Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agashimwe ka Fondation FEMIDEJABAT kahindutse imfashanyo y’abatishoboye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Diaspora > Agashimwe ka Fondation FEMIDEJABAT kahindutse imfashanyo y’abatishoboye

Agashimwe ka Fondation FEMIDEJABAT kahindutse imfashanyo y’abatishoboye

Wednesday 8 August 2018, by vianney

Ako gashimwe umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien asanzwe aba mu gihugu ca Norvège yakaronse mw’ihiganwa ry’indirimbo ryateguwe n’Abarundi baba mu makungu (Diaspora burundaise), aho bipfuza kuronka ururirimbo rwiza ruhayagiza neza igihugu c’Uburundi, ruhamagarira kandi Abarundi bose iyo bava bakagera gukunda igihugu cabibarutse, na cane cane ababa mu mahanga kukivuga neza aho baherereye, kutacibagira no kukizanamwo imitahe bakagira nabo nyene uruhara mw’iterambere ryaco.

Ururirimbo « Burundi bwacu gahugu keza » nirwo rwatahukanye ikibanza ca mbere, ruhabwa agashimwe k’ibahasha y’amafaranga y’amarundi umuriyoni umwe, ari nayo azokwongerezwa ku yandi ahasanzwe, azokoreshwa muri uku kwezi kwa Myandagaro, mu kugura ayo makarata y’ukwivurizako azohabwa imiryango igera ku majana ane y’abatishoboye.

Mu buyobozi bwa Fondation FEMIDEJABAT bamenyesha ko ku kirangaminsi c’imfatakibanza c’itangwa ry’ayo makarata y’ukwivurizako, bitegekanijwe ko ivyo bikorwa bizobera mu ntara za Bujumbura benshi bita “Rural”, intara ya Bubanza, intara ya Gitega, hamwe n’intara ya Rumonge.

Ubuyobozi bwa Fondation FEMIDEJABAT burasigura kandi igituma bwahisemwo gutanga ayo makarata y’ukwivurizako ku batishoboye : "Tumaze kubona ko ata terambere rishoboka abanyagihugu badafise amagara meza, kandi ko amagara meza tudashobora kuyaronka mu gihe umuntu wese akitswe n’amagara adashobora kwivuza, FONDATION FEMIDEJABAT yaciye ishiraho umugambi wo gufasha abatishoboye kwivuza, ibicishije mu kubaronsa IKARATA ZO GUSHIGIKIRANA MU KWIVUZA « CAM » arizo Carte d’Assistance Médicale mu kinyamazuru.

Mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi, abatishoboye batari bake bo mu ntara za Bubanza, Bujumbura, Gitega na Rumonge bagiye kuronswa CAM guhera muri kuno kwezi kwa Myandagaro ; izindi ntara nazo zikazokurikira mu nyuma. »

Fondation FEMIDEJABAT ivuga ko kugira bashikire abatishoboye benshi, zimwe muri izo karata zizotangwa ku mirwa mikuru y’intara canke y’amakomine, izindi nazo mu mitumba.

Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien « FEMI DE J’ABAT », ari nawe yakoze ururirimbo « Burundi bwacu gahugu keza » rwatahukanye ako gashimwe avuga ahanini icatumye iyo bahasha irungikwa mu batishoboye, ari urukundo rwifuriza abandi kubaho neza rumurimwo mu mutima rwabimuteye.

« Birampimbara cane iyo Imana inshoboje nkagira ico nanje mariye abandi na cane cane abafise amikoro make nubwo naje ata mikoro menshi mfise. Imigisha Imana impa nama ndayisaba kungira umukenke kugira ndayisabikanye n’abandi abonzi n’abo ntazi. Kugira iyo migisha nanje inshikeko Imana ica ku bantu batandukanye, abo nabo nkaba ndabashimira nanje bimwe bivuye ku mutima. »

FEMI DE J’ABAT arafise n’ubutumwa aha abandi baririmvyi, hamwe n’abandi bose bafise ico bofasha abatishoboye : « Kuri iyi si nta n’umwe yishoboye wenyene umuntu agirwa n’abandi. Uwugize amahirwe akagira ico aronse yovungurirako abandi vyifashe nabi. Nkumbure nawe vyoshika ejo canke hirya y’ejo akaburanirwa ugasanga abandi baramufashije kuko burya gukorera abandi ineza umuntu aba ariko arayikorera. Hari Ijambo ry’Imana rivuga riti : "Uwufashije abagowe aba aguranye Imana ", aba aziganije neza. Hako umuntu ayatwara kuyaziganya muri Banki mu gihe iruhande yiwe hari umurwayi ashobora gupfa kubera kubura umuti canke utwo afungura, jewe ubutumwa notanga nuko abo bishobokera boziganya ubutunzi bwabo mu gufasha abagowe, abari mu ngorane kandi Imana iba yarabibahaye iba iriko yibonera ingene bari gukoresha neza ivyo yabahaye ntankeka ica ibongera n’ibindi vyinshi kugira babe umugisha kuri benshi. »

Uwo aserukira imbere y’amategeko FONDATION FEMIDEJABAT yibutsa abaguma birundariniriza ku neza yabo bonyene ko ata nkeka iherezo yavyo biribwa n’abandi harimwo n’abo bimye .


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.