Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Poritike
Albert Shingiro : Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye
Yanditswe taliki ya 19-07-2016 - isaha 08:11' na IGIHE

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.

Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburundi bumaze kwerekana aho buhagaze ku ciyumviro nk’ico.

Aho umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagendera Uburundi, yashikirije ibitigiri bitatu bishoboka vy’abajejwe umutekano mpuzamakungu borungikwa mu Burundi : 3000, 228 canke abari hagati ya 20 na 50.

Uburundi bwari bwemeye abari hagati ya 20 na 50, ariko nk’uko bivugwa na Albert SHINGIRO, cari igihe amakambi yari agiterwa ariko ubu umutekano waragarutse, n’abo ntibagikenewe, nk’uko abishikiriza.
Icipfuzo c’Ubufaransa rero n’uko horungikwa uwo muce wa kabiri, 228, ariko naho nyene bigasabwa ko Uburundi bubanza kuvyemeza.

Albert Shingiro yongeyeko ko Uburundi bufise abajejwe umutekano bakwiye kandi babishoboye, mbere banafasha no mu makungu, ngo rero nta bandi bakenewe.

Ariko mu gihe hoshikirizwa iciyumviro co kurungika abaporisi mpuzamakungu 20, Uburundi buvuga ko bwokwemera kubiganirako, ariko naho nyene bakaza ata kirwanisho bitwaje.

Uburundi kandi busanzwe bwaremeye ko harungikwa indorerezi z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zishika amajana abiri, ngo rero iryo shirahamwe ryari rikwiye gufashwa kugira izo ndorerezi zikwire.

Abajijwe igituma banka ko harungikwa abajejwe umutekano kandi hari abantu bacicwa mu Burundi, Ambassadeur Albert Shingiro yavuze ko naho bibabaje ko hagira n’umwe apfa, ngo ni ibintu biba n’ahandi hose kw’isi, ngo si ikibazo gikomeye cihariye ku Burundi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano karaciga kuri ico cipfuzo c’Ubufaransa.

Ivyiyumviro vyanyu

TWE ABOBAPOLICE 228 NTITWUMVA ICO BOBA BAJE KUDUFASHA KUMUTEKANO IWACU IBURUNDI NTIBATUZIREHO .

6.09.2016 à 22:29
KUBWIMANA CYRIAQUE

Babarungika Nkande ?Tweturimaso.Baraza tuzobakira Nkabarwanyi Dutabara Mumakungu Igihugucacu Nicocotunanira Erega Ntabwenge Muturusha Barungike 20 haze Ibihumbi Mirongibiri Nyene Uwomukenyuro Twawize Kare Erega Twebwe Abarundi Ntiturananirwa Katantambara Ihari Mugihugucuburundi Nibagende Kwakagame Guhungura Ziryampunzi Ziriyo Natwe Tuzitabara Igihe Hazoba Harigwano

21.08.2016 à 23:34
Miburo

uwutazi umuti awunyako.

30.07.2016 à 20:09
Gahanga

Nanje iconokwongerako kuri salva na tari nigiki catumye abarundi basanzara ntivyavuye kumutekano muke cane none rero abobasirikare nimubareke binjire kuko mweho ukwica niko muzi kandi ndababwire abo mwica bose bari imbere yanyu imana nigarukire abarundi kuko barageramiwe

28.07.2016 à 01:20
neema so

Ahumbwo Nibemere Izontekozize Amazi Atararenga Inkombe Nayahandi Bizobakomerana Kuko Bagombaguhisha Umwotsi Inzuyaramaze Gusha.

24.07.2016 à 10:20
Murungura . Jastin

Mbega aho ubufaransa busabira uburundi inteko mvamakungu igitero giheruka gutikiramo abantu I Nice mubufaransa,natw abarundi duce tubusabira inteko mvamakungu kugira ntihagire umu faransa asubira gupha ?nibareke kwiteranya kuburundi !

23.07.2016 à 13:33
Ven Rodrick Hatungimana

Ewe Natwe Turikwije Umutekano Tuwufise Mu Biganza. Guhera Ku Mutumba Kugeza Kumurwa Mukuru. Abasoda Mvamakungu Ni Bagende Mu Bufaransa Mu Budage.Eka No Mu Burigi.

23.07.2016 à 11:50
Ali Mussa

Nahomwanka Muzofatwa Ariko Igifese Intangoniherezo Farao Azofatwa

21.07.2016 à 09:37
Samson James Elias

Iyo nimutwe yabazungu ariko ubu nabarundi baraciye ubwenge ntanteko mvamakungu zikenewe atarukuza guhungabanya umutekano wacu

21.07.2016 à 07:34
Umurundi

south africa ntamusi hadtorwa ibiziga guhera kuwambere gushika kuwundi wambere

20.07.2016 à 23:45
majambere

Lili,turaje na tari ni intagondwa zabatutsi zigifite nostalgie yabase cya gihe bamaraga abahutu muri 72. Gusa burya sibuno umuti waba twarawubonye.

20.07.2016 à 15:07
Kubitimbwa SANTOS

Mbe aho babarungika mu Burundi ntibobanza bakabarungika muri Amerika,Alemagne n,ubu faransa ubwayo ko nabo nyene abapfa ari benshi ! Nibaza ko uburundi bufise ingabo zihagije !

20.07.2016 à 11:21
mariya

@turaje (igiceri). Wangu ubanza wibera kwa legentil. Abarundi barikukiye

20.07.2016 à 08:40
Dusabe

@ Turaje, iryanzu twebwe abarundi tuyita ikiruriruri canke mitego.

19.07.2016 à 22:46
.

@tari mujer@Lili maraya. Abarundo barikukiye . Izo ngano zoherezwe mubufaransa guhiga aba terroriste bamaze iminso biha inkumbi. Naho mwangegera mwe ibyo muvuga ntimubizo amaso azageraho akoroke hasi ngo mutegereje MAPROB.

19.07.2016 à 22:36
Musaga

uradedemba uvuga ibiki Uzi kagame yatore iki muririya nama ?
uwo murimyi wumunyakamenge ngo Ni Peter urabona iriya nzu yari kuyinjiramwo koko nubwoba agira imbwa gusa.

19.07.2016 à 22:20
turaje

Nishure Tari,igituma Amakungu Atirukana H.Peter Nkurunziza Nuko Babona Ko Ashigikiwe Nabanyagihu A 95% Bakamubonamwo Ubwenge Nubunararibonye Bihambaye.Afrika Yose Ihanze Amaso Peter Mukwikurako Agahotoro Kabazungu,waraye Ubonye Amatora Ikigali Kovyanse Kubera Atariho Yari, Kagame Nihorari Kuki Batamutoye ? Wanka Kwagutwara Aha Muburundi,uzifatagute Ko Agiye Kugutwara Muri Afrika ?

19.07.2016 à 15:07
Kagame

Albert Shingiro, Imana yakuduhaye ikudutungire, uryamugabo wintwari uryamugabo.

19.07.2016 à 14:25
Schwarzenegger

Reka abarundi twarabuze ihero ry’umuti. Ejo hari abariko baratamba n’ubu amaso yaheze munzira biteze ibihano ngo vy’afatiwe u Burundi bwacu mu nama ya AU mu Rwanda. Emwe gezaho gezaho. Nidukure amero kuko twarahinyutse.

19.07.2016 à 14:24
KAKUNZE

moikiv

19.07.2016 à 14:08
maroho
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.