IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Umukuru w’igihugu yoba yemeye kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu

Umukuru w’igihugu yoba yemeye kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Abarundi bo mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Amakuru avugwa, n’uko Petero Nkurunziza yoba yemeye, aho ari mu rugendo mu gihugu c’Ububirigi, ko atazokwitoza.

Inyuma y’imyiyerekano y’abarundi bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’iy’abarundi bo muri Canada, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abo mu gihugu c’Ububirigi bagiriye imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo ishiramwe ry’ubumwe bwa buraya. Mu vyandiko abari mu myiyerekano bari bitwaje, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yovavanura n’ukwitoza mu kiringo ca gatatu c’ukurongora Uburundi, kubera vyoba biciye kubiri n’amasezerano ya Arusha avuga ko ikiringo c’ugutwara igihugu c’Uburundi kidashobora kurenga imyaka cumi. Muri iyo myiyerekano, abo barundi bo mu bubirigi n’ibindi bihugu basavye ko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwokwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, kandi buhagarike ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

JPEG - 347.1 ko
Imyiyerekano y’abarundi mu gihugu c’Ububirigi

Ntawuramenya namba umukuru w’igihugu yoba yumvise akamo k’abarundi bo mu makungu, hamwe n’abo mu gihugu. N’aho ata mutegetsi aravyemeza, amakuru ariko aravugwa, n’uko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu rugendo arimwo, yoba yiyemereye ko atazosubira kwitoza mu kiringo ca gatatu. Ayo makuru amenyesha ko Petero Nkurunziza yoba yemeye ko umugambwe CNDD FDD uzoserukirwa n’uwundi munyamugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Messages

  • okay niba arivyo vyoba ari vyiza canee ... sinzi ngira abo muri ADC ikibiri boca biruhutsa ... ariko batsinzwe nukuri vyontangaza cane... ayomakuru muyatohoze neza hanyuma mwandike inkuru yukuri atari ibihuha ....

  • Iyo ni poisson d’Avril.

  • Nyakwubahwa, NKURU gira impundu n’impuzu.urakoze kudadanura ivyadaditswe n’uwigize umuvugizi wawe atavyo wamutumye(gwarudo NDUWI). Yari yakugaye yibaza ngo uri sourd-muet. KOMERA MUTAMA WACU

  • Nyakwubahwa, NKURU gira impundu n’impuzu.urakoze kudadanura ivyadaditswe n’uwigize umuvugizi wawe atavyo wamutumye(gwarudo NDUWI). Yari yakugaye yibaza ngo uri sourd-muet. KOMERA MUTAMA WACU

  • Yashoboye kubona ko ataco yamariye Uburundi n’abarundi. C’est peut être le début de la fin du CNDD FDD

  • Ivy’uburundi turabimenyereye, nivyo tuzovyemera avyikuriye mu kanwa kiwe.

  • ni ububeshi nabitohoje ntavyo yavuze kandi mube mwandika ivyo mwatohoje apana ibihuha.

  • wirambire.mutamankurunziza.birazwiko.arakagwikabantubakeya.batoberanubutegetsi.arikokubwawentakabikawe.ubumushinngantahe.urabeko.uzoburicubahiro.arikukadadaza?sinoguhendanumwanayokugaya.kandindakubwirebibiriyavugango.umntu.ntakwiyegucumuzwanakamanyukumutsima.icogihugu.nikokamanyukumutsima.nibizokwirikira.uzogumewerekana.ubushingantahe.kandintacobazokugira

  • Imana ihezagire umukuru wigihugu yashimye ko Ukuri(umuco)utsinda ububeshi(umwijima)

  • Tubwire ikinyamakuru canke radio yabivugiyeko kugira tuvyemere kuko benshi ivyo bemera bari hanze bageze mugihugu bavuga ibindi.muzompinyuza kuko nimba yarindiriye kwurira indege kugira abishikirize mugihugu huzuye ama radio muzobimubaze ashitse mwumve ko atabihakana

  • Basha nimba yavyemeye yoba yishubije umutamana kirazira gufuta ibwirizwa shingiro ryagarukanye Amahoro mugihugu aho yobatazokwitoza vyopfuma turindire

  • koyemeye koatazotwara ikiringo cagatatu agiyeye kuzoba imuhuza koko nkuko yamye azohora abangabanganwa na Buyoya Mumakunguabagenzi numutima vya muhanuye neza Imana Imuhezagire

  • N’ukuri nkurunziza yitojeje ubugira gatatu yoba agineza arik bidakunda naho yoreka hakitoza abandi kuko naho atokwitoza umugambwe wiwie utegerezwa gutsinda!!!!!!

  • Ndamushimiye cane ariko nimba vyukuri yemeye kutazokwitoza bamuhe abamucungera atari barya bari mugambwe umwe kuko barashobora kumugirira nabi kuko murundi ntakabi kiwe ahubwo akoresha amakosa nabo bari kumwe nayo we niyirambire.

  • Ashiiiiiiiiiiiiiiiiiii turiruhukize abarundi. Kubona umukuru w,igihugu atagovye kuzana nosence mu gihugu

  • Murugendo Ubuserukizi Bwo Muri Amerika Ivyo Bavuganye

  • Murugendo Ubuserukizi Bwo Muri Amerika Ivyo Bavuganye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.