Incamake

Umunsi mukuru w’umweranda Valentino ntubonwa kumwe na bose

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 14 février 2018 saa 03:17
7920
0 0

Kuva mu myaka ya 80, kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,mu bihugu nka vyose bigize isi harahimbazwa umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentino, uwo munsi mukuru ukaba wahariwe abakundana.Kur’uwo munsi, abakundana barahana utuganuke, bakaryoherwa, bakibutsanya urukundo rwabo.Naho bir’ukwo, abantu ntibabona kumwe ingene uwo munsi mukuru uhimbazwa, bamwe bakabona ko udakenewe, abandi bakavuga ko ari uwo gusesagura gusa.

Padiri Amando KANA, ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango mu kigo ca Foyer de Charité, avuga ko umunsi mukuru w’umweranda valentino ataho uhuriye n’ingeso z’abafata uwo munsi mukuru nk’uwo kuja mu buhumbu canke gutwarwa n’ibishobisho, ariko ko ari umunsi wo kugaragaza urukundo rw’ukuri rutagira uburyarya, rwo kwitwararikana,urukundo rw’iteka ku bubakanye canke ku bari mu rugendo rwo kwubakana.

HAKIZIMANA Claudette, inkumi y’imyaka 24, avuga ko ata kamaro ko guhimbaza uwo munsi mukuru, akavuga ko abakundana batorindira iminsi mikuru ihuruzwako na bose kugira bagaragaze urukundo rwabo.

Claudette ati « Saint Valentin yohimbazwa ku munsi abikundaniye bahisemwo kuwuhimbaza.Ku bwanje hoba nko kw’itariki bamenyaniyeko. »

Gaspard NTUNZWENIMANA nawe, afise imyaka 35, abona ko uwo munsi mukuru ari uw’abifise baba bashaka kwiryohererwa, kuri we akabona ko ataco umaze.

Nayo Bernadette KANEZA, umuvyeyi w’abana 4 arababazwa n’urwaruka ruja mu buhumbu bakavyitirira « ugukundana », ku bwiwe akabona ko uwo munsi mukuru ukwiye guhimbazwa n’abubatse gusa.

Abadandaza b’utuganuke baraharonkera akoyokwe.

Révérien HABONIMANA, akora akongera akanadandaza amashurwe iruhande y’ishuri rito rya Athéné, aho twamugendeye mu masaha y’umutaga,yavuze ko ku munsi w’umweranda Valentino ahora aronka akunguko, n’aho avuga ko uno mwaka atari co kimwe n’imyaka iheze.

Avuga ati :« Mu myaka yahera, isaha zitandatu zagera amashurwe yaheze, ariko uwu mwaka mbona abayagura ari bake cane.Nizeye ko ku muhingamo tuza kubaronka. »

Kahise k’uwo munsi mukuru witiriwe umweranda Valentino, nk’uko tubibwirwa na Patiri Amando Kana, Umweranda Valentino yishwe azira uguhezagira mu mpisho inkumi n’imisore ishaka kurangura ibanga ry’abubakanye, mu gihe Umwami yitwa Claude II yari yatanze itegeko ryo kutabirana, Padiri Amando Kana arahamagarira urwaruka kudacafuza uwo munsi mukuru mu kuja mu ngeso zitabereye.


Kumenyekanisha

1
Arakaza Adalbert 12-03-2018 à 18:48

Ikibazo Jewe Mfise Ni Iki ? None Uwo Musi Mukuru W’ Umweranda Valentin ; Muri Make ; Wohimbazwa N’ Abamaze Kwubakana Gusa Canke ?? Bavuze Abari Murugendo Gwo Kwubakana ; Twokwumvamwo Abamaze Gucagurana Kandi Bageze Mubigero Vyo Gushinga Ingo Vuba ? Mbajije Ico Kibazo Kuko Nkunze Kubona Nabakiri Bato Bataragera Kuntambwe Yokwubaka Usanga Bakundanye ( Nukuvuga Abahungu N’ Abakobwa Bataranashina Imyaka 17 Bavyitwararika Kuwuhimbaza !) None Abo Kusanga Kenshi Na Kenshi Bakiri Abanyeshure Bo Mu Mashure Mato Mato Ndetse Nayisumbuye ; Uwo Musi Bararekuri Kuwuhimbaza. Muraduhe Inyishu !!. Murakozo !!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha