IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba Ottawa, Washington, Bruxelles, Aarhus mu myiyerekano

Abarundi baba Ottawa, Washington, Bruxelles, Aarhus mu myiyerekano

lundi 25 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Abarundi baba mu bisagara vya Ottawa, Washington, Bruxelles, Aarhus , Geneve, Paris, Cape Town nabo bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

Mu gisagara ca Otawa, abantu bagera kuri 250 nibo bitavye iyo myiyerekano, aho bari bafise amabendera y’Uburundi, n’inyandiko zisaba umukuru w’igihugu kutitoza ubugira gatatu. Muri iyo myiyerekano, abarundi baba mu bisagara vya Montreal, Toronto na Ottawa, bakaba baciye begeranya agaseke, ko gushigikira abari mu myiyerekano, co kimwe na bamwe bari mu bitaro n’amabohero, kubera ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu.

Eka no mu gihugu c’Ububirigi, abari bitavye iyo myiyerekano, bakaba bari isinzi. Abo nabo, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka bo muri ico gihugu gisanzwe kiri mu bifasha rwose Uburundi. Abashingamateka nka Isabelle Durant (Ecolo), Nadia El Yousfi na Stéphane Crusnière bariko bifatikanya n’abarundi mu myiyerekano.

Muri ico gihugu abari mu myiyerekano, bakaba basavye ko ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu mu myiyerekano vyohagarara vuba bwango, abantu bagakora imyiyerekano nk’uko babirekurirwa n’amategeko.

Abari muri iyo myiyerekano basavye nabo nyene, Petero Nkurunziza guheba ico kiringo kindi, kandi baca basaba ibindi bihugu vya Buraya gufataira ku karorero k’Ububirigi, mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Latif Rukara umwe mu bateguye imyiyerekano i Buraya, yavuze ko ibintu bitera vyunyuka mu Burundi, kandi ko haguma hibonekeza iterabwoba rikorerwa abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu. Abagize imyiyerekano muri ivyo bihugu kandi bakaba batibagiye gusaba ko ubwigenge bwo gushikiriza amakuru n’ivyiyumviro bwokubahirizwa mu gihugu cabo c’amavukiro.


IGIHE

Messages

  • Turabashigikiy kubona badufashe mumudyango, ntamuntu atokwiyamiriza ico kiringo kiretse abadatahura

  • nuko mbona abamugwanya benshi ari ABATUTSI gusa!!!

  • Mukomere k’umuheto ivyo biremeza amakungu ko ibiri mu burundi bitababaje abari muburundi gusa,ahubwo nabari mumahanga rero pierre akabandanya kwifatira abanye politike mugahanga n’imisi mike bizomugarukira! Nihamwe abantu batumva ese iyakirekura kuneza hama bakazomucira urubanza rw’amakosa yakoze.ariko aho bigeze ubu azovanwako hama ateko yicwe,ese gufungwa nukuzimanganya ubuzima bwawe bwose ese wohitamo iki? Barayamaze bati ikimuga kiruta imva!rero wopfuma ubaho nabi mugabo ukabaho. Ashake avuge ko amatora yayatsinze ese imyaka itanu yibagiye ko arubusa? On dit que le document ecrit ne meurt pas,ahubwo bavuga ngo nibabatangatange,noneho abarokotse kw,icumu nibo bagiye kubatangatanga! Ntuzokore ikibi kuwariwe wese kuko ntuzi ninde azokwihorera urya wagiriye nabi.

  • ndabwira uyo mumenja ngo. ni MBONA mbega aho wabonye ari abatutsi gusa ? birababaje kubona ikibazo cuburundi hari aba extremiste bashaka kugihindura amoko. Nyamara Imana niyo nkuru ivyo muriko murategura bizobahumira ñdabîvuze iźuba riva

  • @Bucumi
    ivyo uvuga ni avyabanyabwoba ,mu burundi nta bwoba tukigira,azopfa twese tuzopfa ariko irya mandat amategeko arabimwemerera ntayirekura,kandi izo manifestations umunsi umwe tuzozibuza hamwe abo ba al chabab batazongera kwibaza kuzikora,turiko turabaraba,bariko baratwibutsa kahise,bariko bamara abantu n’ibintu,ivyo vyose bazovyishura

    Ako kamaraya k’abazungu kadjanin nako ngo nuko kariye inzara guitar kibaza ngo kokanga nde,kirigwa kuvumbagara i bwami gasega amahera ngo kabeho kabesha ngo kagiye gufasha,gufasha nde?Aho kakkeregereje kafashije nde,ako gakecuru se wako yamaze abahutu mu 72 na ba simbananiye na micombero aho yumva iyo ariko yikoroza ayo kwarika imbere y’ama camera hari uwo bi toucha?Naje ku musaga kubikorerayo turabe cet idiote.Ayo makungu mwishimira turayiyamirije,nuko peter ari umunt w’imana jewe nobamumaguriye kuri izo barricades,nkabatuza ,ikiba kikaba,nimukore ivyo mushaka,jewe no nobamugaje ntaco mwopfuye musubiye kwimarira peter niwirambire kweli ni wewe ushoboye gutegeka iki gihugu cuzuyemwo abicanyi!

  • Ivyamoko vyaheze kera mugihugu cacu c’uburundi ahubwo wew ugifise ako gatima teshwa ute ushaka wohamvya abandi kuko uracari inyuma. Petero. Ningombwa agende kuko ntakamaro yatuzaniye atari kwica abo badahuje ivyiyumviro. Oyee abagira imyiyerekano kwisi yose yo guhakana ikiringo ca 3 ca petero nkurumbi sinovuga ngo ni nkuru nziza kandi yirirwa yica abenegihugu abazira ngo nuko badahuje ivyiyumviro.

  • Ivyamoko vyaheze kera mugihugu cacu c’uburundi ahubwo wew ugifise ako gatima teshwa ute ushaka wohamvya abandi kuko uracari inyuma. Petero. Ningombwa agende kuko ntakamaro yatuzaniye atari kwica abo badahuje ivyiyumviro. Oyee abagira imyiyerekano kwisi yose yo guhakana ikiringo ca 3 ca petero nkurumbi sinovuga ngo ni nkuru nziza kandi yirirwa yica abenegihugu abazira ngo nuko badahuje ivyiyumviro.

  • perezida wuburundi ntamakosa afise gusa ico nomusa akorane ubwenge ivyo akora vyose kandi ndizeye

  • mbekotuvugantibumve.tuzoshikakuki rekatugerageze.turabe.kobazikubita.agashi.

  • Ba mwubaha umukuru w,igihugu basha. mbe bucumi aho urafise indero? umukuru w,igihugu yashizweho n,IMANA s,abarundi canke amakungu azomukuraho. mukinda mugaramye mwubama mwiruhiriza ubusa mureke yibereho gupfa navyo n,ibisanzwe ntanumwe azorusimba. KIRAZIRA KIRAZIRA NIMWUBAHE UMUKURU W,IGIHUGU.

  • Muta umwanya wanyu .Ubu noneho na OUA bemeza ko afise uburenganzira bwo kwitoza ndabe ico mushikako.

    Pole saaaana!

