IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Poritike > Umugambwe APDR usaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha ryoshirwa mu (...)

Umugambwe APDR usaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha ryoshirwa mu ngiro

Monday 18 June 2018, by vianney

Mw’itangazo umukuru w’umugambwe APDR, yasohoye kur’uno wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, Gabriel BANZAWITONDE amenyesha ko ibwirizwa nshingiro rishasha rikwiye gushirwa mu ngiro kuko intambanyi z’ibice 5 kw’ijana vyasabwa kugira umuntu aje muri Reta vyavuyemwo.

Gabriel BANZAWITONDE avuga ko bakeza umukuru w’igihugu ku ngingo yo kutazitoza mu matora yo mu mwaka wa 2020, kandi abifitiye uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa nshingiro bakamusaba kuzofasha umugambwe wiwe gutora uwundi azomusubirira.

Umukuru w’umugambwe APDR asaba ko ibiganiro vyosubira gutangura mu ntumbero yo gutegura urupapuro rw’inzira rwobashikana mu matora ya 2020,gushiraho itegeko rigenga amatora hamwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora bihurijweko na bose

Gabriel BANZAWITONDE aheraheza asaba ibihugu vya Afirika hamwe n’amakungu gukuraho ibihano vyafatiye Uburundi.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Nagira APDR iriko itegura umu candidat, irindiriye uwa CNDD-FDD?

  • Ivy’i Burundi biragoye aho usanga umuvumvyi mu rubanza arusha amanyama abatumire / abatumiwe. Ndabikuye kur’iyo APDR yanse gushikiriza aho ihagaze imbere y’amatora. Ubu imaze kumva uwatsinze n’uwatsinzwe isimbiye kw’isunzu ry’inzu ngo ibiganiro bisubire kuba kandi ubwa mbere batabiterwa.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.