IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Inkomoko y’amazina y’amezi mu kirundi

Inkomoko y’amazina y’amezi mu kirundi

lundi 16 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amamuko y’amazina y’amezi mu Kirundi ni menshi. Ukuyita uko yitwa bifise ico vyavuyeko. Amamuko yayo ni aya akurikira :

Ukwezi kwa 1, kwitwa Nzero (Janvier mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga “Kwizera”. Muri uko kwezi abantu baba biteze umwimbu w’ivyo barimye mu kwezi kw’9. Mu yandi majambo, baba “bizeye” (kwizera) ukwimbura. Akenshi yaba ari umwimbu w’ibiharage.

Ukwezi kwa 2, kwitwa Ruhuhuma (Février, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga “Guhuhuma”. Muri ukwo kwezi, ikirere caba cahindutse, maze bigatera indwara abantu. Abatama bo ugasanga barakorora, mu kuvuga bagahuhuma. Uko kweza baca bakwita Ruhuhuma.

Ukwezi kwa 3, kwitwa Ntwarante (Mars, mu gifaransa) :

Ni ukwezi wasanga ivyimburwa ari vyinshi cane. Umwimbu w’amateke, ibigori, imyungu, amasaka n’ibindi. Bagasoroma, bakikorera bimwe ibindi bakabitwara ku rwambukwe (avant-bras). Mu kubitwara bikagenda birakoragurika kubera ari vyinshi. Bati: ”Ndabitwara gute?”. Izina "Ntwarante" riba rivuye aho.

Ukwezi kwa 4, Ndamukiza canke Ndamukiriza ( Avril, mu gifaransa) :

Muri ukwo kwezi imvura yaba ari nyinshi cane, inzuzi zikuzura. Uwugiye kuramukanya ntayashobore kujabuka maze agaca abwira uwuri hakurya ati : “Urandamukiriza abari hakurya”.

Ukwezi kwa 5, Rusama (Mai, mu gifaransa) :

Muri ukwo kwezi, imvura iba iriko iracika. Igaheza rero ikarwa ibice. Ukayumva isuma impande yaho uri. Ugahura aho uri hariko haka izuba impande hariko harwa imvura canke aho uri hariko harwa imvura impande haka izuba.

Ukwezi kwa 6, Ruhenshi ( Juin, mu gifaransa) :

Ukwo kwezi guhura n’igihe imvura yacitse hatanguye igihe c’ici. Umuyaga uba ari mwinshi. Niho ndetse bavuga ngo “umuyaga w’impenshi”. Ico gihe kubera ibintu uyo muyaga uzana wasanga ari igihe abantu basara baba benshi ndetse n’imbwa zisara ari nyinshi ico gihe.

Ukwezi kwa 7, Makakaro (Juillet, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga “Gukakara”. Muri ukwo kwezi, ivyatsi biba vyumye (bikakaraye). Urusi (le sol) ruba rwase imigaga, rwagadutse. Ni igihe c’ici.

Ukwezi kw’8, kwitwa Myandagaro (Août, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga « Kwandagara ». Ni ukwezi kuri mu gihe c’iyimbura. Ivyimburwa vyaba ari vyinshi. Ivyo bimbuye bimwe bakabitahana ibindi bakabisiga ku musozi vyandagaye kubera vyabananiye gutahana vyose.

Ukwezi kw’9, kwitwa Nyakanga (Septembre, mu gifaransa) :

Ni ukwezi imvura iba itanguye gutasura. Maze abatunze inka bakunda guturira ubwatsi (inshinge) ngo baronke umuyonga w’inka zabo. Kuko imvura ica ituma imuyonga unaga. Ni naho bakunze kuvuga ngo « imiriro ya Nyakanga ».

Ukwezi kw’10, kwitwa Gitugutu (Octobre, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga “Gutugutirwa”. Ni ukwezi kuri mu gihe c’ici n’imvura, aho haca hashuha rwose maze abantu bagatugutirwa.

Ukwezi kw’11, kwitwa Munyonyo (Novembre, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga « Kunyonyagira ». Ni igihe imvura iba itararwira rwose, iriko iratonyanga ariko kunyonyagira. Imvura iba iriko iratonyangira mu mirima ico bita « kunywesha imirima ».

Ukwezi kw’12, kwitwa Kigarama (Décembre, mu gifaransa) :

Iryo zina rivuye mu rivuga « Kugarama ». Bakwita « ukwezi kw’inka ». Muri ukwo kwezi inka zironka ubwatsi bwinshi. Na cane cane ko umuyonga waturiwe muri Nyakanga uba waranaze. Inka zikarisha zigahaga, zigashoka. Zihodotse bakazijana kuruhukira ku nama (zikavyagira). Abo hambere baca bavuga ko “zigaramye”. Arinaho haciye izina ry’ukwo kwezi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.