Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwi yahariwe abarundi baba hanze yarangiye bashitse kuki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Indwi yahariwe abarundi baba hanze yarangiye bashitse kuki

Indwi yahariwe abarundi baba hanze yarangiye bashitse kuki

mardi 5 Myandagaro 2014

Kuva mu migambi mito mito yo ku gatwe k’umuntu bakijukira imigambi minini iza iteza imbere igihugu, ni kimwe muvyo abarundi baba hanze bahora muri ya ndwi yabahariwe bemeranije mu manama bagiye bakorana.

Inyuma y’indwi yose bari mu biganiro i Bujumbura, ba barundi baba hanze hari ivyo bashoboye gushikako, nk’uko tubimenyeshwa na Japhet Legentil Ndayishimiye arongoye ishirahamwe AIDBU (Action Internationale pour la Diaspora Burundaise), umwe mu barundi baba hanze bitavye ivyo bikorwa. Avuga ko kabaye akaryo keza ko gushobora guhura, ndetse bagahurira ku kintu kimwe gusa, guteza imbere igihugu c’amavukiro.

Mu gihe basanze abarundi baba hanze baterera uburyo butari buke ku gihugu c’amavukiro, mu manama bagiye bagira, bagiye baremeranije ko bova mu migambi mito mito gusa yo kwikorana umuntu ku giti ciwe, ahubwo bakijukira n’imigambi minini ya rusangi. Ikindi bavuganye nk’uko Japhet Legentil abandanya abimenyesha, n’uko biyemeje guteza imbere amashirahamwe y’abarundi mu budasa bwabo. Abo barundi nyene basavye ko ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwobandanya butegura uko umwaka utashe iryo huriro, ariko basavye ko bwoza buraritegurana n’abarundi baba hanze.

JPEG - 35.4 ko
Japhet Legentil Ndayishimiye arongoye ishirahamwe AIDBU (Action Internationale pour la Diaspora Burundaise)

Inyuma y’urugendo abo barundi bakoze mu gihugu hagati, basavye ko Reta yokwongereza cane ibibanza vy’iratiro kugira ingenzi zibihurumbire. Mu gihe ku munsi wa gatandatu naho wari umunsi mukuru wahariwe amakomine, abamusitanteri batari bake basavye abo barundi baba hanze, ko uburyo baterera igihugu bokwiyumvira no kuza baraterera cane amakomine bavukamwo.

Tubamenyeshe ko iyo ndwi yahariwe abarundi baba hanze yarangiye kuwa 2 Myandagaro. Ariko tukabibutsa ko iryo huriro naho ryabaye ritabonwa kumwe na bamwe mu barundi baba hanze, akarorero n’amashirahamwe atandatu y’abarundi baba hanze atitavye ivyo bikorwa. Mw’itangazo bari basohoye, bavuga ko bakumiriwe, ndetse bavuze ko iryo huriro atari iry’abarundi baba hanze, ahubwo ko ari abarundi baba hanze bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD. Mbere abo barundi bari bamenyesheje ko nikizovamwo batazocemera kuko kitazoba kibaraba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.