Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba mu bihugu vyo hanze basabwa gufasha mw’iterambere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba mu bihugu vyo hanze basabwa gufasha mw’iterambere (...)

Abarundi baba mu bihugu vyo hanze basabwa gufasha mw’iterambere ry’igihugu

mardi 14 Ndamukiza 2015

Hagiye kuzogirwa intonde z’barundi baba mu bihugu vyo hanze y’Uburundi, kugira bafashe mw’iterambere ry’igihugu nk’uko bivugwa n’umwunganizi w’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu.

Mu ruganda rwari rwatumiwemwo bamwe mu barundi baba mu bihugu vyo hanze, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abahinga mu bijanye n’abimukira hamwe n’abishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, bakavuga ko abarundi bangana ibihumbi 365, aribo boba baba mu bihugu bitandukanye vy’isi. Muri abo, ibice 87 kw’ijana bari mu bihugu vya Afrika, ibice 6 kw’ijana nabo baba muri Amerika, ibice 6 mu bihugu vya Buraya, igice kimwe kw’ijana muri Australie.

Thomas Barankitse umwunganizi w'umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ibindi bihugu

Ku bwa Thomas Barankitse umwunganizi w’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu, avuga ko hagiye kuzokomezwa umwumvikano n’ukwizerana hagati y’abarundi basanzwe baba mu bihugu vyo hanze na Reta y’Uburundi, kugira uwo mugambi w’abo barundi baba hanze wo gufasha mw’iterambere ushoboke. Avuga ko hari abarundi bari muri ivyo bihugu, kandi bafise uburyo bukwiye, abo nabo, bagasabwa kugira inguvu, bagafasha mw’iterambere ry’igihugu cabo. Umwunganizi w’umushikiranganji w’imigenderanire, akaba uavuze ko icegeranyo c’ivyashitsweko muri urwo ruganda, kizoca gihabwa umushikiranganji Laurent Kavakure, kugira kize cirwe mu nama nshikiranganji.

Mu gihe urwo ruganda rwabaye hari abarundi babandanya guhungira mu bihugu bibanyi kubera bafise ivyo batinya, usanga kandi n’abo barundi uyu munsi bariko baronderwako gufasha mw’iterambere ry’Uburundi, bamwe bajanywe n’imvo zitandukanye za poritike, abandi bagiye kwiga, n’abandi bajanywe n’izindi mvo zitandukanye, Colonel Didace Nzikoruriho umwe mu batanze ikiganiro, avuga ko Reta ikwiye gukura mu nzira izo nzitizi zose ziituma abarundi bahunga, aho kuzibira imbibe z’abashaka guhunga.

Colonel Didace Nzikoruriho umwe mu batanze ikiganiro

Avuga ko umuntu wese mu gihe adatekaniwe mu mutima, mu gihe afise ubwoba canke mu gihe ariko atotezwa kubera ivyiyumviro vyiwe vya poritike ahunga. Reta rero ifise uburenganzira bwo guhungura abayo bahunze, ariko ntaburenganzira ifise bwo kubazana ku nguvu, ahubwo igakora ibishoboka vyose, mu gutuza ivyatumye abayo bahunga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uyumu Colonel Didace Nzikoruriho, nashaka kumushigikira nokutamushigikira. Umva, muvyukuri urabizi kotwamaze imyakamyishi turimurdyane zamoko kiriyagihe wasanga uwahunze ashobora kwiyumvira koyokorera ibikorwa vyiterambere mugihugu camavukiro hacahaboneka abantu bavugango reka kwigora nguraja gukorera hariya ngokuko buca duhindura iryantwaro yabatutsi dukoresheje uburyobwose bushoboka. Uburerohoho birenze ivyakiriyagihe kuko umuntu agiraraciyumvira gukora ibikorwa vyiterambere ukabonumintu akubwirango banzureke kubikora kuriyuntwaro ya DD ! Radios ibimwnyeshamakuru ukumva amakuruyabo yaburimusi numururigusa, hagirumutegetsi asukamwo amazi ngwarahumuriza umumenyeshamajuru akacayiyongererakongo ngwahorero nubwo avuze amajambo yoguhumuriza ngohariya biracika! Nibindi ntiriwe ndavuga, ariko nsubiyunyuma nkasubira muvyajera mugihe cirdyanezamoko hariho ababandanije gukora ibikorwa vyiterambere mugihugu nuburero hariho abazoribdira Ko Cnddfdd ivaho ariko harihabandi bazokwitabira akokamo gatewe abarundi babahanze, nayo ivyovyokuvuga ngohariho abagiye hanzenkimpuzi ivyontibibuza kobakora ibikorwa vyiterambere kuko ukwimpaka igenda yiyongera nikobamye bahinduka bakareka kwitwa impunzi kandi jewe ndazi abarundi barihanze bagiye arimpunzi ariko kugeruyumusi bafise ibikorwa bakorerangaha Burundi birateye igomwe mbere vyiyongera kumusikumusi.

