Accueil > Imico kama > Umuco > Menya inkomoko y’ijambo ’’Agahundwe’’
Menya inkomoko y’ijambo ’’Agahundwe’’
mardi 6 mars 2018
Mu majambo atandukanye yakoreshwa n’abarundi bo hambere, ikinyamakuru IGIHE carabatororokanirije imvugo z’abarundi bakoresha ubu,inkomoko n’insiguro z’ayo majambo.
Muri ayo majambo, ijambo ‘’Agahundwe’’ ni rimwe muyakoreshwa, ariko benshi usanga batazi canke batahure ico bariko baravuga vy’ukuri. None ‘’Agahundwe’’ ni iki ?
Mu nyigisho z’amayagwa, mu cigwa c’imico n’akaranga vy’Uburundi, ijambo ‘’Agahundwe’’ rifise insiguro zibiri.
Insiguro ya mbere y’ijambo ’’agahundwe’’
Habaye igihe incoreke y’umwami yari imushiriye amata, hama ica iratsitara imbere yiwe ya mata yaramushikaniye aca araseseka yuzura akanogo kari imbere y’umwami. Ya ncoreke hamwe n’abari bateramiye umwami baramaramara ndetse n’ugutangara kwinshi bivuye kuri ivyo vyari bihejeje kuba.
Ako kanogo kari imbere y’umwami kagasesekamwo amata, niko kitwa agahundwe.
Bisigura ko vy’ukuri, iyo bavuze ko kanaka yaguye mu gahundwe, aba yamaramaye bivanze n’ugutangara mu kintu yisanzemwo.
Insiguro ya kabiri y’ijambo ’’agahundwe’’
Agahundwe Kari akazu k’ivyatsi kubatse mw’ishamba hafi y’umwonga, bakajanamwo umwigeme yasaziye iwabo akabura umugabo, iyo umukobwa yasaziye iwabo, abavyeyi baramurungika kwa inasenge kugira barabe basi ko yokina na bavyarawe hama aronke amahirwe yo kuronka imbanyi.
Iyo yavuyeyo ataronse ayo mahirwe, yaragaruka iwabo asanga abiwabo baramaze kumwubakira ka gahundwe mw’ishamba kure y’aho baba.
Uwo mwigeme yakabamwo wenyene gushika yaho urupfu ruza rukakamusangamwo.Apfiriyeyo Baca bavuga ko uwo mwigeme yagaye mu gahundwe.
Oscar NDAYISHIMIYE
Messages
12 mars 2018, 19:13, par Arakaza Adalbert
Muratubwiye Kubijanye N’ Ijambo " Agahundwe" Ko Ryakoreshejwe Kuntwaro Ya Cami ; None Intwaro Yacami Mwotubwira Aho Yoba Yaratanguriye ? Ikindi Mwatubwiye Ko Yari Inzu Yubakigwa Umwigeme Yasaziye Iwabo ; None Ko Twumvise Ko Vyashika Bakamurungika Kwa Inasenge Kugira Akine Nabavyarawe Mbere Akaba Yaja Murako Gahundwe Iyo Avuye Iwa Bavyarawe Atambanyi Akuyeyo ; None Ko Twumvise Ko Aho Hambere Umwigeme Atwaye Inda Yatabwa Mugisumanyenzi !! ; Uwo Mwigeme Bishitse Agatwara Inda Akaye Iwa Bavyarawe ; Ntiyatabwa Mugisumanyenzi ? Muduhe Inyishu Kurivyo Bibazo ! Murakoze !!
16 mai 2018, 23:53, par hatungimana medard
muvyukur beshitbaramenyerey kuvuga<girangeni> bizoshoboka kobababihindura ?