IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Umurwi ndangakaranga w’Abagumyabanga urarumije imyaka 11

Umurwi ndangakaranga w’Abagumyabanga urarumije imyaka 11

mardi 23 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe ndangakaranga ryitwa Abagumyabanga atari Abagumyabanga bo mu murwi wa politike,ryiyemeje guteza imbere imico kama y’i Burundi.

Iryo shirahamwe ryatanguye mu mwaka w’2002 n’urwaruka rw’aba Scout bo mu ntara kama ya kirimiro( Gitega) ,mu ntumbero yo kurera urwaruka ribicishije mu mico n’imigenzo y’abarundi , ivyo bika bibonekera mu mvyino n’intambo na cane cane mu murisho w’ingoma.

JPEG - 43.1 ko

Nkuko twabibwiwe n’umwe mu nararibonye z’umurwi ndangakaranga z’abagumyabanga umushingantahe Hatangimana Yeremiya, avugako iryo shirahamwe rigeze muntara icenda z’igihugu nazo ni:Bujumbura,Ngozi,Gitega,Muyinga, Kirundo, Cankuzo, Mwaro,Bururi na Cibitoke riteza imbere iyo ntumbero ryihaye,bakaba muri iki gihe bariko bitegurira kuja mu ntara ya Ruyigi.

Biraboneka ko urwaruka rukunda cane uwo murwi ndetse n’abakuze bakaba atari bake, ninabo bazana nk’indamukanyo za kera nka « Gira so, gira izina, gira iyo uva n’iyo uja ,gira irembo n’impfizi» kandi « igiti kigororwa kikiri gito » bitayeko ngo « inkoni uzokwishimikiza mu busaza uyica ukiri muto ».

JPEG - 32.7 ko

Umurwi ndangakaranga urigisha ugaha umunezero abarorerezi mu biteramo vyabo bitandukanye na cane cane umudiho kama uri mu ntambo n’imvyino zinyuranye kama z’abarundi.

Umurwi ndangakaranga w’Abagumyabanga umaze gukora album zishika zitandatu aho twovuga album « Zimana umuntu ni uwundi »na « Ndabira uwarirariye » album zamenyekanye cane mu Burundi no mu makungu.

JPEG - 23 ko

Mu ntumbero yo gukomeza ubucuti n’ibihugu bibanyi ,baratuganije igiteramo hamwe n’umurwi Inganzo ngali z ‘Urwanda, n’ibiteramo binyuranye mu karere. Uyo murwi ukaba umaze gutahukana intinzi mu mahiganwa atandukanye mu Burundi eka no mu makungu.

N’umurwi ukundwa cane kuko abagira imanza zitandukanye barabasaba ko boja guteramisha abashitsi babo,eka ndetse n’abashitsi biteka bagendeye i Gihugu,bakaba aribo baja kubakira no ku bateramisha..

Vuba mu kwezi kwa Rusama rikaba rigiye gutunganya indwi yahariwe akaranga mu ntumbero yo guhimbaza imyaka icumi n’umwe rimaze, ryemerewe gukora mu gihugu,hakaba harateguwe ibikorwa vyinshi bizokorwa,mu ntumbero yo kwigina iyo yubire.

JPEG - 20.8 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.