IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugwi CNTB uridogerwa n’abasangwa ku birebana no gutatura amatati (...)

Umugwi CNTB uridogerwa n’abasangwa ku birebana no gutatura amatati y’amatongo

samedi 17 Munyonyo 2012

Umugwi w’igihugu CNTB utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo washizweho mu mwaka wa 2006 kugira utature amatati y’amatongo, cane cane hagati y’abasangwa n’abahunguka bava mu gihugu ca Tanzaniya. Nubwo biri uko, uyo mugwi uridogerwa n’abasangwa ko utabatunganiriza, ahubwo ubasohora ku nguvu mu matongo n’amazu hanyuma bigahabwa abahungutse.

Mu ntara za Makamba, Bururi, Bubanza na Cibitoke ni ho amatati ari menshi. ‘’Jewe iri tongo nariguriye leta mu mwaka 1972 kandi ndafise impapuro z’amatongo zizwi n’amategeko, ariko CNTB yaransohoye mw’itongo ryanje ngo ndarihe umusangwa ngo yahunze yahora aba ngaha’’, uko niko umunyagihugu wo muri komine Rumonge intara ya Bururi avuga.

Aho nyene mu Rumonge CNTB iherutse gusohora mu nzu umuryango ubamwo abarabu 9, hanyuma hinjizwa uwundi muryango wahungutse. Ni nako vyagenze mu ntango z’iyi ndwi mu ntara ya Bubanza aho CNTB yashikirije inzu ku mugwa mukuru, ariko nwene urugo siho yarari, ivyari mu nzu vyose vyaciye bisohorwa ku nguvu. Urwo rubanza gwari gwaciwe mu mwaka w’2008 aho uyu muryango wari watsinzwe akunguriza mu ma sentare ubu rukaba rwari rugeze muri sentari isubiramo imanza I Bujumbura.

Ibibazo ni vyinshi ku babirabira hafi bamwe na bamwe bakibaza bati “None ko hariko hakurikizwa urubanza kw’itegeko ryo mu w’2011 narwo rukaba rwari rwaciwe mu w’2008, ko sentare isubiramo imanza co kimwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu bari bahagaritse iyurusha ry’urwo rubanza none gwoba gwarisubiyeko, ni kubera iki abashikirizwa bose batarindiriye ko vyose biva mu nzu ngo baheze bashikirizwe, ahubwo bari mu basohora.’’

Aho hose umuvugizi wa CNTB Mbonimpa Dieudonné yatumenyesheje ko baje gukurikiza ingingo za sentare. Abasangwa bavuga ko umugwi CNTB ubarenganya, ariko uyo mugwi uvuga ko bategerezwa gusohoka mu matongo y’abandi kuko bayagiyemwo atamategeko akurikijwe. Naho abavuga ko baguriye leta amatongo canke inzu, ngo ntashingiro bifise kuko zari leta zagiyeho hakoreshejwe igikenye.

Ingingo zifashwe na CNTB zica zija mu ngiro ubwonyene. Umuhinga mu gutatura amatati y’amatogo Ndikumasabo Vincent ati ’’ntaho vyakabonetse ko hari umuntu canke umugwi aja hejuru y’amasentare kuko nizo zifata ingingo zigaca zija mu ngiro’’.

N’umugambwe UPRONA wagiriza umugwi CNTB ko uhengamira kubahungutse mu gutatura amatati. ‘’Mugihe amategeko atarahinduka ntakindi tuzokorerako’’, iruhande yiyo nyishu, Mbonimpa ahamagarira abashingamateka gufata mu minwe n’ico kibazo nimba ari amategeko agahindurwa kugira ibintu bije mu ngiro. N’umushikiranganji w’ubutungane avuga ko abashingamateka botorera inyishu ico kibazo c’amategeko agenga umugwi CNTB.

Abahinga babirabira hagufi babona ko hamwe leta itofata mu minwe ico kibazo c’amatati y’amatongo hagati y’abasangwa n’abahungutse, gishobora gutuma haduka iyindi ntambara mu Burundi hagati y’abonse rimwe. Uburundi bwiteguriye kwakira abarundi bahunguka bava muri Tanzaniya barenga 35,000, ibibazo vy’amatongo bishobora kwiyongera.


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.