IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe itavuga rumwe na reta yanse kwisunga itegeko riyigenga

Imigambwe itavuga rumwe na reta yanse kwisunga itegeko riyigenga

jeudi 29 Munyonyo 2012

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarabonanye n’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi. Imigambwe 35 kuri 43 niyo ikwije ibisabwa n’amategeko. Iyitavuga rumwe na reta yavuze itazokwisunga itegeko rishasha riyiyigenga ryemejwe n’umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Eduard Nduwimana yaganiriye n’abaserukira imigambwe ivyerekeye gukwiza ivya nkenerwa bizwi n’amategeko. Na cane cane amategeko mashasha agenga imigambwe yose n’ayagenga imigambwe itavuga rumwe na reta gusa. Yibukije ko mu migambwe 43 iri mu Burundi, iyitarenga 35 ariyo ikwije ivya ngombwa. Yabahaye italike ntarengwa ukwezi kwa Ntwarante umwaka uza w’2013 kugira babe bakwije ibikenewe.

Iyo migambwe yaragirije ko ubutegetsi buyiburabuza mu bikorwa cane cane mu kubuza amanama kandi ariko karyo ko kurondera abanywanyi mu matora yo mwaka w’2015. Yagirije umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko nawe nyene abifisemwo uruhara, ko yemerera gusa umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Nduwimana yavuze ko wewe akurikiza amategeko gusa.

Itegeko rigenga imigambwe itavuga rumwe na reta ryarateye impari ariko ryarateweko umukono n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Imigambwe itavuga rumwe na reta imenyesha ko idashobora kwemera kwisunga iryo tegeko kuko ngo risubiza inyuma intwaro rusangi kandi ngo rinigira mumenshi iyo migambwe.
Abahinga mu vya politike mu Burundi bavuga ko itryo tegeko rije gutuma haba icuka kibi hagati ya reta n’abo batavuga rumwe kandi hasigaye igihe gito ngo habe amatora yo mu mwaka w’2015.

Ku bw’umuhinga Amani Conde yanonosoye ibijanye na politike yo muri Afirika, hariho igituma haguma hasubirwamwo itunganywa ry’imigambwe mu Burundi. Yabwiye ikinyamakuru Burundi–agnews ati’’ Murikino gihe isi iguma yegerana, birakenewe ko ibihugu nk’u Burundi bihagabira mu vyerekeye intwaro rusangi. Turabona ko amahinguriro mpuzamakungu iyo abonye ko inyungu z’ayo zidakingiwe mu bihugu bitandukanye, aca akoresha gushiraho imigwi igwana akayiha uburyo.

Hari n’igihe ayo mahinguriro aca ku mashirahamwe yigenga canke imigambwe kugira ngo inyungu z’ayo zikingirwe. Amategeko mashasha mu gisata ca politike mu Burundi rero aje muri iyo ntumbero yo gukingira reta y’u Burundi. Twarabonye ko inyuma y’amatora yo mu mwaka w’21010 habonetse akajagari. Imigambwe itavuga rumwe na reta isigaye ikomeye, aha umuntu yokwibaza iyo uburyo bw’amafaranga iyo migambwe ikoresha buva.

Rabira muri congo, hari intambara z’urutavanako kandi zishigikiwe n’amakungu naho batabivugira ahabona. Abatavuga rumwe na reta mu Burundi baragerageje nabo nyene gushinga imigwi y’abagwanyi biranka. nico gituma abategetsi bategerezwa guhagabira’’.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Eduard Nduwimana yaribukije imigambwe itavuga rumwe na reta ko urunani rw’ayo ADC-Ikibiri rutemewe n’amategeko kandi ko ata gikorwa na kimwe ruzotegura kizokwemererwa.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.