  • MBA CANADA MURI VANCOUVER,NANJE NKIMPUNZI NYUMA YIGANDAGUGWA RYA NDADAYE,NITEGUYE KUZA GUKORERA BURUNDI. MUVYONSHAKA KO RETA NABARUNDI BOBANZA KUNTEMERERA NMKONKORA NUKUMPA SERVICE YOKUVANGA , SIMA NUMUSENYI, GRAVIE, KIKAZIBAKIZIRA KIKAZIRIRIZWAKO HASUBIRA KWITADIKIZA ABANDIBANTU BAKORA ICOGIKORWA KUKO JEWE NZOBAMFISE IBIMODOKA VYAGENEWE GUCANGACANGA UMUSENYI NISIMA NA GRAVIE, KUBURYO INZUZOSE ZIBAZUBATSWE KUBUKOMEZI BUNGANA , NZOTANGAKAZI KUBURYO BUTANDUKANYE. UMUNTUWESE AZOBAKENEYE KWUBAKA ICAZOKORA NUGUGAMAGARA AKAVUGA IGIHE AZOKENERERA SERVICE AKABONA BAMUSHIKANIYE IBINTU BITUNGANYE. IKINDI NZOKORA NUKUZANA IVYUMA BIFASHISHA MUKWUBAKA AMAZU AGEREKERANIJE BIZONAFASHA GUKINGIRA IBIDUKIKIJE KUKO IYOMU BURUNDI HUBAKWA INZUZIGOROFA IBITI BIRAHATIKIRIRA. HARIHO NIBIMODOKA NZOZANA BIFASHA ABUBATSI KUJAHEJURU CANKE KUDUZA IBINTU HEJURU. IVYONZOBIKORA ARUKO RETA IBINYEMEREYEKO ATAKAJAGARI KAZOBA RUHANDE YIBIKORWA VYANJE, COKINWE NABARWIZATUNGA BAKANYEREKAKO BANYISHIMIYE UBONAKO ARINABO BAZOMPA AKAZI (ABENEGIHUGU) REKARERO MBENDARINDIRIYE TUBANZE TWIYANDIKISHE IYOBIBARIBIKUNDA MWOGIYE MURATUBAZA ICODUSHAKA KUZOKORA MAZE DUKORE MWIRABIRE.

  • Ce serait bien mais vous ne faites rien pour encourager les investisseurs. Exemple avec la plante "STEVIA".... Tant que le pays est dominé par les "amasiha". Rien n’est gagné.

  • Wewe Kirinyota turetse niyo STEVIA mugihugu caricocose kugira umuntu atanguze ikintu mugihugu caricocose birasaba ubanze umenyeshe reta yicogihugu maze iguhe i kaze ekambere ninayo iheza ikagufasha kukwamamariza ivyugiyegukora igahimiriza abenegihugu kugusanga. Ngira wasomye umuntumwe yanditse ngaha mwizina rya MWIRABIRE ukuntu yavuzeko yosaba reta ikamwemererako ivyazokora hatobaho abandi bazakuvyonona mukuzanamwo utundidukorwa dusanavyo twakajagari. Urumvako ugiyekuzana business mugihugu ukamengo uricaduka ugatangura gukora ivyo reta itazi urahomba ntakibuza. Hariho umuntu yambwiyeko yatwaye mwivarisi indagara muri Amerika ibiro 5 ngoyageze ku kibuga cindege kimwe comwi reta imwe muziguze America ngo barazitaye kuberanyene atabimenyesheje kwakora iyo business. Ndabasaba mureke ibintu vyokwitoraguza kuma reta yibihuguvyanyu business uyibangikanijemwo nivya pokitike iyo ibibaye iyakanya gato.

  • MBE IYO RETA KO MBONA IDUFATA NKIBISUMA IYO TUJE IYO OBEYERE NAYO UENGO NIHO ITOREYEAKOYOKO MUGUKOMMESHA UWUZANYE AKAZIGO
    UDUHE IJAMBO TWESE MURABE INGENE UBURUNDI BUDAHINDUKA MUMWAKA UMWE GUSA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.