IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Igisata c’ingenzi kiriko kirisunga amategeko agenga umuryango wa (...)

Igisata c’ingenzi kiriko kirisunga amategeko agenga umuryango wa EAC

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, abahinguriro n’ingenzi buramaze guha ivyigwa abahinga barenga 10 bazofashanya n’abaserukira umuryango wa Afirika y’Ubuseruka EAC kugira hagirwe urutonde rw’amahoteri akwije amategeko y’akarere. Ibindi bizoshirwa ku rutonde n’ibibanza ndangakaranga.

Ivyo vyigwa vyo kugenzura ingene ibibanza kanaka vyubakwa ku buryo buhuye n’amategeko y’akarere k’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko vyatanzwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinhuriro n’ingenzi. Abahinga bagera kuri 14 nibo bahawe ivyo vyigwa kandi bararonse n’impapuro z’umutsindo.

Abahawe ivyo vyigwa bavuga ko ari ngirakamaro kuko baronse ubumenyi buhagije. Bamenyesheje ko bize ko ihoteri canke ikibanza ndangakaranga gitegerezwa kuba cubahirije isuku,ibidukikje,ikibanza gitunganije neza hamwe n’amagara meza ku bakozi. Ariko naho birui uko, bavuga ko ari bake kugira bakwire igihugu cose.

Ivyo vyigwa vyatanguye mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo umwaka uheze w ‘2012 gushika muri uku kwezi kwa Ruhuhuma uyumwaka w’2013. Ibikuru bikuru vyashimikiweko ni kuraba ko amahoteri n’ibibanza bitandukanye vyubakwa bikurije amategeko agenga amahoteri yo muri Afirika y’Ubuseruko EAC. Aho ni mu bisagara no hagati mu gihugu.

Ivyo biri mungingo y’115 yo mu matgeko agenga umuryango wa EAC. Ivuga ivyerekeye ingenzi n’ukwigisha abajejwe kubiraba no kubigenzura. Umushikiranganji w’ubudandaji n’ingenzi Victoire Ndikumana yavuze ko ari intambwe igira kabiri u Burundi bwinjiyemwo kugira bugire ikibanza kibereye mu muryango EAC. Yavuze kandi ko hariho amahoteri n’ibibanzandangakaranga vyinshi mu Burundi bikwije ibisabwa n’amategeko.
Yavuze kandi ko umuryango EAC ufise udutabo twinshi tuzotuma abo bahinga bakurikiranye inyigisho bazokoresha kugira barangure akazi kabo neza.

Yongeye amenyesha ko u Burundi buriko burakora ibishoboka vyose kugira buhurumbirwe n’ingenzi zo mu bindi bihugu vyose vya EAC. Ngo ingenzi zose zivye mu bindi bihugu zitegerezwa gusanga u Burundi bwitunganije neza.

Yarijeje abo bahinga ko bagiye kuba rurangiranwa mu makungu cane cane muri EAC kugira bazofashe gutunganya no kudondanura amahoteri n’ibibanza ndangakaranga bihuje amategeko y’ubuhinga bwa none.

Kw’ifoto:Bamwe mubariko baronswa impapuro z’umutsindo


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.