IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Bujumbura : Imiduga yunguruza abantu, irabangamiye agateka k’abanyagihugu

Bujumbura : Imiduga yunguruza abantu, irabangamiye agateka k’abanyagihugu

mercredi 29 Rusama 2013

Imodoka zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, ziridogerwa n’abazifata ko nyinshi muri zo zigeze aho umwansi ashaka mu gihe vyibonekeza ko zimwe zimwe muri izo modokari ivyuma vyazo bishaje ibindi vyarapfuye ntibisubirizwe.

Nk’uko twavyiboneye, imodoka zunguruza abantu zija mu makomine ya Nyakabiga, Bwiza, Kamenge, Kinindo na Musaga, igice kinini cazo zimeze nabi kuko zimwe zimwe murizo, intebe zaratabutse, ugasanga umuntu yicaye kuvyuma gusa, iyo bitamutaburiye impuzu ivyo vyuma biramukomeretsa. Intebe zizo modoka basigaye bazishimikiza agatebe k’igiti canke igiti gishinze munsi y’intebe nk’urwego rwayo.

Izo modokari rero n’amatara yazo ntagikomeye kuko nka harya butanguye kugoroba mu kwatsa amatara babanza gufadikanya udutsinga, ndetse ivyibonekeza cane ni uko kugira izo modoka zishobore kuva n’aho ziri kenshi babanza kuzisunika, canke bakarinda gufatanya utwuma. Ivyo rero bikababaza abo zunguruza, kuko izo modokari hari aho zipfira mu nzira bamaze kuriha amafaranga yabo maze ntibayanasubizwe.

Iyo zipfiriye mu nzira rero, abihuta baja ku mirimo nibo bagira ingorane kuko baca bacererwa, ugasanga babonywe nabi n’abakoresha babo kuko batonze batevye. Eka ndetse kubera izo ngorane imodokari zunguruza abantu zifise mu gisagara ca Bujumbura, hari n’abakozi usanga bacerwa ku mirimo maze bagaca bitwaza izo modokari zunguruza abantu ko arizo zabacereje, kuberako n’abakoresha benshi bazi ico kibazo baca bemera ukwo nyene.

Ikibazo rero kiza kubajejwe intwaro cane cane igipolisi kijejwe amabarabara, kuko izo modokari barazibona, ndetse zirabunguruza nabo nyene, ikibazo abanyagihugu bagira, na bamwe nu bapolisi canke abandi bajejwe intwaro barabibona kandi barabizi, kuko nta munsi wijana abapolisi bajejwe uruja n’uruza batazihagaritse mu ntumbero yo kuraba ko zarengeje igitigiri canke ko zikomeye, ariko rero abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bakemeza ko ari uruyeri kuko n’izifashwe zidakomeye uja uzibona inyuma y’amasaha make ziriko zirakora ukuri kwamye.

Abanyagiihugu rero basaba igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kurikanura kuko ubusaza bw’imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bubageramiye, bemeza ko n’impuzu kenshi zitaburwa n’ivyuma vy’intebe vyamaze kwononekera, abo banyagihugu rero bakamenyesha ko agateka kabo katubahirijwe mu bijanye n’ukwiyunguruza mu miduga ikorera mu gisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Messages

  • mwiyumviriye neza cane kuzana iyo ndenge nakare vyahora bituvuna. Ariko tumenyeshe itike tumenye amashilingi tuzohora turiha. Siko none?

  • Nukuri ivyabanyagihugu bavuga nukuri, imodoka zikora mugisagara ca Bujumbura zirateyisoni. umengo ni gisagara kitaramwo abajejwe ivyamabarabara. jewe nsazwe nkora igikorwa cogutwaza, haribintu nkuze kubona vyaba ba porice iyo aguhagaritse akagukontorora iyasanze atakibazo imodoka yawe ifise ntatarwa nukuraba mumaso, nukugusaba ngo ntaco wonsigira ?.Rero ivyo bigari vyaboze ntaho bizoreka kubuza amahoro abanyaguhugu,kuko abobitujije igiturire carabamugajeeeeee.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.