IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Jean-Baptiste Alaize,umunonotsi w’umurundi agendana ubumuga yaratashe mu (...)

Jean-Baptiste Alaize,umunonotsi w’umurundi agendana ubumuga yaratashe mu gihugu

samedi 9 Ntwarante 2013

Jean-Baptiste Alaize ni umunonotsi w’umufaransa ariko yamuka mu gihugu c’Uburundi,kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Ntwarante niho yatahuka mu gihugu c’amavukiro inyuma y’imyaka 16 akivuyemwo.

None Jean -Baptiste Alaize ninde muri make?

JPEG - 9.8 ko

Jean Baptiste Alaize yavukiye mu Burundi igenekerezo rya 10 Rusama 1991,imbere gato yuko intambara yabaye mu Burundi itangura.

Ku myaka itatu y’amavuko,intambara nawe yaramukozeko bica biba ngombwa ko acirwa ukuguru kumwe.

Yashitse mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 1998 kugirango afashwe, aca arerwa n’uwundi muryango wo mu gisagara ca Montelimar mu gihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 16.2 ko

Muri kino gihe Alaize yiruka afise ukuguru kumwe kwiwe kw’ibubanfu, mu gihe ukuguru kw’iburyo ari ukwakozwe (Prothese).

Ubu ni umunonotsi yiruka ku kirere c’imetero 100 n’imetero 200 agasimba n’urukiramende,yaritavye kandi amahiganwa yo kunonora imitsi yabereye mu gihugu c’Ubwongereza mu ci ry’umwaka uheze wa 2012.

Alaize yatwaye ibikombe incuro zine mu gusimba urukiramende, mu mahiganwa y’abanonotsi badashikana imyaka 23 y’amavuko.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.