Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBDA : Kwandikisha ibikorwa mvabwenge kugira bikingirwe ni inyungu ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Utugenegene > OBDA : Kwandikisha ibikorwa mvabwenge kugira bikingirwe ni inyungu ku (...)

OBDA : Kwandikisha ibikorwa mvabwenge kugira bikingirwe ni inyungu ku gihugu

lundi 17 Mukakaro 2017

Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama Jean Bosco HITIMANA yamenyesheje ko umuhinga yandikishije ibikorwa vyiwe ari itunga kuri we bwite hamwe no ku gihugu .

Jean Bosco HITIMANA yavuze ati : “ Umuhinga akingiye agateka kiwe n’ibikorwa vyiwe bituma aronka inyungu ivuye ku bakoresha ibikorwa mvabwenge vyiwe.”

JPEG - 141.7 ko
Jean Bosco HITIMANA,umushikiranganji w’urwaruka,inkino n’imico kama

Umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA yamenyesheje kandi ko umuhinga mu gutunganya ibikorwa mvabwenge vyiwe akoresha umwanya munini, uburyo n’ubwenge bwiwe, ari naco gituma nk’uko biri ku bandi bakozi bose, abo bahinga nabo nyene bafise uburenganzira bwo kuronka inyungu ivuye ku bikorwa vyabo.

Umukuru wa OBDA, Nadia NDAYIZEYE yamenyesheje ko batanguje igikorwa co guhamagarira abaririmvyi, hamwe n’abatunganya ibikorwa mvabwenge kugira bandikishe kandi bamenyekanishe ibikorwa vyabo kugira bikingirwe, ndetse bashobore kuryohererwa n’ibikorwa vyabo mu kubironkamwo inyungu, kuko hari abahinga b’ibikorwa mvabwenge bataramenya ko ari abakozi nk’abandi.

Nadia NDAYIZEYE yateye akamo abaririmvyi kwandikisha ibikorwa vyabo kugira bikingirwe, abakoresha ibikorwa mvabwenge vy’abandi bantu nk’amaradiyo, imboneshakue hamwe n’amahoteri yabasavye kwegera ikigo OBDA kugira bagiranire amasezerano ajanye n’amategeko yo gukoresha ibikorwa mvabwenge vy’abaririmvyi n’abandi bahinga batandukanye.

Ikigo OBDA catanguye ibikorwa kw’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2011. Uburundi nabwo akaba ari kimwe mu bihugu bigize umuryango mpuzamakungu witaho ibikorwa mvabwenge (OMPI : Organisation Mondiale de la Propriete Intellectuelle) kuva mu mwaka w’1977.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.