Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngo hari abahatirwa kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ngo hari abahatirwa kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi

Ngo hari abahatirwa kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi

lundi 26 Munyonyo 2012

Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi uriko urarondera abanywanyi bashasha hasi hejuru. Abatari bake binjijwe ku nguvu bavuga ko uwutawuroyemwo ataronka akazi.

‘’Ntakundi nogira jewe, nkunda umugambwe CNDD-FDD canke ntawukunda, ntegerezwa kuwujamwo’’ uko niko umunyagihugu wo mu gisagara ca Bujumbura yabwiye bagenzi bacu b’ikimenyeshamakuru Syfia Grands Lacs yaraheje kurahira ko yinjiye muri uwo mugambwe. Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta hagati mu gihugu bemeza ko bahatirwa kwinjira muri CNDD-FDD.

Kuva amatora yo mu mwaka w’2010 aheze,indongozi zitari nkeya z’imigambwe itavuga rumwe na reta zarahunze u burundi. Gushika ubu ntibaragaruka naho umukuru w’igihugu adasiba kubahamagara ngo baze kunbaka igihugu.
Kubwa Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC-Ikibiri rw’ imigambwe itavuga rumwe, ngo ubutegetsi bubandanya kubaburabuza. Muri kino gihe, ngo abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta bashima kwerekana ko bahinduye imigambwe kandi atarivyo.

Ikimenyeshamakuru Syfia Grands Lacs kibandanya kivuga ko kuva umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi, ubuzi busizigaye buhabwa abayobke b’uwo mugambwe gusa.’’Kugira ndonke akazi ko kwigisha, babanje kumbaza ko ndi mu mugambwe CNDD-FDD ariko jewe sindawukunda’’, uko niko uwundi wo mu ntara ya Ngozi yavuze.

Hari n’uwundi muntu yavuze ko yabuze ikibanza co kudandarizamwo mu ntara ya Ngozi kubera ko atari mu mugambwe CNDD-FDD. Mu misozi yo mu makomine hagati mu ntara, abanyagihugu batayoboka umugambwe uri ku butegetsi bavuga ko batabayeho neza kuko ngo basa n’abacunzwe, nkaho womenga n’icaha. Uwundi nawe yavuze ati’’Raba hari migwi y’abagwanyi iriko iravuka, utari mu mugambwe uri ku butegetsi abo mu rwego rw’ipererza baca bakwinuba ko woba ukorana n’abagwanyi’.
Abandi nabo ngo baja muri uwo mugambwe kugira bikingire ku makosa bakoze canke kugira barabwe ryiza cane cane abahoze mu migwi y’abagwanyi itarahinduka imigambwe.

Ababirabira hagufi nk’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rikinga amatati ICG kivuga ko reta ya CNDD-FDD ishaga kusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe nkuko vyamye muri kabise.

Umuhinga mu vya politike atashatse ko izina ryiwe rimrnyekana avuga ko inzira yi intwaro rusangi iriko iranigirwa mu menshi kandi inararibonye mu vya politike batwaye n’igihugu babibona. Avuga ko demokarasi ivugwa ku rurimi gusa ariko ntije mu ngiro. Ku bwiwe, ngo igihe abatavuga rumwe na reta baburabujwe ntibaronke aho bavugira,ntayindi nzira atari intambara ica ikurikira kugira baronke aho bashikiririza ivyiyumviro vyabo


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.