IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Iratwa ry’imibereho y’abatwa i Bujumbura na Club Karibu

Iratwa ry’imibereho y’abatwa i Bujumbura na Club Karibu

samedi 13 Ndamukiza 2013

Ku mugoroba wuyu wa gatanu twaraye turangije, abatwa baje baserukiye abandi baraje ku menyekanisha ubuzima babayemwo mu kigo ca IFB (hahoze hiwa “Ikigo ndangakaranga c’Abafaransa”). Imbere yaho baribabanje guca gusigurira abanyeshuri b’ishure ry’abafaransa ry’i Bujumbura.

JPEG - 63.5 ko

Uwo mugoroba wari watunganijwe n’ishirahamwe ry’ivyingezi n’akaranga ryitwa Club Karibu. Watanguye n’ugusigura imirimo itatu mikuru ya minsi yose abatwa bakora. Iyo nayo ni ugucura, ukubumba hamwe no kubaza utugenegene. Barashikiriza ivyerekeye ubuzima. Inyuma yaho haciye haba ikiyago hagati y’abatwa nabari ngaho. Bamwe mu baraho barabajije ibibazo barishurwa bongera baranaterera ivyiyumviro.

Abo batwa bo muri komine Bukeye mu ntara ya Muramvya ntibasize inyuma kwerekana imico imwe imwe yabo. Barashira mu gahogo baravyina baratamba baratarika intambo zabo nkuko babikora kenshi mu buzima bwabo bwa minsi yose.

JPEG - 67.3 ko

Barongeye barerekana ubuhinga bakoresha kugira babumbe inkono. Muri uko kubumba, ntibasize inyuma imvyino n’intambo biherekeza uwo murimo. Abaraho baregereye barirabira imbona nkubone uko babumba inkono n’ubuhinga abo bwatwa bakoresha.

Ishirahamwe Club Karibu ryatunganije uwo munsi ryamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’ivyo bikorwa ari ugushira ahabona ubuzima budashemeye abatwa muri rusangi babayemwo. Petero Karaveri Gatogoto ajejwe ku munyesha amakuru muriryo shirahamwe yagize ati: “Twagomvye guhamagarira abategetsi biteho gusumba ukwubahiriza amateka y’ abatwa, bafatwe nk’abandi barundi bose” . Yarongeyeko kandi ko bashatse gushira ahabona ubuzima abatwa babayemwo na none no kurata ibikorwa bakora. Yarangije atera akamo Leta ngo yiteho uwo murwi muto w’abenegihugu usa nuwukunzwe kwibagirwa, asaba kandi ko Leta yoronsa amatongo abatwa, ikabahimiriza kwiga. Kuko kubwa Gatogoto, abatwa bazi ubuhinga butari buke kandi batize.

Uwo mugoroba wasozerewe nigurishwa ry’ibintu vyakozwe n’abo batwa. Aha twovuga nk’ibimito bikwikije ibiti, inkoni zifise amasonga y’amacumu, inkono eka n’utundi tugenegene twahinguwe nabo batwa. Icibonekeje naco uwo mugoroba witabwe n’abanyamahanga nko kubice 90 kw’100 vyabari ngaho.

JPEG - 22.1 ko
JPEG - 28.3 ko

Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.