IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > ’’Visa’’ iratera intambamyi ingenzi zipfuza kugendera Uburundi

’’Visa’’ iratera intambamyi ingenzi zipfuza kugendera Uburundi

lundi 26 Nzero 2015

Ingenzi zipfuza kugendera igihugu c’ Uburundi ziracafise intambamyi na cane cane mu kuronka uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu kimwe bita ‘’Visa’’. Umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi arabahumuriza kuko buza bwarateguye itegeko rijanye no kwinjiira muri wamugambi wa’’ visa touristique unique ‘

Uburundi n’igihugu ciza gifise ibibanza bitari bike bihurumbirwa n’ingenzi aha twovuga nk’ikiyaga Tanganyika, ishamba rya kibira, y’amazi atemba ava ku misozi( chutes), ibuye rya Livingston na Stanley , n’ibindi n’ibindi. Ariko naho biruko, ingenzi zipfuza kugendera igihugu c’ Uburundi ziracafise intambamyi zokuronka uburenganzira ‘’visa’’bwo kwinjira mu Burundi, nk’uko bishikirizwa n’uwusanzwe aserukira ishirahamwe Trade Mark East Afrika mu Burundi.

Umushikiranganji w’ubudandaji amahinguriro, ingenzi n’amaposita arahumuriza, amenyesha ko bafatanije n’ubushikiranganji bw’umutekano bamaze gutegura itegeko, ndetse bararinonosora kugira barirungike mu nama nshikiranganji riheze ryemezwe, iryo tegeko naryo rikaba rijanye na wa mugambi bita Visa touristique unique’’. Icatebeje naco ngo n’uko igihugu cose gitegerezwa kwitunganya ariko n’ikibazo c’umutekano kikirwa neza, nk’uko umushikiranganji Marie Rose Nzigiyimana abandanya abishikiriza.

Ivyo akaba yabishikirije muri komine Kabezi ,umusozi Gikungwe ahabereye ibirori vyo gutanguza icese umugambi wo guteza imbere igisata c’ingenzi hano mu Burundi. Umugambi ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe Trade Mark East Afrika.


Floxella Karire

Messages

  • Ego twe mu Burundi twarasigaye inyuma. None ni kuki u Burundi bwo butoroshaya ivyingendo nka kurya ko muri Uganda canke Kenya canke mu Rwanda? U Burundi burakwiye kwikubita agashi bukiyunga ku bindi bihugu vyo muri Estern Africa Community. Nayo ubundi tuzosanga twarasigaye inyuma rwosi.

  • REka kubesha nta ngenzi ziza i wacu n’isura Igihugu cacu gihabwa na: 1. Abari kubutegetsi, 2. ababarwanya.
    Ninde yokwubahuka kuza gutembera mu gihugu cama kivugwamwo umwuka mubi??
    Abo bantu babiri mwarahemukiye igihugu cacu ciza. Imana yonyene niyo izokiza Uburundi bwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.