  • Barundi. Barundikazi ncuti zuburundi turabahamagariye gusubira kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca PETE Nkurunziza. Tukaba twiyamiriza nubu bwicanyi bwaraye bubaye kumukuru wumugambwe IPD ZIGAMIBANGA twebwe abarundi turi muri afrika yepho tugahoza umuryango wiwe wabuze. Hamwe numugambwe yaratwaye nyakwigendera imana imuzigame ahari hose. Tukaba twibukije numukuru wigihugu ibi bishikira bagenzibe. Nawe bizomushikira imana izobimwishura. Ubu ahoturi turi murugamba rwogufatana nabenewacu bari mu Burundi rwo kwiyamiriza manda 3 hakubimbwa wobimva. Nakore amanyanga yose. Biri nintang ni. Herezo nimukomere kurugamba abarundi bose bari mubihugu bitandukanye murakoze

  • Komera bane b,Imana ntamvura idahita dukomeze amasengesho kuko aho ibintu bigeze ahantu bose tubasavyeee bagumane umutimaaa.Turi mugutsinda ingwano n,Iyimana siya Nkurumbi

  • Ko umenga uyo ni Innocent ,yoba ariwe yaserukiye abahutu b i montreal ko mbona yisa!

  • komeza gufasha bene mama...ntabwo shetani yegez atsinda uhoraho.
    knd uhoraho ahorana nabanyagihugu.

  • ew vuganeza naw mbona tegura neza kaza kanyu mureke kuzimira mwitwaza amazuru ushonj canke ukenye ntacorifasha nkurunziza ndets na pacifique na bone ntaco bogufasha ngo nuko wavuze ibibaha inguvu inama no bagira niyo hama gutukana canke guturira witwaje kahise cank ubuzima bamw nabandi uko baronka amahera singendo nziza kand mwibuk ko mwes muri uruvyaro rwa burahamu hama jew namw twubake igihugu cacu tuzoraga abana bacu kiragwa no kwubahana nurukundo nokwubaha isezerano twishireyeho turongowe nimana tuzobishikako

  • Kuri jewe iyondevye ababantu tubana ngaha mubu Biligi arinabobamwe mwabonye amashusho yabongaha, jewe ntababeshe igihecose nakabereye ngaha mu Bubirigi kuva mumwaka wa 1989 turetse kuvuga ivyakeracane tukavuga ivyokuva Pierre Nkurunziza agiyekubutegetsi sinigeze ndabumvana iconokwita gushima nokumwemera, nokumushigikira ngoduheze tucetuvugako ikibashavuje aricokiringo cagatatukoko kibatumye bajamumwiyerekano. gusa iconobabwira harimwo abarimwo kubwa 3 em mandat nabandi barimwo kubera ibindibintu kandibibi cane ubonako hariho nuwanciriye agaceko igihe vyozoba pass babwiwe ivyobazohabwa. Ariko ukondabibona nisunze ukwamategeko yibihugu yubahwa kurwego mpuzamakungu bizobagora cane kuko nkigihugu cigenga kikaba abashinzwe gucungera ibwirizwashingiro ryaco baraciye urubanza kandibakabisigura kuburyo burebure ntimuzigera mworoherwa atari guhekurira ubusa abarundi nu Burundi.

  • Ahaaa!Nkurunziza Niwe Ubarirwa Be Nabamwe Biyita Ngobarinyuma Yawe Baharanira Inyungu Zabo.Petero Nibareke Kuguhenda Bakuvugira Mumatwi ubone Yuko Abarundi batarira Busema ubashikirize Ijambo Rya Gishingantahe Wiyambure Abo Baguhenda Ngo Mandat Yawe Ngontirahera.

  • Turamushigikiye100% Kuko Yaratunyigangije Akatarigato Nubu Aracari Kwivora Ubwo Bugabo Bumwanka Nuko Bubona Atwara Neza Naya Barundi Bamukunda Gute Mwanka Mureka Niwe Kuko Numugabo Ashoboye Gutwara Ubwo Bwicanyi Sibo Bariko Barabutuma Buba Abo Bari Mumyirekano Ahubwo Wobafashe Bica.

  • Harabantu bibirwarudubi batazi icarico ibwirizwa nshingiro namasezerano yi Arusha!!! tuzokwiyamiriza Nkurunziza kugeza yeguye!! aba dd batavyumva bameneke! ntawundi muti nukubumvisha.

  • Birababaj kubona babwira umuntu wintunva!!

