Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 24 July 2018 saa 12:36
44325
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yuguruye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 24 Mukakaro 2018, ibikorwa vy’ indwi yahariwe abarundi baba mu makungu vyatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Ibikorwa vyo kugurura iyo ndwi yahariwe abarundi vyatangujwe n’ inyigisho zo gukundisha igihugu zatanzwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA kurabo barundi baba mu makungu.

Murivyo birori ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yambitswe n’abo barundi baba mu makungu umudari wo kumushimira ku gikorwa co kugarukana amahoro mu Burundi.

Indwi yahariwe abarundi baba mu makungu izosozerwa kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2018 ikaba yatunganijwe ku civugo kivuga giti « Intererano y’abarundi baba mu makungu mw’iterambere »


Kumenyekanisha

1
Nsinzoyiheba Flimin 29-07-2018 à 19:45

Mwiriweneza Murakomeye Nivyiza Kand Birakwiyeko Nyakubahwa Yiyumviriye Neza Gushiraho Indwi Yahariwe Ababa Mumakungu Nanje Nihondi Ark Sinahunze Kandi Ndifuza Gutaha Murakoze.

2
Gombeye 26-07-2018 à 02:47

Naje ndimumahanga ndiphuza gutezaimbere igihugu cuburundi none nokwiyugagute kugira ntezimbere igihugu cuburundi!

3
kankindi 25-07-2018 à 08:02

uti kavakure agomba kwiruka nuko abona ko icokibanza ataragikwiye uyo muporona mubi ubukozi bwikibi bwiwe

4
Kadogo 25-07-2018 à 07:09

Ayamakuru yararyoshepe

5
BOSCO 24-07-2018 à 15:59

Nukuri abarundi nkabo bibuka igihugu cabo nabogushima ndashimiye umukuru wigihugu yataguje ico gikorwa imana ihezagire

6
kagabo 24-07-2018 à 15:18

mbe urya ni kavakure ? ku menga agomba kwiruka?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha