Accueil > Igisata c’ingenzi > Burundi: Qatar Airways na Air Burundi zasinye amasezerano
Burundi: Qatar Airways na Air Burundi zasinye amasezerano
vendredi 24 Rusama 2013
Qatar Airways iserukiwe n’umukuru w’iryo shirahamwe, Abulaziz Mohamed Al-Nuaimi, Uburundi nabwo buserukiwe n’umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu Deogratias Rurimunzu, baherutse gutera umukono ku masezerano y’ukwunguruza abantu n’ibintu biciye mu kirere.
Ayo masezerano hagati y’Uburundi na Qatar, yateweko umukono kuw’ Imana i Doha arekurira ayo mashirahamwe yose Qatar Airways na Air Burundi gushobora kuzokora ingendo incuro indwi kw’iyinga kuva Doha uja i Bujumbura. Hazoba hari indege zunguruza abantu hamwe n’ibiciro bizokorohereza ingenzi ziva i Bujumbura.
Uburundi n’igihugu co muri Afrika y’Ubuseruko gikorana n’amashirahamwe y’unguruza abantu n’ibintu biciye mu kirere ariyo Brussels Airlines i Buraya; Kenya Airways, Ethiopian Airlines, RwandAir, Air Uganda, na South African Airways. Qatar Airways rero ije yiyongera kur’izo zahahora.
Ayo masezerano hagati ya Qatar Airways na Air Burundi azorushiriza kworosha mu bijanye no guhanahana ibidandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’akarere k’ibiyaga binini, kakazoba kandi ari akaryo keza ku ngenzi.
Prosper Ndayikeza
Messages
29 Myandagaro 2016, 22:15, par Man
ni saw