  • Nukuri hariho abantu bimvuga kuri nabandi binjavyi. Ico mbaza mbe uburundi burwarirwa i buraya canke butwarirwa i buja. Mbe hoho abo bari mu myiyerekano boba bibukako uburundi bwikukiye bufise ubutungane bwabwo canke bibazako ubutungane buri i buraya. Peter natware turamushigikiye

  • EWE BUCUMI URI INZIMIZI KOKO. UBWO AMASO YAWE ARAKOMEYE CANKE YARAZIGIJWE N,AMACAKUBIRI Y,AMOKO? GERAGEZA URABE PERE AMEND WA FOYER DE CHARITE BUJA AGEREGEZE KUGUFASHA UTAMBUKE UWO MUTEGO AHANDIHO UZOPFA NABI N,UTIHANA VUBA KO UVUGA NGO N,UBUTUTSI WABIRABIYE HEHE? DAHWA UBWO BUROZI KUKO NTAHO BUZOGUSHIKANA.

  • Ico Nsaba Nuko Tworonka Amahoro Umukuru Wigihugu Akumva Amarira Namaganya Namaraso Ariko Arasese Mugihugu Samazi Namagara Kandi Atanumwe Yusubiza Ubuzima Bwumuntu Na Nareke Kwitoza Uburundi Buve Muga Yibukeko Ingwano Idacagura Kandi Isambura Itubaka.

  • ayomahera muriko mutororekanya arikugera ngaha bakayagura urumogi bateka munjya zabari muri manifestation,hari naho bari kuyagura uburozi batekana n’injya bagaha urworwaruka kugira ntiruzoronke ibibondo babiha canecane abo muri FNL ya Rwasa. mubitohoze neza bimaze iminsi biba ngaha mugisagara.

  • Ndakeje Abarundi bumutima bifatikanije nabene wabo. Nibashishikare berekanako abarundi tudakeneye 3èm mandat ya Nkurunziza.Turabashimiye kugafashanyo bariko batanga kubari muri manifestations kuko ningirakamaro isumba yayindi yatanzwe ngo niyo gufasha abari baburiye ibintu vyayo mw ’isoko nkuru ya Bujumbura tutabonye iyo yagiye.
    #StopNkurunziza
    #Sindumuja

  • Nimukomere mukwama mutwibuka .Muri Abarundi b’Umutgma.Kuko mwebwe muri i Buraya mwatumye Belgique igira ico ikora kuko Nkurumbi ntiyumva ,ariko azobona ingaruka mbi bizotera igihugu.Hama Belgique ibwire UE ifunge nayo imfashanyo yahora itanga ,turabe ko EAC izomufasha .

  • Tuzomutora mwenye wivu Ajinyonge

  • Erega bucumi ari muri babahutu bipfamutima bitiyizi mwibuke uwitwa Ngeze Francois na Twagiramungu Faustin ayo bakoreye abahutu

  • Birashoka bakaba harimwo abadafite akazi canke hakabamwo abagafite ariko bari Off bashatse kuba barata umwanya nkuko bari kuja ahandihantu, ubundi barikurondera utwobikorera aho guta umwanya Ngo bagiye mumabarabara

  • Uwo wese akiri muvyiyunviro vy’amoko afise ivyiyunviro vyaboze kandi bigashe, kuri terrain siko bikimeze twarahishikiye, aworaba abarundi bagowe ayikivunvu canke abapfa ntiwomenya ko hari umutegetsi ari ku ntwaro basangiye ubwoko. Hinduka mwena mama ariko arabikora. Oppostion tubona na societe civile, birimwo amoko yose, abinywamaraso birimwo ubwoko bwose,amadini yose, intara zose, kandi uwokwitirira ibibi biriko birakorwa ubwoko yoba abututse kandi aburenganganije eka nawe yoba yisuwuguje.

  • None hiyo ko mudaturira,ngomuzibire,amabarabara,nibindi...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.