Accueil > Diaspora > Belgique: Abarundi basabwa kw’itaba imyiyerekano kw’igenekerezo rya 1 (...)
Belgique: Abarundi basabwa kw’itaba imyiyerekano kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro
samedi 27 Ruheshi 2015
Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi no mu bihugu bihegereye,bahamagarirwa kwitaba imyiyerekano itegekanijwe kuba kuwa gatatu igenekerezo rya 1 Mukakaro,mu gihe Uburundi buzoba buhimbaza imyaka 53 iheze buronse intahe yo kwikukira.
Mw’itangazo ry’umurwi w’ubumwe kandi wishinze gukurikiranira hafi indayane ziri mu Burundi,umenyesha ko inyuma y’imyaka 53 Uburundi bwikukiye,abarundi baba mu Bubirigi badashobora guhimbaza uwo munsi,mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza,hari abarundi bama bapfa bahitanywe n’ibirwanisho vy’abategetsi,kandi aribo bategerezwa kubakingira.
Iryo tangazo rimenyesha ko,hakiri abarundi bahunga igihugu ku bwinshi,kubera ihohoterwa rikorwa n’ubutegetsi,bagasaba ko bose bovira hasi rimwe bakiyamiriza iterabwoba n’ubwicanyi buriko buraba.
Iryo tangazo risaba abakingira ubwigenge,urwaruka bose ko bokwitaba iyo myiyerekano bibuka intwari zitavye Imana,barondera amahoro,bakingira agateka,no gutsimbataza ubumwe bw’Uburundi.
Iyo myiyerekano izotangura igihe c’isaha zitanu mu kibanza Metro Schuman,gushika ku buserukizi bw’Uburundi aho mu Bubirigi.
IGIHE
Messages
27 Ruheshi 2015, 12:09, par VITAL
AKARURUMVYE KARAZIMA IYOMUGENDA NTIMUNCEKO AKO NAGAHIMBO
27 Ruheshi 2015, 13:57, par inyishu
Ni mugeragez hama ukuri gutsind iknyoma nta gihugu na kimw kidushigikiy ngo tuzifasha mugih na delestag yamatara yatunaniy guhza
27 Ruheshi 2015, 15:47, par james
komwagiziMana mukab iburayi twehotuzobaturiko twigin intsinzi.
27 Ruheshi 2015, 15:47, par james
komwagiziMana mukab iburayi twehotuzobaturiko twigin intsinzi.
27 Ruheshi 2015, 18:48, par NGENDA
KOMWIGARAMIYE HIYO MUMARIYIKI IGIHUKU CABIBARUTSE? NDETS KUVUGA NABI IGIHUGU CANYU NRYANGO MUZOBA MURIKO MUSABA BELGIQUE ISUBIRE KUDUCURA BUFUNI NA BUHORO?NONEHO UMENGO BARATANGUYE ARKO INCUTI Z’UBURUNDI SI BELGIQUE GUSA! VYONDYOHERA NUMVISE NTI ABARUNDI BABA MURI BELGIQUE BAFIS IMIGAMBI Y’UGUTEZIMBERE UBURUNDI HAKUGUMUKA N’UKWIFATA NABI MUMAKUNGU! AHUBWO WOMENGO NTIMUKIRABARUNDI? MUGOMBA GUSAMBURA IGIHUGU CANYU? UWUTEMA URWIW BAMUTIZA UMUHORO! IBIBAZO VY’UBURUNDI ABARUNDI NIBO BONYENE BAFISE IKIBANZA KININI COKUBITORERA INYISHU! UBUNDI BELGIQUE YO IMAZE KUGARAGAZA KATACO YOFASHA ABARUNDI MUBIHE TURIMWO !
27 Ruheshi 2015, 22:33, par Miburo Severin
Kwigaragamvya Nibabireke Kuko Uko S’ugukunda Uburundi.
28 Ruheshi 2015, 11:19, par PLATINI
MUYIKORERE HIYO NYENE NIMUZE IBUJUMBURA TUBEREKE. TURABAMESA IMIKINO TWARAYIHAGARITSE
29 Ruheshi 2015, 17:59, par Facebook
Vincent Nsengiyumva
29 Ruheshi 2015, 21:55, par John Eric Nziza
None Muntara Ruguru Bizobigenza Gute?
30 Ruheshi 2015, 22:11, par BUCUMI LEONARD
UBURUNDI NTABWO BWIKUKIYE.NDASIGURA IMPAMVU ASANGA TWARIKUKIYE BIMEZE NKAKURYA UMUVYEYI ASOHORA UMUHUNGU WIWE MBEGA UMUGORE W’UWO MUHUNGU ATAGEKWA NASE W’UMUHUNGU CANKE ATEGEKWA NA MUGABO WIWE.SE ICO AKORA ARAHANURA BINANIRANYE NTABWO SE BUKWE W’UMUHNGU ARIWE ACA ASHINGA AMATEGEKO MURUGO RW’UMUKAZANA.BACIYE UMUGANI MUMICO Y’IKIRUNDI:"UBUGABA BW’UMUGABO NIBWO BURYO BWIWE."KANDI SE NTACA AREKA GUFASHA UMWANA WIWE NGO N’UKWO BASHWANYE N’UMUGORE.TWE TWARI TUMENYA KO TWIKUKIYE NONE UMENGO TURACARI MUGIKORONI.NTABWO TWO KWAMA DUKANGISHWA NGO IBIHUGU RUTURA NIRUTURA RUTUYE KW’ISI YANDE?TWE MBE TWE DUTUYE KW’ISI YANDE ABARUNDI? TWESE IYO TUNGANA VYOGORANYE KUKO NABO NKAKARORERO IYO BAKOZE DATA WANJE AMATORA NTAHO NDIGERA N’UMVA BAVUGA NGO AB’AFRICA KO BAGIYE GUCUNGERA AMATORA MUBIHUGU VYA BO BADASHAKA KWEMERA AY’AFRICA BATARIMWO.NABO NTIBARIGERA BUMVA NGO AMAKUNGU YASE AMATORA YO MU BAHINDI NKAKARORERO!NIBATUREKE TWARIKUKIYE BARAMAZE KUDUSOHORA VYARAHEZE.NTA SEBUKWE YINJIRA MUNZU Y’UMUKAZANA MUMICO Y’UBURUNDI.MURAK