Accueil > Imico kama > Umuco > Cibitoke : Abanyarwanda 17 badandaza umubiri bafashwe n’igiporisi
Cibitoke : Abanyarwanda 17 badandaza umubiri bafashwe n’igiporisi
jeudi 7 Myandagaro 2014
Mu ntara ya Cibitoke, abanyarwandakazi 17 batawe muri yompi n’igiporisi c’Uburundi bagirizwa kuba mubadandaza umubiri.
Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke amenyesha igiporisi kirajwe ishinga n’igitigiri c’abanyarwandakazi badandaza umubiri babandanya kwibonekeza muri iyo ntara ya Cibitoke ku bwinshi.
Abanyagihugu bo muri iyo ntara baridogera cane abo banyarwanda, bakamenyesha ko aribo basambura ingo zabo, bakongera bagatuma ubutunzi bw’imiryango yabo butera busubira inyuma, kubera abagabo ba serugo baburarira muri abo banyarwandakazi badandaza umubiri.
Abo bafashwe uko ari 17 bari mu minwe y’inyamiramabi, bikavugwa ko bashobora kurungikirwa ubuyobozi bw’igihugu c’Urwanda.
Tubamenyeshe ko haba mu Burundi canke mu Rwanda ata tegeko ritanga uburenganzira bwo gukora umwuga wo kudandaza umubiri.
IGIHE
Messages
7 Myandagaro 2014, 18:58, par NGENDANZI
ABO SIKO KAZI KABAZANYE NYIMBA MUTAZI YA BANYARWANDA.MUZOBA MURABAMENYA AMAHERA YACU NIYO YOBACA NTEMA ATARUSHA AGACIRO AMANYA RWANDA ABO BURYA BAHEMBWA MURWANDA.. BARI MW IPEREREZA ICO BARIKO BARAREREKA KIRIHO RUNGIKA IWABO NINGOGA...HAHAHAHAHA ABO DANGER!!!!
7 Myandagaro 2014, 19:54, par NDAYISABA ASMAN
ICONOSABA RETAYUBURUNDI NUKOYOFATA INGAMBAZOGUTUZA ABOBACANGERO BAKORERA RETAYURWANDA NTAWOMENYAKO ARUBURAYA BUBAZANAJEMBONAKO ARINDERETSI DUKURIREKO.
7 Myandagaro 2014, 22:33, par Sagamba
Ahaaaaaaa! Aba bakobwa bambaye gutyo mubona basanzwe! Oya nibabamirire kure kuko ivyabo ntawobimenya. Erega birateye isoni. Si abantu basanzwe. Abakobwa 17 bose wovuga ko bagenzwa n’iki? Ni ukudandaza imibiri gusa? Kandi burya si 17 hariho abandi batashoboye gufatwa. No mu zindi ntara nibarabe neza wosanga binyegejemwo.
8 Myandagaro 2014, 10:04, par BARIRWA FABIEN
BIRABABAJE IZOMARAYA ZAJE GUHONYA ABARUNDI NIMUDUKUREKO IYO MIGERA NTIZIDUSHUMWANYA WOGUKORA.
8 Myandagaro 2014, 11:22, par ejo niheza
abo bakobwa nibasubire iwabo murwanda kandi bakire yasu kuko haracari ivyizigiro ko bashobora kubabarirwa.
8 Myandagaro 2014, 14:00, par Zemera ryari
Hutu ryari uzopha wemeye icaha ?ngo ubutuzi bwimiryago bumerewe nabi/ngo basambura ingo zabantu??ariko maraya ikibi ciwe kirihe ??ko arimwe muta imiryango mukaja kumurondera!?ubutuzi nimwe mubumushira ,kandi ntacagusa kihari ?reka kumara marira kuri maraya ahubwo saze arimwe muri ba marAya
8 Myandagaro 2014, 14:08, par Tubirabe
Mbe ko batabatweretse mumaso tubamenye tubabonye tuzobatere ivyatsi.
8 Myandagaro 2014, 14:14, par Tubirabe
Ngendazi uvuzukuri nkukurima abo nabakozi ba DMI abari iburayi na Z,amerika aho iburundi tuzikwarabakeba niho bobura?
9 Myandagaro 2014, 12:01, par kiki
birateye isoni,birukane baje kubikorera iwabo
10 Myandagaro 2014, 16:30, par maxime
Kurivyo ndumva aruguhohotera agateka kazina muntu imana yonyene yavuze ko hari inzira2 umwe. Wese aca muyagomvye mbega ko tuzi. Ko mukarere kacu harubukene buzurinzara akazi kabuze bikomeye mugomba bicwe. Ninzara. Nino mumahanga turi abanyarwandakazi na bagandakazi bakora uwo mwuga nibeshi. Kandi uwo ubajije wese impamvu abikora inyishu nimwe ubukene nokura akazi ariko beshi bagiye babireka kuko bagiye babona ico. Bakora umuti rero leta nizibaronderere ico bakora
15 Rusama 2015, 07:35, par queen
Birateyisoni!vyukuri nibaje hamwe nabandi. Bagire nkishirahamwe hama babah’ubwobuzi!ck bonyene bavyigeko hama akazi bakihe vyose nimumutwe!sibose boronkubuzi bwa reta!banse naho bagumizemwo impembo zabo bazozibona,umugabo wumutima naw ntakwiye kuja murivyo,bazohahombera nyene!nibatahe riko!bareke kwononera abanyecibitoke!
22 Rusama 2015, 17:04, par Bavo
Bariko Bironderera Ubuzi Murabizinamwe Kubuzima Bugoye.
6 Ruhuhuma 2016, 08:41, par ROCKELO
nibabareke ntawe bafata kunguvu,nabagabo bijana,nabo ba police nibo babasambanya
17 Ruhuhuma 2016, 21:41, par JEROME NSANZAMAHORO
MANA WE TABARA ABANTU BAWE BIHIVYE KWIDANDAZA!! BAZOBONIBARA KUMUSI WURUBANZA
26 Ruhuhuma 2016, 07:18, par Jano Bango
Burya Barya Barungitswe Gukora Maneko Tukabita Abamalaya Kandi Bariko Barakwiza Igihugu Cose Inkotanyi Bashika Kwihoteri Bakayifata Yose Nubu Rero Nugusuzuma Cane Ahobacumbika Hose Kamenge Twarabirukanye Tubanj Kubakorerako
31 Ntwarante 2017, 23:57, par TYT YVXYVXXLSSTI
Nibabarekebidandarize!Boboboryiki? Eeee!!!Komucamubafata?Bosoromahe?