imiduga itandukanye ko bagenda nabi mu mabarabara, ndetse bagatera amasanganya atandukanye. Abagendesha ayo makinga ngo bapfa kuyagendesha atamategeko y’amabarabara bazi, iyo rero ikinga rihuriye n’umuduga ahantu hatabona neza, usanga ryinjiye mu muduga ndetse rigatera isanganya, kuko ibarabara rya Bujumbura Bugarama, ari ibarabara rigoye cane gucamwo kuko riri hejuru y’imyonga, umuduga uhushije ibarabara na gato, uruhukira mu mwonga, abanru bakahasigara.
Ariko rero naho biri ukwo, abo bazana ibitoke babipakiye ku makinga batunze imiryango yabo, kandi nabo nyene baremeza ko bama bahura n’amasanganya, ariko ko atakundi bari bugire. Bava muhira iwabo isaha icumi n’imwe z’ubucagucagu, bakamanuka i Bujumbura. Kubera ko hasanzwe hamanuka ntibibagora, baranyaruka cane. Iyo rero bahuye n’imiduga cane cane iri mu bwoko bwa hiyasi iriko iranyaruka, abo bagendesha ayo makinga bemeza ko baheza bagahura n’isanganya kandi benshi baramaze kuhasiga ubuzima nk’uko bivurwa na bamwe mu bo twaganiriye bazana ibitoke babimanukanye i Bujumbura.
Ikindi naco, bavuga ko bapfa kabiri kuko iyo uretse ko bicwa n’uburuburuhe bwo kumanukana ivyo bitoke mu gisagara ca Bujujumbura, bavuga ko mu gusubira inyuma bicwa n’imyuka y’imiduga imwe izana ibitoro canke imwe ipakira imizigo kuko iyo miduga ariyo baheza bagafata inyuma bariko barasubira inyuma, bavuga ko mu gusubira inyuma biruhisha ku buryo ata muntu yoshobora kuhaduga n’ikinga. Irya myotsi rero imiduga minini isohora iherera mu nda z’abo banyagihugu. Ku bw’abo rero ng’umuti barawuzi, kuko iyo bashitse mu hira basanga abakenyezi babateguriye inziramazi, iyo nayo akaba ari insongo itagiramwo amazi, iyo banyoye amacupa abiri baraheza bakaba bishe ya myotsi yose y’imiduga iba yabahereyemwo.
Mu vy’ukuri abo banyagihugu bapfa kabiri ni ukwo batabimenya. Abahinga mu vy’amagara y’abantu bavuga ko biyica kuko ibihimba vy’ihemero vy’abo biheza bikicwa n’iyo myotsi bamira, eka kandi noneho nta bwoko bw’inzoga na bumwe burimwo umuti. Abahinga mu vy’indwara z’uguhema bahanura abanyagihugu guheba uburyo bwo kuduga ku bishimikije amakamyo, ahubwo bakorondera uburyo boyagiramwo.
Aristide Nizigire
Messages
7 Ndamukiza 2014, 18:58, par osni
None mubona bofashwa gute kugira ngo ivyo bitoke babimanukane neza? Jewe mbona mwobereka aho babishira mu maja i bugarama hanyuma umuduga ukagenda kubatora. Ubundi bwo ntibashobora kubiheba kuko nivyo bibatungiye imiryango nabo nyene ubwabo. Na wewe uwokubuza umwuga ukora ntivyokunda.